Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ingene ihumana ry'ikirere ririko ritera ubugumba mu bagabo
Inguvu z’intanga zisa n’iziriko ziragabanuka kw’isi ariko ni ikibazo kivugwa gake nk’igitera ubugumba. Ubu abahinga bariko barahagurukira igishobora kuba gitera iyi ngorane.
Muganga yabwiye Jennifer Hannington ati: "Turashobora kugutunganiriza. Nta kibazo. Turashobora kugufasha". Hanyuma ahindukirira umugabo we Ciaran, amubwira ati: "Ariko nta vyinshi dushobora kugufasha".
Uyu mugabo n’umugore, baba ahitwa Yorkshire mu Bwongereza, bamaze imyaka ibiri bagerageza kurondera umwana. Barazi ko bitazoborohera gusama kuko Jennifer afise ikibazo kizwi nka syndrome des ovaires polykystiques/polycystic ovarian syndrome, ingorane ishobora gutera ubugumba.
Ico batari biteze ni uko no ku ruhande rwa Ciaran naho hari ingorane. Ibipimo vyerekana ko afise ibibazo, muri vyo hakaba harimwo ivy’uko intanga ari nke kandi ko zidafise inguvu. Igiteye ubwoba gusumba, ni uko ibi bibazo bizwi ko bigoye gutorera umuti gusumba ivya Jennifer – kumbure mbere ko bidakunda.
Hannington aracibuka ingene yaciye amera: "Umubabaro. Agahinda. Sinavyemera na gato. Nibajije ko abaganga bihenze". Igihe cose yamye azi ko azoba se w’abana. "Numva umengo narahemukiye umugore wanje".
Uko imyaka yagenda, amagara yiwe yo mu mutwe yagiye amera nabi. Yatanguye kumara umwanya munini yitaramuye, akaguma aryamye mu nyuma ahindukirira inzoga kugira ngo yihumurize. Mu nyuma yahavuye afatwa n’ubwoba.
Ati: “Narashitse mu bihe bigoye. Hari ahantu habi cane”.
Ubugumba bw’abagabo bungana hafi ica kabiri c’ibibazo vyose vy’ubugumba, kandi ni ingorane iri mu bagabo 7%. Ariko ni ikintu kivugwa buke gusumba ubugumba bw’abagore, ku ruhande rumwe bitewe n’uko ari ikintu kidakunze kuganirwako mu mico n’imigenzo.
Abenshi mu bagabo bafise ingorane z’ubugumba, ibibutera ntibikunze gusigurwa – kandi kubera ikibazo c’ukunenwa, abenshi bababarira imbere bahitamwo kunuma.
Ubushakashatsi bwerekana ko iyi ngorane ishobora kuba iriko iriyongera. Ibintu bitari bike harimwo ihumana ry’ikirere bigira ingaruka mu bijanye n’irondoka ku bagabo, cane cane ku ntanga – ingaruka zigashobora kuba ku muntu ku giti ciwe no mu kibano muri rusangi.
Ikibazo c'irondoka kinyegejwe?
Mu kinjana giheze, ibitigiri vy’abantu kw’isi vyariyongereye ku rugero ruteye ubwoba. Mu myaka 70 yonyene iheze, kw’isi hari abantu imiriyaridi 2.5 zonyene. Mu 2022, abantu kw’isi yose bageze ku miriyaridi umunani. Hagati aho, umuvuduko w’iri rwirirana ry’abantu waragabanutse, akenshi bitewe n’ibibazo bishingiye ku mibereho n’ubutunzi.
Ibitigiri vy’abana bavuka kw’isi biriko biragabanuka ku rugero rutari bwigere ruhabo. 50% vy’abantu kw’isi baba mu bihugu aho abagore bafise urugero rw’irondoka rw’abana babiri kuri buri mugore – ibizotuma igitigiri c’abantu kizogenda kigabanuka mu gihe hatoba abimukira.
Bimwe mu bituma uru rugero rw’irondoka rugabanuka harimwo vyiza nk’akarorero ubushobozi bw’abagore bwo kwitunga mu buryo bw’amafaranga hamwe n’uko bashobora kugenzura irondoka bo nyene. Ku rundi ruhande, mu bihugu bifise urugero ruto rw’irondoka, ubushakashatsi bwerekana ko abubakanye bipfuza kuronka abana benshi kurenza abo bafise, ariko bagahitamwo kubiheba kubera ibibazo vy’imibereho n’ubutunzi, nk’uburyo bwo gutunga imiryango.
