Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Perezida wa CAF Ahmad yemeje ko Guinée izokwakira igikombe ca Afrika mu 2025
Umukuru wa "Confédération Africaine de Football" (CAF) Ahmad yavuze ko igihugu ca Guinée arico kizokwakira ihiganwa ry'igikombe c'ibihugu ca Afrika mu 2025, hakuryakira mu 2023 nkuko vyari bitegekanijwe.
Ashikiriza ayo makuru mu rugendo yarimwo mu gihugu ca Guinée ku munsi wa Mungu ari kumwe na Perezida wa FIFA, Gianni Infantino, Ahmad yavuze ko umukuru w'igihugu ca Guinée Alpha Condé yemeye ihindugwa ry'iryo sango rya mbere.
Ahmad yabwiye abamenyeshamakuru ko ibintu nkivyo vyakozwe ku gihugu ca Cameroun, cemeye kwakira iryo higanwa mu 2021, cokwakiriye mu 2019 mu kwezi kwa 11.
Itangazo ry'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Guinée "Fédération Guinéenne de Football" (FEGUIFOOT) risohotse inyuma y'imisi mike umukuru waryo Antonio Souare abwiye BBC ko "atagishijwe inama haba mw'ikete canke mw'itegeko" ku bijanye nukwo kwungururizwa isango.
Mu 2014, CAF niho yagena ibihugu bizokwakira ihiganwa ry'igikombe ca Afrika, Cameroun (2019), Côte d'Ivoire (2021) na Guinée (2023).
Vyitezwe ko itariki 9 Ukwezi kwa Mbere, CAF imenyesha igihugu kizokwakira ihiganwa ry'uno mwaka - mu gihe ibihugu vya Misiri na Afrika Yepfo bimaze gusaba gusubirira igihugu ca Cameroun.
Avugana na BBC imbere y'urugendo rwa Ahmad, Souare yibajije ingene ivyo bihugu vya Afrika bizoshobora kwisangiza kwakira iryo higanwa ry'igikombe ca Afrika, mu gihe imigwi irijamwo yiyongeye iva kuri 16 ikaja kuri 24.
Yabandanije avuga ati: "Kuva ku bibuga bine ukaja kuri bitandatu bukwi ku gihugu kimwe, mbona ibihugu vyosangira kwakira iryo higanwa."
"Mvuze bino nk'indongozi mu mupira w'amaguru, kandi maze kuvyiyumvira. Kandi nubu ndacavyiyumvira.
"Si ibibuga bitandatu gusa, dutegerezwa kwubaka amahoteri y'inyenyeri 2 canke 3 yo kwakira abarorerezi, ariko ku migwi hakenewe amahoteri y'inyenyeri 4 na 5.
"Hokenegwa kandi ibitaro, itumanako, amabarabara, amashirahamwe y'indege. Ivyo vyose. Ni ibintu vyinshi.
"Ubwo gusangira kwakira ihiganwa siyo yoba inyishu nziza nka kurya vyabaye ku bihugu vya Gabon na Guinée Equatoriale?"
Ihiganwa ry'igikombe ca Afrika rimaze kwakigwa risangiwe n'ibihugu kabiri, Gabon na Guinée Equatoriale mu 2012 hamwe na Ghana na Nigeria mu 2000.