Ingene isoko ry'abakinyi ryifashe itariki 17.04.2018

Umukinyi wo hagati wa Barcelone, Andres Iniesta, w'imyaka 33, agiye kwerekeza mu mugwi wo mu Bushinwa inyuma y'ihiganwa ry'uyu mwaka, akazogurwa amacupa y'imvinyu imiriyaridi 2. (Marca-in Spanish)

Nta karyo Liverpool ifise ko kugura umunyegoli wa AS Roma na Brezil Alisson w'imyaka 25 mu mpera z'uyu mwaka nk'uko bivugwa n'uwurongoye uwo mugwi James Pallotta. (Sky Sports).

Umumenyereza wa Manchester United Jose Mourinho ariteguye kurekura umukiny wo hagati yari yaguzwe imiliyoni 89 z'amapawundi, Paul Pogba w'imyaka 25, hamwe n'umukinyi w'imbere Anthony Martial w'imyaka 22 ngo bave muri uwo mugwi, co kimwe n'umukinyi w'inyuma wa Hollande Daley Blind w'imyaka 28, mu gihe umukinyi w'inyuma w'Ubutaliyano Matteo Darmian vyitezwe ko agurishwa. (Mail)

Darmian avuga ko azofata ingingo kuri uko kuva muri uwo mugwi wiwe wa Juventus mw'ihiganwa ryo mu Butaliyanovuba. (Express)

Manchester City izoha umumenyereza Pep Guardiola imiliyoni 200 z'amapawundi zo kugura abakinyi inyuma yo gutahukana igikombe c'ihiganwa ryo mu Bwongereza, mu gihe umukinyi wo hatati wa Naples mu Butaliyano Jorginho w'imyaka 26 hamwe n'umukinyi wo hagati wa Shakhtar Donetsk w'imyaka 24 wo muri Brezil, Fred, bariko baripfuzwa n'uwo mugwi. (Mirror)

Umumenyereza wa Liverpool, Jurgen Klopp vyitezwe ko asubira kurondera umukinyi wo hagati wa Naples, Piotr Zielenski. Uwo mugwi wo mu Butaliyano waraciyeko uwo wa Liverpool mu kugiriranira amasezerano n'uwo mukinyi w'imyaka 23, mu 2016. (Sun)

Trent Alexander-Arnold w'imyaka 19 yashize umukono ku masezerano y'umuwanya muremure n'umugwi wiwe wa Liverpool bijanye n'ingene n'umushahara wiwe uzoca wongerekana birenze urugero.

Umugwi wa Manchester United barungitse intumwa kuraba umukinyi wohagati wa Lazio, Sergej Milinkovic-Savic w'imyaka 23, mu gihe Jose Mourinho ashaka kugura abakinyi babiri bo hagati mu mpera z'uyu mwaka. (Mail)

Umukinyi w'imbere wa Man United n'Ubwongereza Marcus Rashford w'imyaka 20 ntariko arihutisha gushira umukono ku yandi masezerano n'uwo mugwi inyuma y'aho aboneye ko atakiri mu mugwi w'abakinyi batangura mu kibuga. (Sun)

Umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger aranebagura ingingo y'ihiganwa ryo mu Bwongereza yo gucererwa gushira mu bikorwa ubuhinga bwa VAR mu nkino. (Times)

Tottenham iriteguye kugurisha umukinyi wabo wo hagati Moussa Dembele w'imyaka 30, kandi baramaze kuronka abakinyi babiri bomusubirira. (Mirror)

Umukinyi w'imbere wa Athletico Madrid, Fernando Torres w'imyaka 34 ashobora kutaja gukina mu Bushinwa ahubwo akerekeza muri Amerika muri MLS inyuma yo kuvuga ko azova muri Espagne muri uyu mwaka. (Marca)

Umugwi wa Boca Junior urashaka kugura umunyegoli wa Juventus n'Ubutaliyano Gianluigi Buffon w'imyaka 40, bakaba bashaka kandi ko umukinyi mugenziwe umunye Argentine Carlos Tevez, yobafasha kumuronka. (Radio Continental via Mail)

Umukinyi wo hagati Ruben Loftus-Cheek w'imyaka 22 ntarafata ingingo kuri kazoza kiwe mu mugwi wa Chelsea inyuma yo kwerekana umukino mwiza aho yatijijwe mu mugwi wa Crystal Palace. (Independent)

Umukinyi wo hagati yahoze muri Liverpool na Fulham Danny Murphy avuga ko umumenyereza wa Newscastle, Rafa Benitez ashobora kuba umumenyereza mwiza yosubirira Arsene Wenger mu mugwi wa Arsenal. (Taljsport)

Umumenyereza wa Southampton, Mark Hughes avuga ko ari ngombwa ko abakinyi biwe bitanga gusumba mu gihe boba badashaka kumanuka mu cicaro ca kabiri. (Guardian)

Umugwi wa Wolves ushaka gukoresha imiliyoni 20 z'amapawundi mu kuzana abakinyi Benik Afobe w'imyaka 25 hamwe na Willy Boly w'imaka 27 bo mu migwi wa Bournemouth na porto, mu gihe bimirije kuduga bava mu cicaro ca kabiri. (Telegraph)

Umukinyi w'imbere wa Fulham, Ryan Sessegnon w'imyaka 17 avuga ko ashaka gukina mw'ihiganwa ryo mu bwongereza. (Evening Standard)