Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Man City 1-2 Liverpool: Mohamed Salah na Sadio Mane banjirije umugwi wabo wa Liverpool
Mohamed Salah yafashije umugwi wiwe wa Liverpool gutsinda Manchester City ibitego 2-1 mu rukino rwa kivandimwe mu gisagara ca New Jersy muri Amerika.
Uwo mukinyi w'imbere wa Misri, yatsinze ibitego 44 mu nkino 52 mw'ihiganwa riheruka yishuye igitego catsinzwe na Leroy Sane mu gice ca kabiri, inyuma y'umunota umwe gusa agomboye imbere y'abarorerezi 52.000.
Uwundi mupira w'umutwe Salah yateye wakubise ku mwamba w'igoli.
Igitsindo ca Sadio kuri penalite catumye Liverpool yizera gutwara igikombe mpuzamakungu.
Bwari ubwa mbere Salah n'umukinyi w'imbere wa Senegal Mane bakina kuva ibihugu vyabo bitsinzwe mu nkino z'igikombe c'isi.
Bernado Silva wa Manchester City, igihugu ciwe casezeye inkino z'igikombe c'isi mu rukino rwo gushaka kuja mu gice ca kane gishira ica nyuma na we yarakinye ubwa mbere, ariko abakinyi 15 ba City bagiye mu nkino z'isi yose mu Burusiya ntibakinye.
Inyuma y'urwo rukino, umumenyereza Pepe Guardiola yavuze ati:"Twakinye neza na Liverpool ubu irindiriye urukino rwa nyuma rw'igikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo."
Lukas Nmecha yahatswe na we kwinjiriza City, Curtis Jones na we ahatsa igitego ca Liverpool kuri penalite imbere y'uko igice ca mbere kirangira.
Urwo rukino rwagiye guhindura isura inyuma y'aho Mane ubu yambara nimero 10 na Sane bagomboreye bakinjira mu kibuga.
Igihe City yasugereza igoli rya Liverpool inyuma y'aho herekaniwe ko Domonic Solanke yaraririye, Sane yacenze abakinyi b'inyuma ba Liverpool imbere yo kwinjiza mu mfuruka ry'igoli.
Salah yaciye yishura ico gitego gica kiba igitego 1-1 inyuma y'umwanya muto yinjiye mu kibuga asubiriye Jones, akaba yatsindishije umutwe ku mupira yahawe na Rafa Camacho, akaba yari asigaye ahagaze wenyene.
Mu nyuma Mane yatsinze penalite inyuma y'aho Solanke akiniwe nabi imbere y'igoli.