Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Nijeriya niyo isa n' isigaye mw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru kw'isi rihuza imirwi nserukirabihugu y'abagore
Imirwi ya Afrika mw'ihiganwa ry'igikombe c'umupira w'amaguru kw'isi rihuza imirwi nserukirabihugu y'abagore ntihagaze neza aho ibintu bigeze gushika ubu.
Ibihugu vya Nijeriya, Kameruni na Afrika y'Epfo nivyo vyaserukiye umugabane wa Afrika muri iryo higanwa ririko ribera mu gihugu c'Ubufaransa.
Imirwi ya Afrika y'Epfo na Kameruni yoyo ivyayo ntivyoroshe kuko mu mirwi birimwo ata nota na rimwe vyigeze bironka, bigasigura ko batigeze batsinda n'urukino na rumwe.
Amaso yose asigaye yerekeje cane kuri Nijeriya mu murwi A ikaba iri kumwe n'ibihugu vy'Ubufaransa, Noroveje hamwe ka Koreya y'Ubumanuko.
Nijeria iri mu mwanya wa gatatu inyuma y'Uburafansa bufise amanota atandatu, bugakurikirwa na Noroveje hamwe na Nijeriya nyene, vyompi bifise amanota atatu atatu, ariko Noroveje ikaba ifise ibitsindo vyinshi, mu gihe Nijeriya yoyo ifise ideni ry'igitsindo kimwe. Koreya y'Epfo yoyo ifise ubusa.
Rero, Nijeria isigaje guhura n'Ubufaransa. Ari nka hamwe yovyifatamwo neza igatsinda urwo rukino, irafise amahirwe yo kubandanya, ariko bikava ku kungene ibintu bizogenda hagati ya Koreya y'Ubumanuko na Noroveje.
Mu biharuro vya hafi, kugira ngo Nijeria ibandanye, ni uko itsinda Ubufaransa canke bakanganya, hanyuma Koreya y'Epfo nayo igategerezwa gutsinda Noroveje. Mu gihe yoguma mu kibanza ca gatatu, voyvana n'ingene ibintu vyoba bihagaze kugira ngo ibe mu mirwi myiza iri mu bibanza vya gatatu.
N'aho ivya Kameruni bitoroshe, ari nka hamwe yotsinda urukino rwayo rwo ku wa kabiri, irashobora kubandanya kuko ni iya gatatu mu murwi E n'amanota ubusa, ariko ikagira ideni ry'ibitsindo bitatu. Vyovana n'ingene iyindi mirwi iri mu bibanza vya gatatu ihagaze.
Ni inkino zizobera ica rimwe ejo ku wa mbere isaha 16 mu masaha y'Uburundi n'u Rwanda.
Muri iryo higanwa, uno munsi mu murwi F, ibihugu ca Suwede na Tayilandi biratana mu mitwe isaha indwi mu masaha y'Uburundi n'u Rwanda, mu gihe Leta Zunze Ubumwe za Amerika ziza gutana mu mitwe na Shili isaha icumi.
Mu zindi nkino, igihugu ca Ukraine caraye gitahukanye igikombe c'ihiganwa ry'umupira w'amaguru kw'isi rihuza imirwi nserukirabihugu y'abatarenza imyaka 20 ku ruhande rw'abagabo, gitsinze igihugu ca Koreya y'Epfo ibitsindo 3-1.
Muri iryo higanwa, Afrika yari yaserukiwe n'ibihugu vya Senegali, Nijeriya, Mali na Afrika y'Epfo.
Igihugu ca Senegali nico cinanase kirashika mu gice ca kane gishira ica nyuma (Quart de finale), mu gihe Nijeriya na Mali bitarenze igice c'umunani gishira ica nyuma (8e de finale) bimaze kurengana igice c'ugukuranamwo mu mirwi (phase de groupes).