Irani ivuga ko umugore yari yahagaritswe inyuma yo kwiyambura impuzu yarekuwe ata caha yagirijwe

Harazungurutse videwo ku mbuga hwaniro yerekana uno mugore ari gusa, imbere y'uko ahagarikwa ku nguvu

Ahavuye isanamu, Telegram

Insiguro y'isanamu, Harazungurutse videwo ku mbuga hwaniro yerekana uno mugore ari gusa, imbere y'uko ahagarikwa ku nguvu
    • Umwanditsi, Jacqueline Howard
    • Igikorwa, BBC News

Umugore wo muri Irani ntazoburanywa inyuma yo kwiyambura izo yari yambaye agasigara mu gahuzu ko musi mu gisa no kwiyamiriza wa mwambaro wa hijab (igitambara co kwipfuka mu mutwe) kuri kaminuza ya Tehran, nk'uko bivugwa n'abategetsi ba Irani.

Mu ntango z'uku kwezi kwa Munyonyo (11), harazungurutse videwo ku mbuga hwaniro yerekana umugore, igisata ca BBC gikoresha ururimi rw'igiperse kivuga ko yitwa Ahoo Daryaei, ari gusa mu nyubakwa z'iyi kaminuza, imbere y'uko ahagarikwa ku nguvu.

Umuvugizi w'igisata c'ubutungane ca Irani avuga ko uno mugore yatwawe kuvurirwa kwa muganga hanyuma agasubizwa muhira.

Ihagarikwa ryiwe ryariyamirijwe cane mu makungu, ishirahamwe Amnesty International rikaba riri mu baguma basaba ko arekurwa ata kirinze gusabwa.

Ejo ku wa kabiri, Asghar Jahangir avugira igisata c'ubutungane, yagize ati: "Kubera yari yatwawe kwa muganga hanyuma bagasanga yari arwaye, yashikirijwe umuryango wiwe...kandi nta rubanza rumukurikirana."

Ishirahamwe ry'abanyeshure ni ryo ryatanguye gusohora videwo y'ihagarikwa ryiwe, rivuga ko Daryaei yari yashwanye n'abajejwe umutekano kubera atari yambaye igitambara co mu mutwe, ivyatumye yiyambura impuzu muri iyo mishamirano.

Ico gihe, abategetsi ba Irani bavuze ko Daryaei yari "arwaye" kandi ko yari yatwawe mu cumba c'abagendana indwara zo mu mutwe.

Si bwo bwa mbere abategetsi ba Irani berekanye umugore yiyamiriza amategeko ategeka abagore kwambara hijab nk'umuntu afise indwara yo mu mutwe.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Inyuma y'ihagarikwa rya Daryaei, abaharanira agateka ka muntu b'Abanya-Irani baciye ku mbuga hwaniro biyamiriza ico bavuga ko ari ukwagiriza abagore baharanira uburenganzira bwabo ko barwaye.

Umugore umwe yahunze Irani agahungira muri Canada mu 2018, avuga ko umuryango wiwe watewe igitsure n'intwaro ya Irani ko wokwemeza ko yari arwaye indwara yo mu mutwe.

Azam Jangravi agira ati: “Umuryango wanje ntiwabikoze, ariko imiryango myinshi iri ku gitsure ngo ibikore, yibaza ko ari yo nzira nyayo yo gukingira abayo. Uku ni ko iki gihugu ca Islam kigerageza gucafuza abagore, mu kuvuga ibitari vyo ku buzima bwabo bwo mu mutwe."

Vyabaye itegeko ku bagore bo muri Irani gupfuka imishatsi yabo no kwambara bakikwiza inyuma y’Impinduka ya Kisilamu yo mu 1979.

Haciye imyaka ibiri, umukenyezi w’umu-Kurde yitwa Mahsa Amini apfiriye mu maboko y'igipolisi inyuma yo guhagarikwa yagirijwe ko atri yambaye hijab "neza".

Bivugwa ko abantu barenga 500 bishwe mu myiyerekano yandutse inyuma y'uru rupfu, yamaze amezi atari make mu gihugu cose.