Intambara ya RD Congo: M23 iratabaza mu gihe FARDC irondera 'kubohoza Minembwe'

Igihe co gusoma: iminota 3

Urunani AFC/M23 rurwanya reta ya Repubulika ya Demokarasi ya Congo ruvuga ko rubabajwe n'imirwano iriko ibera mu karere ka Minembwe no mu misozi ihanamiye igisagara ca Uvira kuva ruvanye ingabo zarwo muri iki gisagara.

Mw'itangazo yaraye isohoye, AFC/M23 ivuga ko imisozi ihanamiye Uvira yabaye akarere k'ibikorwa vya gisirikare bikomeye, "bigizwe n'ukurundarunda ingabo n'ibirwanisho bikomakomeye", kandi ko kabaye "icicaro gikomeye" c'ingabo zikorana na reta ya Kinshasa.

Iri tangazo rivuga ko izo ngabo "ziri mu bikorwa vyo kumara abo ubwoko bw'Abanyamulenge".

BBC yasavye umuvugizi w'igisirikare ca RD Congo (FARDC) kugira ico avuze ariko ntivyakunze.

Hagati aho, umuvugizi w'igisirikare mu ntara ya Kivu y'Epfo, sous-lieutenant Mbuyi Reagan, asubirwamwo na Radio Okapi ikorera muri RD Congo ifashwa na ONU, yemeza ko FARDC iriko irondera kwisubiza akarere ka Minembwe.

Mw'itangazo rya AFC/M23 ivuga ko kuva mu ndwi iheze uduce tutari duke turangwamwo ibitero vy'urutavanako bikorwa n'igisirikare ca reta gikoresheje indege z'intambara zo mu bwoko bwa Sukhoi-25 hamwe na za ndege zitajamwo abadereva (drone).

M23 yagiriza ingabo za reta kugota Minembwe, mu kuzibira inzira zinjira n'iziva muri aka karere.

Ivuga ko ibi bitero biri mu rwego rw'ibindi vy'imbere y'aha, ko vyatanguye ku wa 22 Nzero (1) mu turere twa Mukoko, Gakenke, Point Zéro, Rugezi na Biziba, kandi ko vyabandanije gushika mu gatondo k'ejo ku wa mbere.

Uru runani ruvuga ko ibi vyose vyavuye ku ngingo yarwo yo "kuva mu gisagara ca Uvira hamwe n'ingendo yeruye ya Kinshasa yo guhonyanga amasezerano yo guhagarika intambara, nk'uko vyumvikanyweko n'impande zompi, mu gihe kandi ibiganiro bibandanya i Doha".

M23 isaba ko Kinshasa yoterwa igitsure kugira ngo "ikure ingabo zayo yarungitse mu micungararo no muri ako karere" ka Minembwe.

Abategetsi ba Kinshasa, baba aba poritike canke ab'igisirikare, ntaco bashima kuvuga kuri ibi bivugwa na AFC/M23.

Abajijwe ico yovuga kuri ibi bivugwa na AFC/M23, Liyeneta -Koroneli Mak Hazukay avugira FARDC yishuye BBC Gahuzamiryango ko ataco ategekanya kubivugako.

Gusa, sous-lieutenant Mbuyi Reagan avugira FARDC mu ntara ya Kivu y'Epfo asubirwamwo na Radio Okapi yemeza izi ntambara, kandi ko intego y'igisirikare ca reta ari ukubohoza Minembwe.

Ati: "Duhagaze neza mu ntambara zibandanya hagati yacu n'inyeshamba za M23/AFC zishigikiwe n'Urwanda, n'inyeshamba za Twirwaneho, Gumino, na RED Tabara. Intego ni Minembwe. Ni twamara gufata aka karere, ibindi bikorwa bizoshobora gutegurwa. Umwansi ariko arahatakariza".

Umutwe wa Twirwaneho uriko urwana na FARDC n'abafadikanya nayo nawo usanzwe ufadikanyije na M23.

Muri izi ntambara, impande zompi ziritana ba mwana, aho AFC/M23 yagiriza ingabo za reta ko zicucagira ibibombe mu duce dutuwemwo n'abasivire, ivyo sous-lieutenant Reagan yamirira kure, akavuga ko FARDC ikingira abasivire mu turere tuberamwo izi ntambara, ahubwo akagiriza izi nyeshamba ibitero vy'amabombe mu rudavagi.

Yabwiye Radio Okapi ati: "Bamaze kubona ko bahatakariza, batera ibibombe mu rudavagi mu duce dutuwemwo abasivire benshi. Ariko twebwe ingabo za reta, ntiturwanira mu duce dutuwemwo n'abantu benshi, dukingira abanyagihugu".

Kurwanira muri Ntara ya Kivu no kuganirira i Doha

Izi ntambara zirabandanya mu gihe intumwa za reta ya Kinshasa hamwe n'iz'uno muhari zasubiye i Doha muri Qatar mu biganiro.

Muri ibi biganiro vyitezwe ko bihweza ishirwa mu ngiro ry'ivyo bumvikanyeko imbere y'aha, harimwo ivyo guhanahana impfungwa n'agahengwe mu ntambara.

Hagati aho, ubushikiranganji bw'imigenderanire bwa Doha butangaza ko izi ntumwa zaraye ziteye igikumu ku rwandiko rw'Inama mpuzamakungu ku karere k'ibiyaga binini (CIRGL/ICGLR) inyuma y'umubonano w'urwego rujejwe gukurikirana ishirwa mu ngiro ry'amasezerano yo guhagarika intambara, umubona wari wateguwe na Qatar mu twigoro twayo two kurangiza iyi ntambara.

Bimwe mu vyumwikanywe muri uno mubonano, basavye MONUSCO "kurungika ubutumwa bwa mbere mu gisagara ca Uvira kugira ngo buhagararire ishirwa mu ngiro ry'amasezerano y'amahoro mu misi iri imbere".

Inyuma y'intambara zikarishe zaranzwe mu kiyaya ca Rusizi mu ntango za Kigarama (12) 2025, inyeshamba za M23 zahavuye zigarurira Uvira ku wa 10 z'uko kwezi ariko ziza kuva muri iki gisagara ku gitsure c'amakungu, cane cane Reta Zunze Ubumwe za Amerika zahagarariye amasezerano y'amahoro hagati ya Perezida Felix Tshisekedi wa RD congo na Perezida Paul Kagame w'Urwanda.

AFC/M23 ivuga ko kuva ivuye muri iki gisagara haranzwemwo ubukozi bw'ikibi bwizizira Abanyamulenge, ivyo reta ya Kinshasa yamirira kure.

Izi nyeshamba zagumye zisaba ko amakungu afata kibazo c'umutekano wa Uvira mu minwe.