'Bafashe ku nguvu abagore bose hano' - aba bagore baravuga ayo baboneye mw'ibohero ry'i Goma igihe rimenwa

Ahavuye isanamu, Göktay Koraltan / BBC
Uragaba: Iyi nkuru irimwo ibintu biteye ubwoba, harimwo n'ivyo gufatwa ku nguvu, kuva ku ntango.
"Yambwiye ko ari nka hamwe nogerageza kwiruka, yari guca anyica".
Pascaline w'imyaka 22, yibuka amajambo y'uwamufashe ku nguvu mw'ibohero ry'i Goma, igisagara ca mbere kinini mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo, mu gaturuturu ko ku wa 27 Nzero (1) 2025.
"Naciye ntekereza ndemera hako ntakaza ubuzima" niko Pascaline abwira BBC.
Uyu yari umugabo agira kabiri yari amufashe ku nguvu mw'ibohero rya Munzenze. Igitero ca mbere cari ic'ubugome ku buryo yataye ubwenge.
Avuga ko ababateye buriye ku ruhome bavuye mu ruhande rw'abagabo muri iryo bohero rwari ruzwi kw'izina rya "Safina".
"Twumvise induru igihe bariko basimbira ku matangi y'amazi. Bari benshi cane, bituma tugira ubwoba bwinshi cane. Abatagize amahirwe bafashwe ku nguvu. Abagize amahirwe nabo barashoboye gusohoka badafashwe ku nguvu".
Akajagari kariko gakwira hose mw'ibohero, no mu gisagara cose. Inyeshamba za M23 zifashwe mu mugongo n'Urwanda zariko zisagiriza Goma.
Abari bacungereye iryo bohero co kimwe n'abari barongoye iki gisagara hafi bose bari bamaze guhunga. Amasasu yarashobora kwumvikana hanze y'ibohero.
Haciye amasaha, hagati mu rupangu, haradutse umuriro – ushobora kuba watewe n'impfungwa z'abagabo mu gihe bariko bagerageza guhunga.
Gushika mu gatondo, impfungwa zababa 4.000 z'abagabo zari zamaze gutoroka. Ariko n'abagore bakeya barashoboye kwiruka. Amasoko abiri avuga ko abagore 132 bose hamwe n'abana 25 bahiye gushika barapfa.
Asubiramwo "amasoko yizewe yo mw'iryo bohero", umutegetsi wo mw'ishirahamwe ONU yabwiye BBC ko "abagore nibura 153 batikiriyeyo".
Inyuma y'ukwezi, Pascaline yagarutse kuraba ikigangara c'iri bohero ryahiye rigatokombera, umunara w'abari baricunze ukaba ari wo ugihagaze.

Yipfuza kuvuga ivyamubayeko kandi arashaka no kumenyekana. Ni n'ijwi ry'abapfuye.
Ariko azunguruka mu mbuga y'uruhande rw'abagore muri iryo bohero, araba impome zahiye, inkono zo gutekammo n'ibirundo vy'impuzu vyasanzagiye irya n'ino. Yifata ku munwa mu gahinda kenshi, ataco ari buvuge, uretse kuzunguza umutwe.
Ati: "Harageze igihe ntari ngitahura ivyariko biraba. Natanguye kugarura akenge maze kubona ingene abandi bariko barapfa, novuga ko ari Imana yashatse ko ndokoka".
Pascaline, umugore yari asanzwe adandaza ibitunguru, yagiye kwisanga mw'iri bohero inyuma y'uko umukoresha wiwe amwagirije ubusuma.
Nadine w'imyaka 22 na we nyene agarutse muri iri bohero ku ncuro ya mbere. Mu mutwe iwe, ntashobora kurivamwo.
"Iyo ndyamye mw'ijoro, ibintu vyose naboneye hano bingarukamwo. Nsubira kubona abapfuye - imivyimba myinshi nabonye hano gushika nsohoke. Aho kutwugururira, baraturetse turapfa nk'inyamaswa".
