Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
'Umusirikare yoba ari uwa DRC yarasiwe kuri 'petite barriere'' - RDF
Itangazo ry'igisirikare c'Urwanda rivuga ko hari isaha indwi z'ijoro aho umusirikare atamenyekanye yoba ari uwa FARDC yajabuka urubibe kuri 'petite barriere' mu karere ka Rubavu aca atangura kurasa ku birindiro vy'abasoda b'Urwanda.
Iryo tangazo ribandanya rivuga ko abasirikare b'Urwanda, RDF bariko barakizura baciye bamurasa baramwica imbere y'uko hagira ico yonona.
Ku ruhande rwa DRC nta co baravuga.
BBC Gahuzamiryango yahamagaye Gen Sylvain Ekenge avugira igisirikare ca Congo, avuga ko ata co afise avuga ku vyanditswe n'igisirikare c'Urwanda.
RDF ivuga ko ivyabaye yabimenyesheje umugwi w’abahinga ba gisirikare bo mu karere basanzwe bagenzura bakanatohoza ibibazo vy’umutekano.
Ivyo bishitse mu gihe kuri uyu wa gatanu, ibiro vy'umuhuza wa EAC ku ntambara ibire muri Congo, Uhuru Kenyatta, vyasohoye itangazo, aho rivuga ko prezida Paul Kagame w'Urwanda yemeye gutera igitsure umuhari wa M23 ngo uhagarike intambara wongere uve mu duce twose uherutse kwigarurira.
Mu gihe vyokwemezwa ko uwo yapfuye yari umusirikare wa RD Congo, ntibuzoba bubaye ubwa mbere umusirikare w'ico gihugu arasirwa kuri urwo rubibe yagirizwa kujabuka kurasa mu Rwanda.
Mu kwezi kwa gatandatu mu 2022, igisirikare c’Urwanda, RDF, caremeje ko hari umusirikare wa Congo yarashwe arapfa inyuma yo kwinjira akarasa kandi agakomeretsa abantu muri Rubavu ku mupaka ivyo bihugu bihana.
Itangazo rya RDF ryavuze ko uwo musirikare wa Congo atamenyekanye umwidondoro, yari afise inkoho yo mu bwoko bwa AK47 [Kalashinikov].
Rikavuga ko “Muri iki gitondo hafi y’isaha 08:45 [isaha zibiri n’iminota 45 zo mu gitondo], umusirikare w’umunye-Congo atamenyekanye yari yitwaje inkoho yo mu bwoko bwa AK47 yajabutse “Petite Barriere” ku rubibe rwa Rubavu atangura kurasa abajejwe umutekano b’Urwanda n’abanyagihugu basanzwe bariko barajabuka”.
Bavuga ko yari yakomerekeje abapolisi babiri b’Urwanda imbere y’uko mugenzi wabo nawe amurasa akamwica.
N;ico gihe iryo tangazo ryavuze ko RDF yaciye yitura umugwi w’abahinga ba gisirikare bo mu karere basanzwe bagenzura bakanatohoza ibibazo vy’umutekano.