Aba Spurs bagwanira kuja muri Champions League y'umwaka uza

Abakinyi ba Tottenham ngo bopfuma "bapfa bagerageza" kurondera itike yo kwinjira muri Champions League mu mwaka uza, niko umumenyereza Mauricio Pochettino yavuze.

Uwo mugwi uri mu kibanza ca kane uri hejuru ya Chelsea amanota abiri, ukaba usigaranye imikino ibiri, Newcastle na Leicester imbere yuko ihiganwa ry'uno mwaka rirangira.

Umumenyereza Mauricio Pochettino yavuze ko bategerezwa gukora ukwo bashoboye kwose ngo batsinde izo nkino kugira ngo binjire muri Champions League mu mwaka uza.

"Inkino turazifise. Twemera gupfa ariko dutsinde," niko Pochettino avuga.

Tottenham iza gukina na Newcastle ku kibuga ca Wembley ku munsi wa gatatu, imbere yo guhura na Leicester ku munsi wa Mungu.

Pochettino avuga ko Champions League ari "indoto y'uwariwe wese".

"Champions League niryo higanwa rya mbere ryiza, co kimwe na Premier League, kw'isi," niko uwo munya Argentine yavuze.

Ku rundi ruhande, umumenyereza wa Chelsea Antonio Conte yavuze ku munsi wa kabiri ko ico ashira imbere ari kuronka itike ryo kuja muri Champions League.

Bahura na Huddersfield ku munsi wa gatatu munyuma baze baje Newcastle kuwa Mungu, imbere yuko bakina urukino rwa nyuma rwa FA Cup na Manchester United itariki 19 ukwezi kwa Gatanu.

Umugwi wa mbere muri Premier League Manchester City hamwe na Manchester United baramaze kwironkera itike ya Champions League, mu gihe umugwi wa gatatu Liverpool urusha inota rimwe gusa Tottenham kandi usigaranye urukino rumwe gusa.