Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Chelsea yatsinze Watford biyigoye
Ikipe ya Chelsea yishimiye kuba iherutse kwegukana igikombe cya shampiyona itsinda biyigoye ikipe ya Watford.
Muri uwo mukino wabereye ku kibuga cya Stamford Bridge, Chelsea yatsinze Watford ibitego 4-3.
Umukino urangiye abakinnyi ba Chelsea bazengurutse ikibuga bishimira igikombe cya shampiyona baherutse kwegukana.
Umukinnyi John Terry - uzasezera muri Chelsea iyi shampiyona nirangira nyuma y'imyaka irenga makumyabiri - yari yatangiye umukino wejo kandi anatsinda igitego.
Icyo gitego kigira 100 muri Chelsea yagitsinze ku munota wa 22.
Ibindi bitego bya Chelsea byatsinzwe na Azpilicueta ku munota wa 36, Batshuayi ku munota wa 49 na Fàbregas ku munota wa 88.
Naho ibitego bya Watford byatsinzwe na Capoue ku munota wa 24, Janmaat ku munota wa 51 na Okaka ku munota wa 74.