Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Neymar yakomerekeye mu myimenyerezo
Vyabaye ngombwa ko umukinyi w'imbere wa Brezil Neymar ahagarika imyimenyerezo imisi itatu imbere yo guhura na Costa Rica ku musi wa gatanu.
Uwo mukinyi wa Brezil w'imyaka 26, yaje mu nkino z'isi ahejeje gukira imvune y'ukuguru, yahagaritse imyimenyerezo kugira bamuvure ku nyama ya kibizi y'ukuguru kw'iburyo.
Umuvugizi wa Brezil avuga ko yababariye mu rukino rwabahuje Ubuswise, aho uwo mukinyi yakiniwe nabi.
"Acumva ububabare, yaciye aja k'uwubavura mu ngingo", ni ko Vinicius Rodrigues yavuze.
"Aragumayo uyu musi n'ejo, hanyuma mu gitondo azogira imyimenyerezo nk'uko bisanzwe ejo."
Uwo mukinyi w'imbere wa Paris St-Germain yarabazwe ukuguru kwiwe ku kuryo mu kwezi kwa kabiri bituma adakina inkino zose zari zisigaye.
Yasubiye gukina mu rukino rwa kivandimwe rwahuje Brezil na Croatia mu gisagara ca Liverpool itariki 3 z'ukwezi kwa gatandatu, aho yatsinze igitego ciza cane.
Yarinjije kandi mu rukino rwa kivandimwe na Autriche aho Brezil yatsinze ibitego 3-0, imbere y'uko bafata urugendo rubashikana mu Burusiya.
Neymar yarakinye iminota 90 yose mu rukino rwabahuje n'Ubuswise mu mugwi E, ariko ntiyagaragaye mu myimenyerezo yo ku wa mbere aho basanzwe baba i Sochi.
Brezil izohura na Costa Rica mu gisagara ca St Petersburg ku musi wa mungu.
Mu 2014 yavuye mu gikombe c'isi kubera kubabara mu mugongo mu rukino rw'igice ca kane gishira ica nyuma rwabahuje na Colombia.