Nadine avuga ko na we nyene yafashwe ku nguvu n'abagabo babiri.
Abwira BBC ati: "Baje bafise inzoga. Bashaka guha abantu ibiboreza. Baramfashe ku nguvu. Bafashe ku nguvu abagore bose hano".
BBC ntishobora kumenya abagore bafashwe ku nguvu muri iryo joro ku bagore 167, nk'uko amakuru avuga, bari bapfungiwe muri iri bohero.
Nadine arashavuriye cane abategetsi bamupfunze kubera ideni atari bwarihe, nk'uko abivuga, hanyuma bakanka kumurekura.
Ati: "Sinibaza ko hano muri Congo hashobora kuba ubutungane. Ndababazwa n'ingene reta iriko iravyifatamwo".
Ku birometero birenga 1500 uvuye ku mugwa mukuru Kinshasa, reta ya RD Congo nta kintu na kimwe ikijejwe i Goma. Inyeshamba ni zo ziyigenzura kandi zibandanya zagura akarere mu buseruko bw'igihugu.
Mu birundo vy'umunyota bisanzagaye hasi muri iryo bohero inyuma y'uno muriro, hari agakandambili gato gasa n'agahama, kahiye uruhande rumwe. Hampande yaho hari ibipfungo bisayangana, kumbure bikaba ari ivyo ku duhuzu tw'abana.
Abagore bari bapfunzwe baremerewe kugumana n'umwe mu bana babo mw'ibohero. Babiri bonyene mu bana 28 ni bo bashoboye kurokoka uno muriro wo muri iri bohero, nk'uko isoko rimwe ribivuga. Abana bari bapfungiwe mu rundi ruhande bari barekuwe imbere y'aha kuri uwo musi.
Si umwotsi n'imbeya gusa vyishe aba bantu bari mu kaga, nk'uko bivugwa n'uwundi w'imyaka 38 yarokotse, akaba adashaka ko izina ryiwe rimenyekana. Hano tumwita Florence.
Avuga ko "abana batanguye gupfa" igihe hatangura guterwa ivyotsi bikoroza amosozi muri uru ruhande rw'iri bohero rupfungiwemwo abagore.
Florence ati: "Ibohero ryari rikikujwe n'abasirikare n'abapolisi bariko baraturasa badutera n'ivyotsi bikoroza amosozi, aho kuza kuzimya uno muriro.
"Igihe badutera ibi vyotsi bikoroza amosozi, umuriro waciye wiyongera. Twarababwa mu maso nk'aho umengo baduteye ipiripiri. Ntako twashobora guhema".
Hari igipfungu ku bijanye n'uno muriro n'ibi vyo gufata ku ngugu, aho impande zose zirondera kwagiriza abandi.
Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu avuga ko, baba abarwanyi ba M23 baba abasirikare ba reta, bose bakoresha cane ugufata ku nguvu nk'ikirwanisho muri Congo.
Ariko hano, Florence avuga ko vyakozwe n'abapfungwa bagenzi babo.
"Warashobora kubona ko bari abapfungwa. Bamwe baje ata birato bambaye. Igihe burira ku gisenge c'ibohero ry'abagore, baza bahamagara amazina y'abo bari bazi. Kandi mu baduteye nta n'umwe yari afise inkoho canke umwambaro w'akazi".
Florence avuga ko yatanguye kwumva "amasasu yasirana" hanze y'ibohero kuva isaha zitanu z'ijoro kubandanya, kandi ko abapfungwa batoroka bariko baricwa n'abapolisi hanze.
"Hagize impfungwa isohoka, yaca iraswa. Igihe amasasu yariko aguruka, nari ku mavi nsaba Imana ko yodukura muri aya mahano".
Avuga ko bamwe mu bameneye mu ruhande rw'abagore bariko barondera inzira yo guhunga itekanye.
Baramenye rumwe mu mpome zajana hanze, ahantu mu bisanzwe hatashirwa abapolisi. Ariko iki canzo nticatevye kwuzura umuriro.

