Zinedine Zidane: Real Madrid yasubiye kugena uwo Mufaransa ngo asubirire Santiago Solari

Zinedine Zidane

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Zinedine Zidane yakiniye Real Madrid kuva mu 2001 gushika mu 2006, ayimenyereza ikiringo ca mbere kuva mu 2016 gushika 2018

Zinedine Zidane aragarutse nk'umumenyereza wa Real Madrid nyuma y'amezi 10 gusa avuye muri iyo kipe, nyuma yo kwirukanwa kwa Santiago Solari.

Uyu Mufaransa asubiriye Santiago Solari, yari amaze munsi y'amezi atanu gusa amenyereza iyi kipe.

Zidane w'imyaka 46 yanahoze ari umukinyi wo hagati wa Real, yagiye mu kwezi kwa gatanu nyuma ko kuronsa iyo kipe ibikombe vya Champions League inshuro zitatu yikurikiranya.

Iyi kipe yatangaje ko yamuhaye amasezerano azoshika mu mwaka w'2022.

Real ubu ni iya gatatu mw'ihiganwa ryo muri Espagne, La Liga, ikaba irushwa amanota 12 na Barcelone iri mu kibanza ca mbere.

Solari yirukanywe nyuma yo gutsinda Real Valladolid 4-1, iyo ntsinzi ariko ikaba yarakurikiye kuvanwa mw'ihiganwa rya Champions League na Ajax mu buryo bwatangaje benshi.

Gutsindirwa muhira 4-1 n'ikipe yo mu Buholandi bikaba 5-3 ufatiye hamwe inkino zibiri, yabaye inyendamuvano ya nyuma yatumye umurongozi wa Real, Florentino Perez aca afata ingingo.