Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mu mupira w’amaguru kuwa gatanu 02/08/2019: Pépé, Sane, Maguire, Dybala, Fernandes, Otamendi
Arsenal yaguze umukinyi w'umunya Côte d'Ivoire Nicolas Pépé yahora akinira Lille, ku giciro kitari bwabeho muri uyo murwi. Uyo mukinyi w'imbere yateye igikumu ku masezerano y'imyaka itanu azomara akinira uyo murwi.
Pépé yinjirije Lille ibitsindo 35 mu nkino 74, akaba yari yinjiye muri uwo murwi mu 2017 avuye muri Angers.
Mw'ihiganwa ry'umwaka uheze wa 2018/2019 mu Bufaransa, Kylian Mbappe niwe wenyene yashoboye gusumvya Pépé mu bitsindo no mu gufahsa gutsinda.
Abaye umukinyi agize kane aguzwe amafaranga menshi mu mateka y'ihiganwa ry'Ubwongereza Premier League, inyuma y'abakinyi ba Manchester United Paul Pogba (ku miliyoni 89) na Romelu Lukaku (ku miliyoni 75), hamwe n'umukinyi w'inyuma wa Liverpool, Virgil van Dijk (ku miliyoni 75).
Manchester City yanse imiliyoni 72 z'amapawundi yari yatanzwe na Bayern Munich ku mukinyi w'imbere Leroy Sane, umudagi w'imyaka 23. (Metro)
City ishaka imiliyoni 137 z'amapawundi kugira igurishe Sane ari nka hamwe itosinyiranira nawe ayandi masezerano mu gihe ayasanzweho azorangira mu kwa gatandatu umwaka wa 2021. (Telegraph)
Manchester United iriko ikora hasi hejuru kugira ngo ishobore gushika ku masezerano n'abafasha b'umukinyi w'imbere w'umunya Argentine, Paulo Dybala w'imyaka 25 asanzwe akinira Juventus, bipfuza kumuguza n'umusatirizi w'umubirigi Romelu Lukaku w'imyaka 26. (Independent)
Umukinyi w'inyuma w'umwongereza Harry Maguire w'imyaka 26, ntiyashizwe ku rutonde rw'abakinyi ba Leicester bitezwe guhangana na Atalanta kuri uyu wa gatanu bitewe n'igipfungu kiri kuri kazoza kiwe, mu gihe uyo murwi ubwira Manchester United ko itegerezwa gutanga imiliyoni 90 z'amapawundi nimba yipfuza kuronka uyo mukinyi. (Telegraph)
Gushika ubu, Manchester United itanga imiliyoni 80 kuri Maguire, mu gihe uyo murwi witeze guhosora amahera arenga imiliyoni 150 z'amapawundi imbere y'uko ikiringo c'igura n'igurisha ry'abakinyi kirangira. (Independent)
Manchester United yatakaje amahirwe y'ukugura umukinyi w'imbere wa Juventus, Moise Kean w'imyaka 19, akaryo keza k'umurwi Everton ko gushobora kugura uyo mukinyi. (90min)
Liverpool iriko yihweza ingene yogura umukinyi w'umunya Guinea, Francois Kamano w'imyaka 23 asanzwe akinira Bordeaux, ikaba yipfuza kumutangako imiliyoni 20 z'amapawundi. (Sun)
Tottenham iriko yihweza ingene yogura umukinyi wo hagati w'umunya Portugal, Bruno Fernandes w'imyaka 24 mu kibanza ca Giovani Lo Celso w'imyaka 23 asanzwe akina muri Real Betis. (Evening Standard)
Betis imaze kwanka incuro nyinshi amahera atangwa na Tottenham kuri uyo mukinyi wa Argentine, Lo Celso. (SevillaABC)
Umukinyi w'inyuma wa Argentine, Nicolas Otamendi w'imyaka 31 aripfuza kubandanya akinira Manchester City n'aho hari amakuru avuga ko ashobora kuva muri uyo murwi. (Sun)
Newcastle iri hafi y'ukugura umukinyi w'umufaransa akina ku ruhande, Allan Saint-Maximin w'imyaka 22, asanzwe akina muri Nice, igiciro ciwe kikaba ari imiliyoni 16,5 z'amapawundi. (Talksport)
Umukinyi w'umunya Brezili Dani Alves akina inyuma ku ruhande rw'iburyo, ari hafi yo kwinjira mu murwi Sao Polo. Uyo mukinyi w'imyaka 36 aridegemvya inyuma y'aho aviriye muri Paris St-Germain. (Goal)
Crystal Palace yatanguye kuvugana n'umurwi Cardiff City ku bijanye n'umukinyi w'umunya Espanye wa Real Betis Victor Camarasa w'imyaka 25, yamaze umwaka w'inkino uheze akina muri Cardiff aho yari yaratijijwe. (Wales Online)