Igikombe c'isi 2022: Kuki abakinyi ba Iran banse kuririmba ururirimbo rw’igihugu

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abakinyi ba Irani banse kuririmba ururirimbo rw’igihugu imbere y’urukino rwabahuje n’Ubwongereza mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi, mu bisa n’ukwifatanya n’abari mu myiyerekano yiyamiriza reta mu gihugu cabo.
Bamwe mu bafana bavugije induru abandi bazomera mu gihe ururirimbo rw’igihugu rwariko rurasamirana, abandi nabo bafise ivyapa vyanditseko ngo “Umugore, Ubuzima, Ubwigenge”.
Imboneshakure ya Iran yaciye ibikata, ihagarika kwerekana ururirimbo rw’igihugu ruriko ruraririmbwa, maze ica yerekana amashusho arambuye y’ikibuga.
Mu mezi aheze, iyo myiyerekano yaratujijwe bikomeye.
Yavuye ku rupfu rwa Mahsa Amini, umugore w’imyaka 22 yapfiriye mu gasho mu kw’icenda, inyuma yo guhagarikwa n’igipolisi kijejwe inyitafo yagirizwa ko yahonyanze amategeko ruhasha ajanye no kwitwikira.
Abaharanira agateka ka zina muntu bavuga ko abari mu myiyerekano barenga 400 bishwe abandi 16.000 barahagarikwa n’abajejwe umutekano bariko batuza iyo myiyerekano.
Abategetsi ba Iran bavuga ko iyi myiyerekano ari “imigumuko” ikokezwa n’abansi b’igihugu bari mu mahanga.
Abafana ba Irani bumviswe kandi baririmba "Ali Karimi" mu gice ca mbere, bashaka kwibutsa uwahoze ari umukinyi, akaba yari umwe mu bantu banegura cane intwaro ya ki-Islam, akongera kandi akaba n’umwe mu bantu bari bazwi cane mu rugamba rwo kwiyamiriza ubutegetsi.
Abafana kandi bumviswe baririmba "Be-Sharaf", bisigura gusuzugura mu rurimi rw’igiperse. Iri ni ijambo abari mu myiyerekano bakoresha mu guhangana n’abajejwe umutekano muri Irani.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abenshi mu barwanya ubutegetsi bwa ki-Islam baranegura umurwi nserukiragihugu w’umupira w’amaguru kubera utashigikiye ku mugaragaro imyiyerekano, no kwemera kubonana na Perezida Ebrahim Raisi mu ndwi iheze.
Mw’ijambo yashikirije imbere y’urukino, kizigenza w’umurwi wa Irani Ehsan Hajsafi yavuze ko abakinyi “bashigikiye” abamaze gusandaba.
Umumenyereza Carlos Queiroz avuga ko abakinyi biwe bari “bafise uburenganzira bwo kugira imyiyerekano” ku vyerekeye agateka k’abagore mu gihugu cabo mu gihe cose “bidateye kubiri n’amabwirizwa ngenderwako y’igikombe c’isi yose kandi biri mu marangamutima y’urukino”.
Abakinyi ba Irani kandi barapfutse ikimenyetso c’umurwi nserukiragihugu wabo igihe bakina inkino zibiri za kivandimwe mu kw’icenda.
Reka abana bikinire umupira - Queiroz
Inyuma y’urukino rwa nijoro ku wa mbere batsinzwe n’Ubwongereza 6 - 2 mw’itsinda B, Queiroz yavuze ko indyane za poritike mu gihugu zagize ingaruka mbi ku murwi wiwe.
Uyu mumenyereza w’umunya-Portugal yavuze ati: "Kuri abo bose baza guhungabanya umurwi n’ibibazo ataho bihuriye n’umupira w’amaguru, nta kibanza bafise kubera aba bahungu bacu, ni abakinyi b’umupira w’amaguru gusa.
"Reka abana bikinire umupira. Kubera iki nico bishakira. Bashaka guserukira igihugu, guserukira abanyagihugu, co kimwe n’iyindi mirwi nserukiragihugu iri ng’aha. No mu yindi mirwi nserukiragihugu yose, iwabo hariyo ibibazo”.
Uyu yahoze ari icegera c’umumenyereza wa Manchester United yongerako ati: "Si vyiza kuza muri rino higanwa ry’igikombe c’isi ugaca ubasaba gukora ivyo batajejwe. Bashaka gutera iteka n’umunezero abanyagihugu.
"Ntushobora no kwiyumvira ivyo aba bana babayemwo mu buzima bwabo mu misi mike iheze, kubera gusa bashaka kwibera abakinyi b’umupira”.
Avuga kuri ivyo vyari bihejeje kuba inyuma y’igice ca mbere, umunyamakuru wa BBC Gary Lineker ashikiriza amakuru y’inkino, yavuze ati: "Cari ikimenyetso gikomeye, gikomeye cane koko.
"Umupira w’amaguru uriko uragerageza gukoresha inguvu zawo ku neza”.













