Raheem Sterling asaba ko ubwoko bw'inkehwa buserukirwa mu bamenyereza n'abarongozi ba FA

Raheem Sterling, umukinyi rurangiranwa w'umurwi Manchester City be na nserukiragihugu w'u Bwongereza avuga ko mu gihe abirabure bataragira ikibanza gikwiye mu mupira w'amaguru urugamba rwo kurwanya ivangura ataho ruzoshika.

Avuze ivyo inyuma y'urupfu rw'umunyamerika w'umwirabure George Floyd rwatumye no mu Bwongereza abantu ibihumbi n'ibihumbi biha amabarabara mu myiyerekano yo kwiyamiriza ivanguramoko.

Sterling avuga ati: "Imyiyerekano ni intango ikomeye kugira ngo akamo kawe kumvirwe".

"Ariko kwiha amabarabara vyonyene ntibihagije kugira ngo muri kino gihugu habe ihinduka".

Avugana na BBC mu kiganiro Newsnight, uyo mukinyi w'imyaka 25 yongeyeko ati: "Vyose bivana n'ingene tuvyifashemwo kuva ubu".

"Ikintu nyamukuru ni ugushira ibintu ku mugaragaro, ihinduka rikenewe mu gihugu, hanyuma rero tugakora kugira ngo ribe. Twavugije induru kuva kera, ubu hageze aho tubishira mu ngiro".

Sterling avuga ko ari nkenerwa ko Abirabure, Abanyaziya hamwe n'izindi nkehwa baserukirwa bikwiye mu nzego nyobozi no mu nzego z'abamenyereza mu mupira w'amaguru mu Bwongereza.

Avuga ko n'abahoze ari abakinyi muri uyo murwi nabo boronswa ku rugero rungana ikibanza muri ico gisata.

Agira ikigereranyo ku bahoze ari abakinyi b'u Bwongereza ingene bahawe akaryo ko kumenyereza: Frank Lampard amenyereza Chelsea, Steve Gerard amenyereza Rangers abo bakaba ari abazungu, hamwe n'abirabure Sol Campbell na Ashley Cole.

Uyu mukinyi yabaye icugazo c'umurwi Arsenal, Sol Campbell yabaye umumenyereza w'imirwi yo mu vyicaro vyo hasi, Macclesfield na Southend imirwi itanazwi.

Mugenziwe Ashley Cole bakinanye muri Arsenal yagenywe kumenyereza umurwi w'abana bari musi y'imyaka 15 ba Chelsea aho ahagarikiye gukina.

Sterling avuga ati: "Abamenyereza dufise mu mupira w'amaguru: hari Steven Gerrard, ng'uyo Frank Lampard, ng'abo Sol Campbells na Ashley Cole. Bose bari abakinyi rurangiranwa, kandi barakiniye umurwi nserukiragihugu w'u Bwongereza".

"Kandi rero bose, bararonkejwe inyigisho zo gushobora kumenyereza ku rwego rwo hejuru, ariko abataronkejwe akaryo nyako ko kuba abamenyereza ni abo birabure".

"Ihinduka rikomeye, ni uko abantu bokwubahuka kuvuga mu nama nshingamateka, mu nzego zirongoye imirwi y'umupira w'amaguru mu gihugu, inzego zirongoye umurwi nserukiragihugu, kugira ngo habe impinduka zotanga akaryo ko kuba abamenyereza, atari ku birabure gusa, ariko no ku zindi nkehwa".

"Guha akaryo nyako, atari abamenyereza gusa b'abirabure, ariko n'abo bose bakora no mu bindi bisata. Nibaza ko ari co kibuze hano, si ukuja mw'ibarabara gusa, ni no guha abantu ivyo bafitiye uburenganzira".

"Mw'ihiganwa rya Premier League, turi hafi abakinyi 500 kandi ica gatatu c'abo ni abirabure mu gihe atabo dufise baduserukira mu nzego, nta n'abo dufise baduserukira mu bamenyereza".

"Nta bantu benshi mushobora kwunga imigenderanire ya hafi kugira ngo muganire muhuza".

Mu 2018, ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza, FA , ryamenyesheje ko ibice 5% mu nzego hamwe na 13 % mu bamenyereza vyari bigizwe n'abakozi b'abirabure, abanyaziya n'izindi nkehwa.

Mu mugambi wo kurwanya ubusumbasumbane, FA itegura ko uwo murwi woba userukirwa ku bice 11% mu nzego nyobozi, hamwe na 20% mu nzego z'abamenyereza gushika mu 2021.