Papa Leo yatanguye urugendo muri Cameroun, vyitezwe ko atanga ubutumwa bw’amahoro
Papa Leo arashika muri Cameroun uyu musi mu gice ca kabiri c’urugendo rwiwe muri Afrika. Yatanguye uru rugendo mu gihugu ca Algeria, aho yabahamagariye kugira ibiganiro hagati y’amadini no kubabarirana.
Urugendo rwiwe muri Cameroun ruzorangwa cane n'imisa kizobera i Bamenda, igisagara kiri hagati y'intambara mu turere tubiri tw'ico gihugu tuvuga ururimi rw'icongereza.
Papa Leo azomara imisi itatu muri Cameroun, abonana n'abategetsi ba leta n'abarongozi b'amadini, agendere ikigo c'impfuvyi n'ibitaro, yongere arongore imisa myinshi.
Uru rugendo rwiwe ruje mu gihe ico gihugu kiriko kirahangana n’intambara imaze hafi imyaka icumi mu turere tubiri dukoresha icongereza.
Mu gisagara ca Bamenda kirimwo amatati menshi, Papa yitezwe gutanga ubutumwa bukomeye bw’amahoro n'ugusubiza hamwe.
Kuva iyo ntambara yadutse mu 2017, Ekleziya Katolika yasavye incuro nyinshi ko habaho ibiganiro no gutorera umuti iyo ntambara mu mahoro.
Ingingo ya Papa Fransisiko yo kuyobora imisa i Bamenda ibonwa nk'ikimenyetso c'icizigiro kandi ishobora kuba intambwe igana ku gusubira mu buzima busanzwe.
Imbere y’uko uru rugendo rutangura, abarwanyi b'abashaka kwiyonkora mu turere bavuga ururimi rw'icongereza bamenyesheje ko batanze agahengwe k'iminsi itatu kugira abasenga bashobore kwitaba imisa ya Papa.
Izindi nkuru wosoma: