Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abajejwe ikipe y’Intamba mu Rugamba bavuga ko kwirukana Selemani Ndikumana ata ngorane vyateye
Robert Patrick Misigaro, BBC.
Selemani Ndikumana, yigeze kuba kizigenza w'Intamba mu Rugamba, akaba ari n'umwe mu bakinyi bakuze kurusha abandi muri iyo kipe, mu ntango z'ino ndwi yarakuwe muri 23 baserukiye u Burundi mu gikombe ca Afrika 2019 mu Misiri.
Selemani yaciye yurizwa indege imusubiza i Bujumbura, akaba agiye adateye umupira na rimwe ku nshuro ya mbere yari ashitse mu gikombe ca Afrika.
Iyirukanwa ryiwe ryavuzweko vyinshi, bamwe bakavuga ko ryavuye ku kutumvikana kuri mw'ikipe yose, abandi bakavuga ko ikipe imaze gucikamwo imigwi ibiri, uwushigikiye Selemani n'uwutamushigikiye.
None ikibazo cifashe gute?
BBC Gahuzamiryango yagerageje kumenya uko vyifashe ica yegera uwujejwe kumenyesha amakuru mw'ikipe Intamba mu Rugamba, Kibuga Ramadhani, aho ari kumwe n'Intamba mu muji wa Alexandria, atubwira ko ivyo bivugwa vyose ata kuri kurimwo.
Ku kibazo c'uko umwuka woba utari mwiza mw'ikipe, Bwana Ramadhani yagize ati: ''Oya. Umwuka...ambiance imeze neza cane. Yari ingorane y'umumenyereza [Olivier Niyungeko] na Selemani, si ingorane y'akagwi n'umumenyereza.
''Kandi abo twokwita aba cadres ba ekipe bari bagerageje kumuhanura [Selemani] ntivyakunda. Rero morale ni yose mu bakinyi.''
Intamba mu Rugamba kuri uyu wa gatandatu zirahura n'ikipe ya Nigeria iri mu zihabwa amahirwe muri iri higanwa, bikaba rero bitoba ari vyiza mu gihe Intamba zoba zifise akabazo.
Gusubiriza Selemani Ntibishoboka
Ikipe yose mw'ihiganwa igenda ijanye abakinyi 23, bisigura yuko ubu Intamba zisigaranye abakinyi 22, hakibaza nimba bishoboka ko Selemani yosubirizwa.
Kuri ico, uwujejwe kumenyesha amakuru muri iyo kipe yabandanije abwira BBC ati: ''Ntibikunda gusubirizwa. Kuko umukinyi asubirizwa iyo afise ibibazo vy'amagara naho nyene bikemezwa na CAF.
''Selemani yagize ikibazo ca discipline. Kandi umwanya wo gusubirizwa waheze. [Uwo mwanya ni amasaha...] 24 imbere y'urukino rwawe rwa mbere.''
Bwana Ramadhani yabandanije avuga ko gukurwa kwa Selemani mw'ikipe ata nkurikizi bishobora kugira ngo kuko n'ubundi ntiyari muri 11 bari gutangura mu kibuga. Ngo urukino rwa nyuma yakiniye Intamba rwari i Juba mu kwezi kwa 11 mu 2018, akaba atari mu bakinyi nyamukuru.
Umubano mu Ntamba mu Rugamba ngo ni mwiza
Abajejwe ikipe nserukiragihugu y'u Burundi muri rusangi bemeza ko abakinyi bafatanye mu mugombo, uwujejwe kumenyesha amakuru, Bwana Ramadhani, akaba yabandanije avuga ko biboneka no ku jisho.
Yagize ati: ''Imigenderanire ni myiza. Nta kibazo, ikipe iri hamwe. Biraboneka neza mu myimenyerezo mbere n'umubano wa minsi yose.''
Uno munsi itariki 22/06/2019, ikipe y'u Burundi Intamba mu Rugamba iraza kwandika amateka mu mupira w'amaguru muri ico gihugu, aho iza gukina ku nshuro ya mbere mw'ihiganwa ry'igikombe ca Afrika, ihura na Nigeria.
Ni urukino rutangura saa moya z'umugoroba ku masaha yo mu Misiri, rukaza kubera ku kibuga ca Alexandria Stadium mu muji wa Alexandira. U Burundi buri mu mugwi B aho buri kumwe n'amakipe ya Nigeria, Madagascar na Guinea.
Urundi rukino rwo mu mugwi B ruraza guhuza Madagascar na Guinea, rube saa yine z'ijoro ku kibuga ca Alexandria Stadium nyene.
Ushaka kumenya uko amakipe atsindana muri iri higanwa ry'igikombe ca Afrika 2019, amanota afise hamwe n'uko ahagaze, urashobora kuja ngaha