Pierre-Emerick Aubameyang: uyu kizigenza wa Arsenal ‘azoguzwa ibitagenda’

Uyu mu ya Gabon "azoguzwa ibitagenda" ariko kandi umumenyereza Mikel Arteta aripfuza "kunagura umurwi wiwe ushingiye kuri we" - ikibazo kukaba ari ukumenya nimba uyu kizigenza, Pierre-Emerick Aubameyang, azobandanya akinira Arsenal.

Uyu musatirizi yinjirije Arsenal ibitsindo bibiri vyose nijoro, aho yaraye yirahiye Chelsea mu rukino rwa nyuma rw'igikombe ca FA - intsinzi yatumye Arsenal ironka uburenganzira bwo kuzokina ihiganwa rya Europa League.

Aubameyang abaye umukinyi agize gatanu mu mateka y'uyu murwi yinjije ibitsindo bibiri canke birenga mu rukino rw'igikombe ku kibuga ca Wembley, akaba ahambije uwundi musatirizi w'uyo murwi, Ian Wright.

Abafana baramukunda, umumenyereza aramukunda …ariko mu gihe hasigaye umwaka umwe gusa ngo amasezerano afitaniye n'uyo murwi arangire, ubwo uyo munya Gabon ntiyoba akinye urukino rwanyuma n'uyo murwi?

Asatiriwe mu bibazo ku bijanye na kazoza k'uyu musatirizi, Arteta yishuye ko yibaza y'uko Aubameyang azobandanya akinira Arsenal.

Arteta yabwiye BBC One ati: "Arazi neza ico ndamwibazako. Ndipfuza kwubakira umurwi kuri we. Ndizaba ko yipfuza kugumana natwe, igisigaye conyene kukaba ari gushika ku masezerano".

"Ndibaza ko ibibaye bizomufasha kubona no kwizera ko turi mu nzira nziza kandi ko afise uruhara ruhambaye. Nta muntu n'umwe mu murwi atamukunda. Ndizeye ko azobandanya ari kumwe natwe".

Ariko Aubameyang ntiyashatse kuvuga vyinshi.

Yishuye ko ata kintu yari afise avuga imbere y'uko aterura igikombe.

Ahagati aho, bagenziwe Rob Holding hamwe n'umunyegori Emiliano Martinez yariko akorora amosozi kubera umunezero, bompi bashimagije cane kizigenza wabo.

Holding ati: "Aubameyang asa nk'aho yama yiteguye gukora akantu igihe cose mu nkino zose. Niwe mushinge wacu kandi yaravyerekanye muri rino higanwa ryose".

Akorora amosozi urukino ruheze, Martinez yavuze ati: "Imbere y'uko urukino rutangura, namubwiye nti, ni wewe tuzeyeko intsinzi".

Aubameyang yabanje gutsinda igitsindo ca penalty co kunganya ku munota wa 28, abanza gukurayo ideni ry'igitsindo kimwe bari batewe n'umunyamerika Christian Pulisic wa Chelsea mu minota ya mbere y'urukino.

Ariko rero, igitsindo ca kabiri nico cabaye rurangiranwa, canatumye uwahoze ari umukinyi mpuzamakungu w'u Bwongereza Danny Murphy avuga ati "Aubameyang ni umukinyi wo ku rwego rw'isi".

Murphy ati: "Iki gitsindo ca Pierre-Emerick Aubameyang ni ukuri ni ic'ubuhinga. Uno munsi rero niho tubonye neza igituma ari nkenerwa ko Arsenal yokora ibishoboka vyose ikamugumana. Ni ukuri atari igitsindo ciza, ciza cane!".

Eka na Chris Sutton yahoze ari umukinyi wa Blackburn yabwiye BBC Radio Live ati: "Aubameyang azoguzwa ibitagenda kugira asubirizwe. Ibitagenda n'ukuri! Biraboneka neza igituma Arsenal ishaka kumugumana".

"Ni umuhinga nyawe uravye ingene yazungurutse Kurt Zouma agatsinda Willy Caballero amurovye. Ni kimwe mu bitsindo bikomeye - igikorwa c'ubuhinga budasanzwe. Birababaje kubona Wembley ata bafana bai mu kibuga".

Alan Shearer nawe yahoze ari kizigenza wa Newcastle yavuze ati ni ukuri Aubameyang "yaturyoheye".

Aubameyang abaye umukinyi agize kabiri wa Arsenal atsindiye uyo murwi ibitsindo bibiri mu rukino rwa nyuma rwa FA, inyuma ya Reg Lewis mu 1950.

Ku myaka 31 n'iminsi 44, Aubameyang niwe mukinyi agize kabiri afise imyaka myinshi atsindiye Arsenal mu nkino z'igikombe ca FA, inyuma ya Robert John mu 1932 igihe yari afise imyaka 33 n'iminsi 80.