Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imbeya, iminyororo, intete: Amwe mu mafoto ya mbere meza yo muri Afrika
Amwe mu mafoto ya mbere meza yo muri iyi ndwi muri Afrika
Buca haba amatora y'umukuru w'igihugu muri Mauritania, umugabo ashitse ku musigiti Grand Mosque i Nouachott mu masengesho yo ku wa gatanu...
Haheze iminsi abashigikiye umukuru w'igihugu yari ahasanzwe bariko barigina intsinzi ko yasubiye gutorwa. Uwo bahiganywe , uwurwanya ubuja/ubucakara, avuga ko amatora yibwe.
Ku wa gatandatu, Ayra Starr abaye umuririmbyi wa mbere wa Afrobeats aririmbiye kuri Pyramid mw'isabukuru ya Glastonbury Festival muri UK...
Yakurikiwe bukeye na mugenziwe wo muri Nigeria Burna Boy.
Ku wa mungu kandi, umuririmvyi wo muri Afrika y'Epfo, Tyla yagaragaye mw'ihiganwa rya BET awards muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika hanyuma atahana uudushimwe tubiri.
Silvio De Sousa wo muri Angola na Willy Hernangomez wo muri Espagne bariko bararwanira umupira mu rukino rwa basketball rwo kurondera itike yo kuja mu nkino za Olympic.
Umunya-Eritrea asiganwa kw'ikinga Biniam Girmay ahejeje gutsinda agace ka gatatu ka Tour de France ku a mbere. Abaye umunya-Afrika wa mbere w'umwirabure atsinze kamwe mu duce 21 tw'iryo higanwa riba buri mwaka.
Abarovyi bavuye mu mazi bazanye ku musenyi wa Abidjan ifi bafashe , ku wa mungu.
Umunsi ukurikira, umugore w'umunya-Nigeria akina golf ariko arakina mw'ihiganwa rya Dow Championship muri Amerika.
Imyiyerekano yarabandanije ku wa kabiri muri Kenya n'ubwo hahebwe integuro abanyagihugu baterekwa yo kuduza amakori...
Abakiri bato ni bo bagiye imbere muri iyo myiyerekano mu bisagara vyo hirya no hino mu gihugu.
Hanyuma ku wa gatanu, mu gisagara ca Nabeul muri Tunisia, umugore ariko arasanza couscous ku zuba ngo yume.