DR Congo: Arababajwe no kwumva amahasa yatandukanije rimwe ryishwe na Malaria

Ahavuye isanamu, MaF
- Umwanditsi, Dave Gilyeat
- Igikorwa, BBC News
Umunyeshure w’umushakashatsi mu vyo ubuvuzi yateguye igikorwa co kubaga kugira ngo atandukanye amahasa yavutse afatanye muri Repubulika y’Intwaro Rusangi yuzuye “uburakari” inyuma y’aho umwe muri bo asandabiye kubera Malaria.
Anick na Destin bavuye mu kigwati ca kure mu misozi ca Muzombo baja ku mugwa mukuru Kinshasa, kugira ngo bakorwe n’abakorerabushake mu 2017.
Ariko Destin mu nyuma y'aho yahavuye apfa imbere y’uko aya mahasa akwiza umwaka avutse.
Dr Junior Mudji ati: "Si nashobora gutahura ingene umuntu yashobora kwicwa n’indwara nk’iyi yoroshe kuvura".
Yabwiye BBC ati: "Naragize uburakari nshavuye cane.
"Igihe cose umwana ari musi y’imyaka itanu yishwe na malaria ni akaga, ariko ibi navyo vyarambabaje cane".
Dr Mudji, ari mu mugambi mpuzamakungu wo guteza imbere ubuvuzi kw’ishure kaminuza Said Business School muri Oxford, yagiye kumenya ivyashikiye Destin asubiye kuvugana n’abavyeyi biwe basanzwe baba mu kigwati ca kure cane mu misozi.

Ahavuye isanamu, MaF
Ati: "Narumvise mbabaye cane. Ni ibintu bigoye kwihanganira.
"Igihe ndabimenya, numvise ncitse intege, ariko kandi ni ibintu bisanzwe cane ku bitaro vyanje. Hafi buri musi twama dufise umwana yicwa na malaria”.
Dr Mudji ni we kandi arongoye igisata kijejwe ubushakashatsi akaba n’umuyobozi ajejwe uburezi ku bitaro Vanga Evangelical Hospital biri mu ntara ya Kwilu.
Avuga ati: "Malaria iracari ruhonyanganda. Repubulika y’Intwaro Rusangi yonyene yikoreye 12% y’abarwayi ba malaria kw’isi yose. Biraboneka ko tugifise ibitari bike vyo gukora.
"Turakeneye ubufasha. Biragoye kwihangana ubonye umwana yarokowe mu bihe bigoye cane hanyuma akaza kwicwa na malaria…ibi vyerekana ubusumbasumbane burangwa mu vyo ubuvuzi kw’isi”.
Asaba abanyaporitike n’amakompanyi ahingura imiti gushira “hamwe inguvu zabo, ubumenyi n’ubuhinga” hanyuma “batore inyishu nshasha kugira ngo habe bishasha mu vyo twoshobora gufasha abanyagihugu bacu".

Ahavuye isanamu, Jacklyn Reierson, MAF

Ahavuye isanamu, Jacklyn Reierson, MAF
Aya mahasa yari yavutse afatanijwe n’uruzogi rumwe afise amayinga 37, asangiye bimwe mu bihimba vyo mu nda.
Bamaze kubona ko bakeneye kubagwa, abavyeyi babo Claudine Mukhena na Zaiko Munzadi baciye babatekera mu burengeti maze bafata urugendo rurerure.
Izi mpinja z’abakobwa zafashe urugendo rwo kugenda no kugaruka rw’ibirometero 1.400 baca mu mashamba, mu mabarabara mabi cane no mu kirere.
Dr Mudji yemeza ko igikorwa yakoze cari co ca mbere co gutandukanya amahasa afatanye muri ico gihugu.
Malaria ibangamira cane cane inzoya n’abana bakiri bato. Iyi ndwara iterwa n’imigera yandukira iciye mu mubu iragisibije muri Afrika gusumba ahandi.
Isekeza rya mbere ryo kurwanya malaria ku rwego rw’isi yose ryatanguye mu mwaka uheze, ritangujwe n’ikompanyi GSK ihingura imiti.