Ariko muri uwo mwanya nyene, hashobora kuba hari igabanuka ry’ubushobozi mw’irondoka, ni ukuvuga ubushobozi bw’umuntu kugira ngo ashobore kuvyara. Cane cane, ubushakashatsi bwerekana ko ibibazo bijanye n’irondoka ku ruhande rw’abagabo bigenda vyiyongera, harimwo intanga zidakwiye, igabanuka ry’urugero rw’inkabuzo za testosterone, hamwe n’igabanuka ry’inguvu zo kurangura amabanga y’abubatse ziri kumwe n’ukwiyongera kwa kanseri y’amatengatwa.
Uturemangingo twoga
Sarah Martins Da Silva, umuhinga mu bijanye n’irondoka kw’ishure kaminuza rya Dundee muri Scotland (Écosse), avuga ati: "Intanga ni uturemangingo twiza. Ni duto, turoga, kandi dushobora kuba hanze y’umubiri w’umuntu. Nta tundi turemangingo tubishoboye. Dufise ubuhinga budasanzwe".
Impinduka ntoya gusa zirashobora kugira ingaruka zikomeye kuri utu turemangino tudasanzwe, cane cane ku bubasha bwatwo bwo kwinjira mu rubuto rw’umugore.
Ibintu nyamukuru ku bijanye n’ubushobozi bwo kuvyara ni ingene intanga zishobora kugenda, ingene ziteye n’ubunini bwazo, hamwe n’urugero rwazo mu masohoro (semen). Ibi ni vyo bintu vyihwezwa iyo umugabo agiye kwipimisha ko ashobora kuvyara.
Hagai Levine, umwigisha w’ibijanye n’imigera kw’ishure kaminuza Hebrew University of Jerusalem, muri Israel, avuga ati: "Muri rusangi, iyo uronse intanga ziri musi y’imiriyoni 40 kuri mililitiro imwe y’umusohoro, uba utanguye kubona ingorane y’irondoka".
Urugero rw’intanga, nk’uko Levine abisigura, rurafitaniye isano n’ubushobozi bwo kuvyara. Nubwo urugero runini rw’intanga rudategerezwa gusigura ko umuntu aba afise ubushobozi bwo gutuma umugore asama inda, musi y’imiriyoni 40 kuri mililitiro, amahirwe yo gusama aca aragabanuka n'ingoga.
Mu 2022, Levine n’abo bakorana basohoye umwihwezo ku rugero rw’intanga abagabo bashobora gusohora kw’isi yose. Werekana ko urugero rw’intanga rwakorotse gushika kuri 1.2% ku mwaka hagati ya 1973 na 2018, kuva ku miriyoni 104 gushika kuri 49 kuri mililitiro. Kuva mu mwaka wa 2000, iri gabanuka ryariyongereye cane gushika ku bice birenga 2.6% ku mwaka.
Levine abona ko umurindi w’iri gabanuka ushobora kuba uva ku mpinduka ku kungene uduce ndangakamere (genes) dukora, biturutse ku bibazo vy’impinduka z’ibidukikije hamwe n’imibereho. Ikindi cigwa cerekana kandi ko utu duce ndangakamere dushobora kugira uruhara ku ntanga no ku bushobozi bw’irondoka ku mugabo.
Ati: "Hari ibimenyetso ko bigenda vyiyongera urunganwe ku rundi.
"Iri gabanuka ry’urugero rw’intanga ni ikimenyetso c’amagara make ku bagabo, mbere kumbure no kuri kiremwamuntu. Turahanzwe n’ikibazo c’amagara y’abantu – kandi ntituzi ko ibintu bishobora guhinduka”.
Ubushakashatsi bwerekana ko ubugumba kw’umugabo bushobora kwerekana ibibazo vy’amagara muri kazoza, n’aho isano ritaratahurika neza. Kimwe mu bishoboka ni uko ibibazo bimwe bimwe vy’imibereho bishobora guteza ubugumba hamwe n’ibindi bibazo vy’amagara.
Da Silva ati: "Nubwo kwipfuza umwana hanyuma umugore ntashobore gusama inda ari ikintu kibabaje cane, ibi ni ikibazo gikomeye cane”.
