Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igikombe cha CHAN c'umwaka uza kizobera muri Maroke
Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afrika, CAF, ryatangaje ko ihiganwa ry'igikombe ca Afrika c'abakinyi bakinira iwabo co mu mwaka uza, kizobera muri Maroke.
Iryo higanwa riha akaryo abakinyi b'Abanyafrika bakina mu mahiganwa y'iwabo, ko guserukira ibihugu vyabo.
Benshi mu bakini bakomeye b'Abanyafrika, bakina mu makipe y'i Buraya canke ahandi, ntibemerewe kuja muri iryo higanwa.
Mu kwezi guheze Kenya yatswe iryo higanwa, igihe abagenduzi basanga ikibanza kimwe gusa muri bine vyari kuryakira, ari co kimaze gukwiza ivyangombwa.