Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
18 bapfiriye mu musunikano barondera kwinjira muri Espagne
Abimukira 18 bapfuye abandi nabo barakomereka igihe ikirwi kinini c’abantu bagerageza kwinjira mu karere ka Melilla kari ku mugabane wa Afrika ariko kegukira Espagne, nk’uko abategetsi ba Maroc ihana urubibe nako babivuga
Amakuru avuga ko bamwe muri aba bapfuye bakorotse bava hejuru ku ruzitiro rw’umupaka.
Abajejwe umutekano n’abimukira batari bake bajanywe mu bitaro kuvurwa inyuma y’imishamirano yadutse ejo ku wa gatanu mu gitondo.
Ni bwo bwa mbere hari hibonekeje igitigiri c’abantu benshi bagerageza kujabuka urubibe kuva Espagne na Maroc basubiye kwunga ubucuti mu vyo imigenderanire mu kwa gatatu.
Imigenderanire yari yatosekaye igihe Espagne ishigikira umugambi wo kwigenga kw’intara ya Sahara y’Uburengero.
Abategetsi ba Espagne bavuga ko abantu amajana n’amajana bagerageje kwinjira ku nguvu muri ako karere babanje kumena uruzitiro.
Hafi bose basubijwe inyuma ariko hari abarenga 100 bashoboye kwinjira ubu bakaba bariko barandikwa ku kigo cakira abimukira, nk’uko aba bategetsi babandanya babivuga.
Muri ino myaka mike iheze, Melilla na Ceuta, aka ni akandi karere kari ku mugabane wa Afrika ariko kegukira Espagne, twabaye ikiririmbiro ry’abimukira hafi bose bava musi y’Ubugaragwa bwa Afrika barondera kuja i Bulaya.