Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Mohamed Salah, umukinyi wa mbere mwiza muri Afrika
Umukinyi w'imbere wo mu mugwi Liverpool no mu mugwi w'igihugu wa Misiri, Mohamed Salah, yatowe nk'umukinyi wa mbere mwiza mu 2017 n'ishirahamwe rya Afrika ry'umupira w'amaguru "Confederation of African Football"(CAF).
Ni ubwa mbere igice ca nyuma co gutora cugururigwa abantu bose, Salah akaba yaronse amajwi 97.65%.
Uwo mukinyi w'imyaka 25 yinjije ibitsindo 17 mw'ihiganwa rya Premier League uno mwaka, afasha Misiri gushika ku rutonde rw'imigwi izohiganwa mu gikombe c'isi yose hamwe no mu gikombe ca Afrika co mu 2017.
Yagiye imbere umunya Senegal bakinana muri Liverpool Sadio Mane n'umunya Gabon, Pierre-Eric Aubameyang.