Abatinganyi ‘bakwiye kubajana kuri stade bakabatera amabuye’ – Ndayishimiye

Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru n'abanyagihugu uyu musi muri Komine Kigamba y’intara ya Cankuzo, Prezida Evariste Ndayishimiye yavuze ko ku bwiwe “abatinganyi tubabonye mu Burundi bari bakwiye kubajana kuri stade bakabatera amabuye”.

Mu ntango z’uyu mwaka, abantu 24 barafashwe i Gitega ku murwa mukuru wa politike bagirizwa uguhuza ibitsina bafise ibisa inyuma y’uko bari mu nama y’ishirahamwe ryitwa ‘Muco’.

Muri Myandagaro (8) uyu mwaka nyene abantu indwi muri abo baciriwe umunyororo wo hagati y’umwaka umwe n’imyaka ibiri na Sentare y’i Gitega ibahamije ‘uguhuza ibitsina bafise ibisa no guhimiriza abantu kuja mu buhumbu n’ubushurashuzi’, abandi bagirizwa hamwe bambitswe izera.

Prezida Ndayishimiye asanzwe yiyamiriza ivy’ubutinganyi, uyu musi yabajijwe n’abamenyeshamakuru niba Uburundi buzemera ingingo busabwa n’ibihugu biteye imbere yo kureka uburenganzira bw’abo b’amahitamwo atandukanye mu bijanye n’uguhuza ibitsina.

Yasubije ati: “Ngo ibihugu rutura biriko birahatira ibihugu bibayabaye ko bitegerezwa gukurikiza uwo mugambi ko bitawemeye ata mfashanyo bazoronka? Barayitwima… Barayitwima.”

Yakoresheje ivyanditswe muri Bibliya asobanura ko Imana ishobora kurakarira isi kubera ivy’abarongorana bafise ibitsina bisa.

Yongerako ati: “Nico gituma, iki ntikikiri ikibazo mu Burundi. Jewe kubwa ngingo mba nibaza ko mwene abo bantu tubabonye mu Burundi bari bakwiye kubajana kuri stade bakabatera amabuye, kandi [ababikora] nta gicumuro boba bakoze.

“Uburundi kuva bubaho bwemera Imana imwe rudende yaremye ijuru n’isi…ugaca ufata uno munsi ngo ugomba kuyimanuza ngo wumvirije abo shetani yamaze kwizizira?

“Ni nkuko rero wombwira ngo mbega shetani n’Imana uhisemwo iki? Ushaka gutora shetani ni ace aja muri ivyo bihugu abeyo, ahubwo nibaza ko bamwe mwavuga bahurumbira kuja hanze baba bagiye kwakira iyo migenzo, baraherayo ntibatuzanire, n’uri hanze ntazotuzanire.”

Mu Burundi uwagirijwe ubutinganyi ashobora guhanishwa umunyororo w'imyaka ibiri n'ihadabu. Mu bihugu bishika 11 kw’isi ivyo bishobora kuguhesha igihano co gupfa.

Muri ivyo bihugu harimwo Uganda aho kuva muri Rusama (5) uyu mwaka yemeje amategeko ategekanya ibihano birimwo ico kwicwa ku vyaha bigendanye n’abahuza ibitsina bisa. Ayo mategeko ariko ariyamirizwa mu sentare n’abaharanira uburengannzira bwa zina muntu ngo akurweho.