Abasatirizi bakomeye mu mahiganwa ya Buraya muri 2017/18

Mw'ihiganwa Premier League ryo mu Bwongereza, abakinyi batatu bamaze kwinjiza umwumwe ibitsindo bitandatu mu nkino zitandatu nyene, bikaba bigoye kuvuga uwuzotwara ikirato c'inzahabu uno mwaka.

Umusatirizi wa Manchester City Sergio Aguero, umukinyi mushasha wa Chelsea Alvaro Morata hamwe na Romelu Lukaku wa Manchester United nibo bakinyi ba mbere bafise ibitsindo vyinshi gushika ubu mw'iryo higanwa.

Ariko sibo bonyene ku mugabane wa Buraya.

Hari n'abafise ibitsindo vyinshi kurusha aho, nka Radamel Falcao wa Monaco amaze kwinjiza ibitsindo 11 mu mikino 7; Paulo Dybala wa Juventus afise ibitsindo 10 ku nkino 6 na Lionel Messi afise ibitsindo 9 mu mikino 6.

Uretse abo hari n'abandi basatiriza bamaze igihe binjiza cane mw'ihiganwa ry'uno mwaka.

Abasatirizi binjiza cane uno mwaka i Buraya