Sosthène Munyemana urwo yaciriwe ubwa mbere nirwo rwemejwe: gupfungwa imyaka 24

Sosthène Munyemana yambaye amarori, ishati yera n'ikoti yirabura.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Inyuma y'indwi zitatu hariko haraba imburano mu gisata c'iyungururizo i Paris, mu Bufaransa, sentare y'i Paris yemeje rubanza rwari rwaraciriwe ubwa mbere Sosthène Munyemana yagirizwa ivyaha vya jenoside yo mu Rwanda.

Munyemana yari yarunguruje yiyamiriza igihano co gupfungwa imyaka 24 yaciriwe na sentare y'intango y'i Paris mu mwaka wa 2023.

Urubanza rwasomwe mu masaha akuze cane y'ijoro ryakeye.

Kuri uwu wa kane, wari umusi wa nyuma wo kuburana. Urubanza rwamaze iminota mirongo itatu gusa. Ahanini, sentare yahaye ijambo rya nyuma uwagirizwa kugira asozere imburano ziwe.

N'ijwi rituje, Munyemana w'imyaka 70, yavuze ijambo rigufi ryamaze iminota iri musi ya 15.

Yibukije ko ata ruhara yigeze agira muri jenoside yo mu Rwanda mu 1994. Ashimangira ko ata caha na kimwe yakoze kandi ko ata na kimwe yicuza.

Yabwiye abacamanza gutahura ivyo, abibutsa kandi ko bamaze kwumva no kubona ko aho yabaye i Tumba, muri Butare, mu gihugu c'Urwanda, yari abanye neza n'abantu bose.

Abasaba kwisunga ubutungane nyakuri mu gufata ingingo ibereye, no mu guca ico yise "urubanza runsubiza iteka".

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Abunganira Sosthène Munyemana na bo nyene ntibaja kure y'ico gisabo. Bipfuza ko uyu muganga yezwa.

Berekanye ko ivyaha vya jenoside yagirizwa ari irementanya kandi ko n'amasura yakoreshejwe "yategetswe ivyo avuga".

Ku bw'ivyo, babandanije basaba ko sentare yofata uwo baburanira nk'inzirakarengane "yaranzwe n'ibikorwa vyo gufasha abandi no kurokora abari mu kaga mu gihe ca jenoside".

Bimwe mu vyo bishimikije, ni amakete abiri Munyemana yandikiye umugore wiwe yari kwiga mu Bufaransa mu 1994, aho yagaragaza uko ibintu vyari vyifashe nk'uwuraga.

Basigura ko ubutumwa buyarimwo bwerekana umutima w'umuntu ico gihe atari mu bikorwa vya jenoside.

Sosthène Munyemana asanzwe ari mu karuhuko k'izabukuru kuva mu 2022. Yahoze ari umuganga w'abagore n'indembe i Bordeaux mu Bufaransa.

Ako kazi ni ko yakora n'imbere ya 1994 mu cahoze ari Préfecture ya Butare mu bumanuko bw'Urwanda.

Yaranigishije mu gisata c'ubuganga muri kaminuza y'ico gihugu.

Abamwunganira barafatira no kuri ivyo mu kwerekana ko "yamaze imyaka myinshi akiza ubuzima bw'abavyeyi bariko baribaruka", kandi ko izina yiswe n'ibinyamakuru ko ari "umuyangayanga wa Tumba" (mu gifaransa, le boucher de Tumba) ari ikinyoma kigamije kumwambika ibara.

Tumba ni ko karere, muri Butare, karimwo kaminuza yigishako akanahakorera nk'umuganga.

Ibisigurwa n'ababuranira Munyemana ntibinyura abunganira imiryango yabuze abayo.

Kuri uwu wa Kabiri, bavuze ko kuba Munyemana yarafashije bamwe kurokoka bidahindura ukuri kw'uko yari mu babaye kw'isonga ry'itegurwa rya jenoside.

Yagize ati: "Gukiza umuntu umwe ntibifuta amaraso y'abandi benshi bazize jenocide."

We na bagenzi we, basaba abacamanza bagiye guca uru rubanza gufata umwanya mu co bise "kwiha iteka no kuruhura imitima y'ababuze ababo".

Ubu rero, urubanza rwahavuye rushirwa mu mwiherero. Bitegekanijwe ko ivyaruvuyemwo bija kumenyekana kuri uwu wa kane nyene hagati y'isaha zibiri n'isaha zitandatu z'ijoro.