Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Bale azokinira Real Madrid gushika mu 2022
Umukinyi wa Real Madrid, Gareth Bale yashize umukono ku masezerano n’uwo mugwi yo kubandanya awukinira gushika mu 2022.
Bale yahoze akinira Southampton yagiye muri uwo mugwi avuye muri Tottenham Hotspur mu 2013.
Amaze gufasha umugwi wa Real gutsindira ibikombe bitanu mu myaka itatu iheze harimwo ico imigwi yabaye iya mbere ku mugabane wa Buraya incuro zibiri, mu gihe amaze kwinniza ibitego 62 mu nkino 135.
Abandi bakinyi bo hagati b’uwo mugwi, Luka Modric na Toni Kroos, na bo nyene bashize umukono ku masezerano mashasha.
Muri ayo masezerano mashasha, Bale azoza arahembwa ama Euro 600.000 buri ndwi, havuyemwo ikori akazosigarana ama Euro 350.000.