Burundi – OLUCOME itewe impungenge n’iduga ry’ibiciro 'ku rugero rutari bwabeho'

    • Umwanditsi, Gildas Yihundimpundu
    • Igikorwa, Umumenyeshamakuru i Bujumbura

“Ntivyari bwaboneke! Muri aya mezi ane, n’umunyu waduze ibice 120 kw’ijana.

Ibi ni ibivugwa na Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME ryiyemeje kurwanya isesagurwa ry’amatungo ya reta, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ejo ku wa kabiri.

Uno mukuru wa OLUCOME yari aramutse ashira ahabona icigwa iri shirahamwe ryakoze ku kuntu ibiciro vyaduze muri aya mezi ane aheze ku bidandazwa bitandukanye. Avuga ko basanze biriko biduga ku rugero rutari bwabeho mu Burundi.

Yabwiye abanyamakuru ati: “Mw’aya mezi ane nyene, ibiharage vyaduze ibice 35,4%, ibigori vyumye kuri 55%, ibiraya bita mauve kuri 31%, ivyo bita jaune na vyo kuri 57%. Inyama zifise amagufa zaduze kuri 60%, nayo izitagira amagufa zikaba zageze kuri 70,6%”.

Gabriel Rufyiri asigura ko iryo duga ry’ibiciro ririko riterwa n’ibintu vyinshi harimwo ubukene bw’amafaranga mvamakungu, intwaro itabereye, uburongozi butameze neza, umwina w’amatungo wigaragaza mu bategetsi bamwe bamwe, hamwe n’ingendo yo kunyonora.

Ati: “Iyo umuntu ariko yiyumvira ivyo ashira mu mufuko, ntaronka umwanya wo kwiyumvira ibijanye no gutunganiriza abanyagihugu”.

Yemeza ko hari bamwe mu bategetsi basigaye bakora urudandaza rw’amafaranga y’agaciro, aho “bayakura mu mabanki bakayajana kw’isoko ryo mu kinywabi, maze bakaronka inyungu z’umurengera”.

Ati: “Iyumvire ukuye amadorari muri banki canke muri BRB [ibanki nkuru y’igihugu], idorari rimwe ukarigura ibihumbi bitatu ugaca urigurisha ibihumbi munani. Urumva iyo nyungu ingene ingana?

“Ivyo rero burya ni vyo bibazo bihari. Twebwe twipfuza ko ivyo bintu vyovaho. Abatagomba kubikuraho ni uko babifisemwo inyungu”.

Ku bwiwe, reta yobishaka vyoca bihagarara ubwo nyene. Ati: “Ni baduhamagare tubivugane tubereke ingene vyogenda”.

Uburundi bumaze imyaka irenga ibiri buhanzwe n’ubukene bw’amafaranga y’agaciro, ivyatumye butoroherwa mu kugura ivya nkenerwa biva hanze y’igihugu uhereye ku gitoro.

Muri kino gihe, ikibazo co kwunguruza abantu n’ibintu nticoroshe mu gihugu.

Bamwe mu badandaza basigaye bikora ku gitoro ca magendo baronka kizimvye cane, bigaca bituma baca bashinga ibiciro biri hejuru bivanye n’iyo bagikuye canke iyo bakuye ibidandazwa vyabo.

Ingaruka y’ibi ni uko umuguzi mutoya adaheza ngo yoroherwe kubera agashahara katigera kaduga.

Kuri izi ngorane zihanze abanyagihugu, Gabriel Rufyiri abona ko inzego z’igihugu, ahereye ku mushikiranganji w’ubudandaji, ataco ziriko zirakora.

Agira ati: “Ni bapfume batanga imihoho, bemange ko vyabananiye”.

Rufyiri atunga kandi urutoke abashingamateka, akabagiriza kuguma bitekaniye mu gihe, ku bwiwe, ibintu vyifashe nabi mu gihugu.

Abona ko bakwiye kwama na ntaryo bariko bararwanira inyungu z’umunyagihugu, ari na co batorewe.

‘Inkurikizi z’intonde zugaye’ - Umushingamateka

Bamwe mu bashingamateka bavuga ko ingorane zo kudashobora kuvugira ababatoye nk’uko bikwiye zitava kuri bo ubwabo.

Pascal Gikeke, ni umwe muri aba bashingamateka akomoka mu mugambwe CNL, aho abona ko inzira batorwamwo itaba akaryo ko kugira ico bamarira ababatoye.

Yabwiye BBC Gahuzamiryango ati: “Ukuntu batorwa, ni ama listes bloquées [intonde zugaye]. Ni imigambwe ikora izo ntonde. Si bamwe baza gutora bihitiramwo uwo baza gutora.

“Jewe ndagomba ko mu Burundi hotorwa umushingamateka, n’aho yoba aserukira umugambwe, aba candidat ubwa mbere bagahiganwa mu migambwe iwabo. Hanyuma uwatsinze abandi agaca aba umu candidat w’uwo mugambwe muri iyo circonscription [muri ako karere], hanyuma kandi ya migambwe nayo igaca iza igahiganwa.

“Muri uwo mwanya, umushingamateka azovuga imigambi azokorera ako karere agomba guserukira …”

Hakwiye impinduka mu vy'intwaro

OLUCOME ibona ko hakenewe impinduka zidasanzwe mu bijanye n’ukuntu intwaro ikora [réformes profondes].

Nk’akarorero, Gabriel Rufyiri arirongoye yipfuza ko intambwe ya mbere izi mpinduka zotangurirako ari uko abategetsi bose bajejwe amabanga mu gihugu bategerezwa kuva mu rudandaza.

Agira ati : “Burya ntivyokunda ko umunyagihugu mutoya ahiganirwa isoko n’umusirikare w’ipete rya jenerali”.

Iyo ntambwe imaze gushikwako, abona ko hoca hakurikira ikijanye n’indinganizo nshasha yotuma ibintu vyose vy’igihugu bikorerwa ku mugaragaro no mu muco.

Ku bwiwe, abahabwa amafaranga y’agaciro bose bakwiye kumenyekana, intonde zikamanikwa. Ibi ngo vyotuma Abarundi bamenya uwo bishuza ivyoba vyagenze nabi muri iki gisata, cane cane muri iki gihe Uburundi bugeramiwe n’ikena ry’igitoro.