Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
'Abadutoye ni bo bazobanza gusarura' - Icegera ca prezida wa Kenya
Icegera ca prezida wa Kenya Rigathi Gachagua ariko aranebagurwa n'abanyagihugu kuba yavuze ko igihugu ari nk'ishirahamwe abategerezwa kurironkamwo inyungu ari ubwa mbere abatoye reta ihari ubu.
Gachagua yariko yisigura ku bantu baherutse kugenwa mu mabanga muri reta avuga ko abamushigikiye n'abashigikiye prezida William Ruto ari bo bakwiye "kubanza gusarura ubwa mbere".
Yagize ati:"Iyi reta ni nk'ishirahamwe ry'abarifisemwo imitahe. Hari ba nyene ishirahamwe, hakaba n'abarifisemwo imitahe, abafisemwo imitahe mike n'abaatagiramwo umutahe n'umwe.
"Mwarashize umutahe muri reta, ubu n'igihe co gusarura.
"Hari abanebagura kuba navuze gutyo, ariko none noba nihenze? N'abanebagura co kimwe n'abatadushigikiye bazoronkako, ariko bategerezwa kurindira ibisigaye kugira abantu bamenye ko iyo bagiye gutora, bifise ico bisigura kandi ko bifise inkurikizi."
Ku mbuga hwaniro, abanye Kenya baranebaguye iyo mvugo bavuga ko reta yotegerejwe gukorera bose bataravye uwo bahaye amajwi.
Bongeyeko ko abanyagihugu bose bategerezwa kwitabwaho na reta co kimwe, harimwo no kuvyerekeye imigambi y'iterambere.