Arjen Robben ku myaka 35 yasezeye gukina umupira

Arjen Robben wahoze ari umukinnyi wa Bayern Munich na Chelsea yasezeye ku gukina umupira w'amaguru ku myaka 35.

Uyu mukinnyi wakiniraga ikipe y'igihugu y'Ubuholandi, amasezerano ye mu ikipe ya Bayern yarangiye mu kwezi gushize kwa gatandatu, umwaka ushize w'imikino yibasiwe cyane n'imvune.

Robben yanakiniye amakipe ya Real Madrid na PSV, umupira yawutangiriye mu ikipe yo mu gihugu cye yitwa FC Groningen mu myaka 19 ishize.

Yatwaye ibikombe muri buri kipe yakinnyemo, harimo ibikombe umunani bya Bundesliga y'Abadage ari kumwe na Bayern, hamwe na Premier League ari kumwe na Chelsea mu 2005 na 2006.

Robben wibukwa cyane kubera amacenga ye no kunyaruka, yanatwaye igikombe cy'amakipe yabaye aya mbere iburayi (Champions League) mu 2013 ari kumwe na Bayern.

Izina rye ryamenyekanye cyane ari mu ikipe ya Chelsea aho yageze mu 2004 avuye mu ikipe ya FC Groningen, Chelsea yayikiniye imikino 105 atsinda ibitego 19.

Roben yagiye muri Real Madrid mu 2007, ayifasha gutwara igikombe cya La Liga mu mwaka wa mbere akihagera, mu 2009 yahise ajya muri Bayern Munich.

Ikipe y'igihugu cye yayihamagawemo inshuro 96, agerana nayo ku mukino wa nyuma w'igikombe cy'isi cya 2010 muri Afurika y'epfo aho batsinzwe na Espagne.