Amatsinda y'uko amakipe azahura muri Champions League yamenyekanye

Manchester United izongera ihure na Cristiano Ronaldo wahoze ayikinamo, nyuma yaho ikipe ya Juventus yo mu Butaliyani akinamo kuri ubu yisanze mu itsinda rimwe na Machester United yo mu Bwongereza.

Cristiano yakiniye Manchester United hagati y'umwaka wa 2003 n'uwa 2009.

Yageze muri Juventus mu kwezi kwa karindwi uyu mwaka avuye mu ikipe ya Real Madrid yari amazemo imyaka 9, aguzwe miliyoni 99 n'ibihumbi 200 by'amapawundi.

Manchester United na Juventus bari mu itsinda H.

Dore uko amatsinda ateye:

Itsinda A: Atletico Madrid, Borussia Dortmund, Monaco, Club Brugge.

Itsinda B: Barcelona, Tottenham, PSV Eindhoven, Inter Milan.

Itsinda C: Paris St-Germain, Napoli, Liverpool, Red Star Belgrade.

Itsinda D: Lokomotiv Moscow, Porto, Schalke, Galatasaray.

Itsinda E: Bayern Munich, Benfica, Ajax, AEK Athens.

Itsinda F: Manchester City, Shakhtar Donetsk, Lyon, Hoffenheim.

Itsinda G: Real Madrid, Roma, CSKA Moscow, Viktoria Plzen.

Itsinda H: Juventus, Manchester United, Valencia, Young Boys.

Imikino yo mu matsinda izaba ryari?

Umukino wa mbere: Ku itariki 18 n'iya 19 y'ukwezi gutaha kwa cyenda

Umukino wa kabiri: Ku itariki ya 2 n'iya 3 y'ukwezi kwa cumi

Umukino wa gatatu: Ku itariki ya 23 n'iya 24 y'ukwezi kwa cumi

Umukino wa kane: Ku itariki ya 6 n'iya 7 y'ukwezi kwa cumi na kumwe

Umukino wa gatanu: Ku itariki ya 27 n'iya 28 y'ukwezi kwa cumi na kumwe

Umukino wa gatandatu: Ku itariki ya 11 n'iya 12 y'ukwezi kwa cumi na kabiri