Impinduka mu mibereho y’umuntu zishobora kuba zidahagije ubwazo guhagarika ikibazo c’igabanuka ry’urugero rw’intanga. Ibimenyetso bifadika vyerekana ko hari ikibazo kinini gishingiye ku bidukikije: ivyuka bihumanya ikirere.
Isi yuzuye ivyuka bihumanya
Rebecca Blanchard, umwigisha wa kaminuza akaba n’umushakashatsi kw’ishure kaminuza rya Nottingham mu Bwongereza, ariko aratohoza ku ngaruka z’ubumara buva muhira ku bidukikije mu bushobozi bw’ukuvyara ku mugabo. Akoresha imbwa.
Ati: "Imbwa ibana na twe. Iba mu rugo rumwe na twe kandi ihura n’imyanda ihumanya nkatwe. Twihweje imbwa, turashobora kumenya ibiba mu mubiri w’umuntu”.
Ubushakashatsi bwiwe bwibanze ahanini ku bumara buri mu ma plastiki, mu bikoresho vyo guturuza umucanwa be no mu bindi bikoresho vyo mu nzu. Ubushakashatsi bwiwe bwerekana ko ubu bumara bushobora kwonona imisemburo yacu, bukanonona ubushobozi bwo kuvyara haba ku mbwa canke ku bagabo.
Blanchard ati: "Twasanze habaye igabanuka ry’intanga haba ku muntu no ku mbwa.
"Twasanze kandi uduce ngengakamere twa ADN/DNA twicamwo ibice ku rugero runini".
Iyo uduce ngengakamere twa ADN/DNA tw’intanga twiciyemwo ibice, bishobora kugira ingaruka mbi ku bushobozi bwo gusama.
Ivyavuye muri ubu bushakashatsi bisa n’ubundi bwerekana ingaruka mbi zituruka ku bumara buri mu maplastiki, mu miti ikoreshwa mu ngo, mu ndya no mu kirere. Buragira ingaruka mbi ku bagabo no ku bagore, ndetse no ku nzoya.
Ihindagurika ry’ikirere na ryo nyene rirafise ingaruka mbi ku bushobozi bwo kuvyara ku bagabo, aho ivyigwa bitari bike vyakorewe ku bikoko vyerekana ko ubushuhe bushobora kugira ingaruka ku ntanga.
Ubushuye bwarabonetse ko bushobora kwonona intanga mu dukoko, kandi ingaruka nk’izi zaribonekeje no ku bantu. Icigwa cakozwe mu 2022 cabonye ko ubushuhe bwinshi – buturutse kw’ihindagurika ry’ikirere canke gukorera ahantu hashushe – bushobora kugira ingaruka mbi ku ntanga.
Gufungura nabi, inzoga n'agahinda
Hampande y’ibibazo bishingiye ku bidukikije, ibibazo vy’umuntu ku giti ciwe bishobora kugira ingaruka mbi ku bushobozi bwo kuvyara ku ruhande rw’umugabo, nk’ibibazo bishingiye ku gufungura nabi, ubuzima bwo kwimuka, agahinda, inzoga hamwe n’ibiyayuramutwe.
Muri ino myaka mirongo iheze, abantu batanguye kuvyara ku myaka yitereye – hanyuma mu gihe abagore bobo bama bibutswa ko bategerezwa kujana n’umwanya, ikibazo c’imyaka nta ngorane giteye ku ruhande rw’abagabo. Ubu, ivyiyumviro nk’ibi biriko birahinduka. Kugira intanga zidakomeye hamwe n’igabanuka ry’ubushobozi bwo kuvyara birafatwa ko bishobora guterwa n’imyaka yitereye.
Abantu barasabwa cane gutahura ibibazo vy’ubugumba ku ruhande rw’umugabo hamwe n’uburyo bwo kubwirinda, kubupima no kubuvura – ndetse no kumenya ko vyihutirwa guhangana n’ikibazo c’ivyuka bihumanya. Hagati aho, hoba hariho ikintu umuntu yokora kugira ngo akingire yongere yongereze urugero rw’intanga?
Imyimenyerezo ngororamubiri n’ugufungura neza bishobora kuba intango nziza, kuko bifitaniye isano n’urugero rwiza rw’intanga.
Blanchard ahanura gufungura imfungurwa kama no kwirinda ibikoresho vya plastiki birimo ubumara bwa BPA (Bisphenol A), ubumara bufitaniye isano n’ibibazo vy’irondoka haba ku bagabo canke ku bagore.
Ati: "Hariho ibintu bito bito ushobora gukora".