Florence yatanguye kubona umuriro hafi isaha icumi z'ubucagucagu. Hanyuma isaha ku yindi atangura kugenda aca ku muvyimba aca ku wundi.
Florence abwira BBC ati: "abantu bariko bapfa turorera. Sinashobora kubaharura. Twaragerageje kubahembura mu kubaha amazi. Bamwe mu bagore bishwe n'umuriro hamwe n'ibi vyuka bikoroza amosozi. Bamwe bishwe n'umutima".
Na we nyene yagiriza abategetsi ba Congo ko ari bo batumye hapfa abantu benshi.
"Reta yari kwugurura imiryango imaze kubona uno muriro canke ikaza ikawuzimya".
BBC yarituye reta i Kinshasa iyisaba inyishu kuri ibi twabwiwe n'aba barokotse ariko ntituraronka inyinshu n'imwe.
Florence avuga ko iri bohero ry'abagore ryahavuye ryugururwa isaha zitanu – ntazi uwaryuguruye – ari ho yasohoka n'abandi 18. Nta mfashanyo bigeze bahabwa.
Ati: "N'abapolisi twasanze kw'ibarabara nta na kimwe bigeze batubaza kuri iri bohero, canke nimba hari abagiriwe nabi, canke ingene twari tumerewe".
Ico gihe, inyeshamba zari mu duce tumwe tumwe tw'iki gisagara, inyuma yo kwinjira hafi isaha zibiri. Goma yariko irafatwa.
Bisa nk'aho aba bagore ataco bari bavuze – baba mw'ibohero canke hanze yaryo.
Mw'ihema riri mu kigo c'ibitaro vya Goma, twahasanze uwundi yarokotse, Sifa w'imyaka 25, yatabawe n'umugenzi mu mbeya z'umuriro.

Ahavuye isanamu, Göktay Koraltan / BBC
Aryamiye uruhande rw'i bubamfu, kuko aryamiye ku rundi aca ababara. Ukuboko kwiwe kw'i buryo kuraboshe cane, kandi afise ibimenyetso vy'ubushe ku kuboko no mu maso. Afise kandi n'ubushe mu mugongo. Iyo ahinduriwe impuzu, abaforoma bategerezwa kumuha umuti w'ububabare.
Ariko umubabaro wiwe urarengeye uwo ku mubiri.
Umwana wiwe w'umukobwa Esther w'imyaka ibiri yapfiriye mw'ibohero.
Ati: "Nari mpetse Esther. Igihe twashaka guhunga, yaguweko n'ikintu. Ikibombe? Sinzi. Yaciye apfa aho nyene".
Avuga ko Esther ari ho yari agitangura gutambuka kandi "nta caha yari afise". Rimwe na rimwe yarakina n'abandi bana mw'ibohero, ariko kenshi yagumana na nyina.
None vyagenze gute ngo Sifa yari asanzwe acuruza ibiyoba yisange mw'ibohero ryuzuye no mu ryinyo ari kumwe n'umukobwa wiwe?
Yagirijwe uruhara mu busuma, ivyo ahakana. Avuga ko yapfunzwe ata caha kimwagiriye. Abanyagihugu baho bavuga ko ibi ari ibintu bikunze kuba.
Ivyabereye mw'ibohero rya Munzenze bishobora kutazokwigera bimenyekana. Bisa nk'uko abategetsi batariko bihutira kurondera kumenya ivyabaye.
Sifa n'abandi barokotse twavuganye batubwiye ko ata n'umwe arigera abavugisha kugira ngo bamubwire amahano babonye ku wa 27 Nzero, baba inyeshamba zigenzura Goma ubu, baba reta ya Kinshasa yahoze ijejwe iri bohero.
Sifa ati: "Nta n'umwe azokurikirana [uru rubanza]. Nta n'umwe azokurikiranwa. Vyaraheze".
Wietske Burema, Göktay Koraltan na Yvonne Katinga ba BBC baraterereye kuri iyi inkuru.













