Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
PSG iratahanye Gueye kuri £30m
Uyu mukinyi wo hagati wa Everton yahoze muri Aston Villa, aho yahavuye aguzwe muliyoni indwi mu 2016.
Yahawe na PSG amasezerano y'imyaka ine, akaba yashimiye abafana ba Everton aciye ku rubuga rwiwe rwa Instagram.
Yijeje abamukurikira kuzokora ibishoboka vyose akerekana ko icizere yagiriwe agikwiye.
Kandi ngo azogerageza kurondera ikibanza ciza muri uwo mugwi wa PSG avuga ko ushoboye cane.