Ayavugwa mu mupira w’amaguru kuri uyu wa kane 01/08/201: Dybala, Pepe, Coutinho, Rugani, Koscielny, Sane

Manchester United irabandanya yihweza ingene yoronka umunya Argentine Paulo Dybala, w'imyaka 25, yitezwe gushika muri iyi ndwi mu murwi Juventus asanzwe akinamwo kugira avugane nawo kuri kazoza kiwe. (Manchester Evening News)

Dybala yabwiye Manchester ko itegerezwa kumuha umushahara ungana n'ibihumbi 350 vy'ama pawundi mu gihe yoba imwipfuza. (Mail)

Umukuru w'umurwi Lille wo mu Bufaransa, Gerard Lopez, aremeza ko umukinyi wa Côte d'Ivoire Nicolas Pépé w'imyaka 24 azogurishwa muri Arsenal ku miliyoni 80 z'ama euro (angana na pawundi 73). (RMC Sport - in French)

Umurwi Napoli uriteguye gutanga imiliyoni 60 z'amapawundi ku mukinyi wa Côte d'Ivoire Wilfried Zaha asanzwe akina muri Crystal Palace, inyuma y'aho vyankiye ko uronka umukinyi Pepe. (Mail)

Umurwi Barcelona uripfuza kugurisha umukinyi wo hagati w'umunya Brezili, Philippe Coutinho w'imyaka 27, ariko ingorane ukaba utarabona umurwi umurondera. (ESPN)

Everton iriko ikora hasi hejuru kugira ngo ironke umukinyi w'umunya Côte d'Ivoire, Jean-Phillipe Gbamin w'imyaka 23, asanzwe akina mu murwi Mainz. (Liverpool Echo)

Arsenal iriko irarondera ko yotizwa mu kiringo c'imyaka ibiri umukinyi w'inyuma w'umutaliyano Daniele Rugani w'imyaka 25 asanzwe akina mu murwi Juventus. (Gazzetta dello Sport, via Sun)

Kizigenza w'umurwi Arsenal, umufaransa Laurent Koscielny w'imyaka 33, aracahagaze ku cipfuzo ciwe co kugenda n'aho hari ibiganiro hagati yiwe n'uyo murwi. (Independent)

Arsenal iriteguye muri rino ci kugurisha umukinyi w'inyuma, umudagi Shkodran Mustafi w'imyaka 27, ariko umurwi Roma umurondera ukaba utaramusaba. (Romanews, via Star)

Uwujejwe ukwinonora imitsi mu murwi Bayern Munich usanzwe ufise igikombe c'Ubudagi, Hasan Salihamidzic, avuga ko Manchester City ikwiye gusabwa imbabazi inyuma y'aho umumenyereza Niko Kovac atangarije ko uyo murwi wari witguye kugura umukinyi Leroy Sane, umudagi w'imyaka 23. (Sport Bild - in German)

Ubu rero uwo murwi wanditse umenyesha ko wipfuza kugura Sane, ukaba mbere wanamushikirije urwandiko rumwereka ibijanye n'ivyo Bayern yipfuza kuri uyo mukinyi. (Bild+)

Umurwi Zenit St Petersburg witeze gutangaza ko waguze umukinyi wo kuruhande wa, Barcelona, umunya Brezili Malcolm w'imyaka 22, inyuma y'aho iyo mirwi yompi yumvikanye ku kiguzi cimiliyoni hafi 36,5 y'amapawundi. (Goal)

Manchester United iriteguye guhangana na Barcelona muri rino ci mu kurondera umukinyi w'imbere w'umufaransa Isaac Lihadji w'imyaka 17. (La Provence, via Mail)

Manchester United yashitse ku masezerano y'ugushobora kugura umukinyi wo hagati muri Monaco, umufaransa Hannibal Mejbri w'imyaka 16, ku giciro c'imiliyoni icenda z'amapawundi. (Mail)

Everton ni umwe mu mirwi isanzwe iriko irondera ko yotizwa umukinyi w'inyuma wa Chelsea, Fikayo Tomori w'imyaka 2. (Evening Standard)

Marco Verratti asanzwe akinana na Neymar mu murwi Paris St-Germain avuga ko uyo murwi ukwiye kugurisha uyo mukinyi mugenziwe w'umunya Brezili w'imyaka 27 mu gihe vyoboneka ko atipfuza kubandanya awukinira, n'aho umumenyereza wawo Thomas Tuchel yipfuza ko Neymar aguma muri uwo murwi. (Express)

Uwahoze ari umukinyi w'inyuma wa Barcelona, Carles Puyol w'imyaka 41, avuga ko umurwi Real Madrid wamurondeye incuro zibiri zose ariko akanka. (AS in Spanish)

Umumenyereza w'umurwi Rangers, Steven Gerrard, aremeza ko utwigoro tw'ukurondera umukinyi wo ku ruhande wa Liverpool Ryan Kent w'imyaka 22 ataco twashitseko kandi ko udafise ubushobozi bwo gushobora kumugura burundu. (Daily Record)

Biragaragara ko umukinyi Danny Drinkwater yiteguye kuguma muri Chelsea mw'ihiganwa ryimirije mu gihe uyo mukinyi w'imyaka 29 atararonka umurwi umwipfuza. (Evening Standard)