Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umukinyi rurangiranwa wa Basketball LeBron James yavuzeko amacakubiri afatiye ku rukoba muri Amerika atazohera
Umukinyi rurangiranwa wa Basketball LeBron James yavuze ku bintu vyinshi biranga amacakubiri ahagaze ku rukoba inyuma y'aho "ijambo-N" ryo gutuka umwirabure ryandikiwe ku nzu yiwe mu gisagara ca Los Angeles.
"N'aho yogira amahera angana gute, n'aho womenyekana gute....kuba umwirabure mu gihugu ca Amerika n'ikintu kitoroshe," ni ko yavuze.
Iyo nyandiko yashikirijwe igipolisi ku musi wa gatatu mu gitondo n'uwo mukinyi rurangiranwa w'umugwi wa Cleveland Cavaliers, akaba yarishuye ibibazo vyinshi amasaha menshi mu nyuma.
Abakozi ba LAPD bemereye BBC ko ari icaha gikomeye co kuvangura urukoba.
Abategetsi babijejwe bariko barihweza amafoto mu matohoza yo kumenya uwakoze ivyo bintu.
Ivyo James yabivugyei San Francisco, aho umugwi wiwe uriko uragirira imyimenyerezo imbere y'urukino rwa mbere rurangiza ihiganwa rya Basketball.
"Amacakubiri afatiye ku rukoba azokwama avugwa kw'isi, muri Amerika, azane ukwinubana muri Amerika- na cane cane ku banyamerika bava muri Afrika bama basuzuguwe buri musi," ni ko yavuze.
Yabandanije avuga ko :"turacafise urugendo rurerure twebwe nk'abantu na twebwe nk'abanyamerika bamuka muri Afrika kugira twumve ko twese tungana nk'abanyamerika."
LeBron James w'imyaka 32 azwi nk'umukinyi ahembwa amahera menshi mw'ihiganwa rya Basketball muri Amerika, aho ahembwa amiliyoni z'amadolari 30 buri mwaka.
Mu ndwi iheze ni we yamenyekanye ko yinjije amanota menshi gusumba mu nkino za Basketball muri Amerika, aho yarushije uwahora ari uwa mbere, Michael Jordan, yahoze akinira umugwi wa Chicago Bulls.