Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Sir Mo Farah, umunonotsi aheta abandi muri 2017
Sir Mo Farah, Umwongereza afise amamuko yo muri Somalia, yiruka metero 10 000 na 5000, yatsindiye umudari w'umunonotsi wa mbere y'uyu mwaka.
Umunonotsi Sir Mo Farah, yatangajwe no kubona ashobora kwegukana umudari w'umunonotsi wa mbere akomeye hano mu Bwongereza.
Bwana Mo yarushije Jonathan Rea karuhariwe mu kunyonga ipikipiki, na Jonnie Peacok ahiganwa mu bafise ubumuga, ndetse n'umuteramakofe Anthony Joshua.
Amaze gushikira ako gashimwe ka BBC, Sir Mo Farah, yavuze ko vyamutangaje cane, ashimira abanyagihugu bamushimye bakamutora.
Ngo ntiyari yizigiye ko azoheba agafata ako gashimye mu ntoki umunsi uri izina, inyuma yo kugahusha mbere.
Mo yari amaze gutoranywa mu bahiganirwa ako gashimwe imvuro zitanu, ariko mu 2011 niho yashitse ku mwanya wa gatatu.
Uwo munonotsi w'imyaka 34 yiruka m5000 na m10.000, yashize ku rubuga rwiwe rwa Instagram ifoto afise muntoke ako gashimwe, ashika n'majambo yo gushimira abamutoye.