M23 isatira Uvira: 'Abagabo bacu barahigwa, baguye mu ntambara, tuzobaho gute?'

Kubera ubukene bw’ibiraro, amodokari zunguruza abantu n’ibintu, ziva Uvira zija mu muji wa Bujumbura, umugwa mukuru w’ubutunzi w’Uburundi, ku ntango y’ikiyaga Tanganyika, zica zihagarara ku nkombe z’amazi, izindi zigaca zihagarara hakurya.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Umunyagihugu ariko ajabukira ku gitarurwa gito cashizwe ku ruzi Shange, inyuma y'aho ikiraro co kuri urwo ruzi gisenyukiye, kw'ibarabara rikuru RN5, mu gace ka Sange, mu ntara ya Kivu y'epfo, mu buseruko bwa Republika ya Demokarasi ya Congo, kuwa 29 Ruhuhuma, 2024
    • Umwanditsi, Alfred Lasteck
    • Umwanditsi, Ashley Lime

Umugwi M23 ushigikiwe n'Urwanda uriko urasatira Uvira, umuji uri mu buseruko bwa Republika ya Demokarasi ya Congo, nk'uko amasoko amwe yabisobanuriye BBC.

Inyuma y'imiji baheruka gufata ya Bukavu, Kamanyola na Luvungi, abarwanyi ba M23 bivugwa ko bariko begereza umuji ugira kabiri mu bunini mu ntara ya Kivu y'epfo, utuwe n'abantu barenga 700,000.

Abahaba babwiye BBC ko batekewe n'ubwoba kubera amakuru bumva y' intambara hagati y'ingabo za leta n'imigwi izishigikiye.

Rehema (siryo zina ryiwe), umukenyezi w'abana batatu, asanzwe aba Uvira, yabwiye BBC ko hari icuka kibi gikomeza kuduga inyuma y'amakuru y'abaguye mu miji ya Goma na Bukavu.

Rehema avuga ko umuryango wiwe umaze iminsi ibiri utagoheka (utaryama) kandi ko ingabo za leta ya Congo zidashobora kubarwanirira kubera intambara n'ubusuma vyakomeye cane.

Umwe mu banyagihugu atashimye kwivuga izina, yabwiye BBC ko yabonye aho abasirikare bariko barasahura, bambura abanyagihugu basanzwe ndetse no kubica bakabica, igihe bariko baja hirya no hino muri uwo muji, uhana urubibe n'Uburundi.

Ati: "Rero twese turi mu nzu, turindiriye ko M23 iduturako amaguru. Ivyo nivyo vyashitse i Bukavu. Nafashe ingingo yo kuguma hano kuko numvise ko bigoye iyo hakurya ku bajabutse mu makambi y'abateshejwe izabo i Bujubmura. Nta nfungurwa bagira".

BBC yamenye ko abanye Congo bajabutse muri Bujumbura, umuji mukuru w'Uburundi, usanga baja gusaba indaro mu mihana.

Ababa Uvira bavuga ko babonye intambara hagati y'abasirikare ba Leta n'abarwanyi ba Wazalendo bari basanzwe bafatanije, babuza abasirikare ba FARDC kuva muri Uvira.

Abantu bariko bahunga intambara bajabuka ikiraro. Kubera ubukene bw’ibiraro, amodokari zunguruza abantu n’ibintu, ziva Uvira zija mu muji wa Bujumbura, umugwa mukuru w’ubutunzi w’Uburundi, ku ntango y’ikiyaga Tanganyika, zica zihagarara ku nkombe z’amazi, izindi zigaca zihagarara hakurya.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abanyagihugu bariko ajabukira ku gitarugwa gito cashizwe ku ruzi Shange, inyuma y'aho ikiraro co kuri urwo ruzi gisenyukiye, kw'ibarabara rikuru RN5, mu gace ka Sange, mu ntara ya Kivu y'epfo, mu buseruko bwa Republika ya demokarasi ya Congo, kuwa 29 Ruhuhuma, 2024

Intambara ndende?

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Abarwanyi ba Wazalendo bivugwa ko bafashe inkoho n'ibindi birwanisho vy'ingabo za leta, babagiriza ko bashaka guhunga urugamba bagatera bamanuka amaja Kalemie.

Umwe mu banyagihugu yagize ati: Wazalendo barahagaze babuza ingabo za leta kwonona, bazisaba gutanga ibirwanisho," aho yongeyeko ko abanye Congo bagera ku bihumbi cumi na bitanu (15 000) bamaze kujabuka mu Burundi.

Uwundi nawe yavuze ko "hari aba colonel benshi bo mu gisirikare ca leta bakomeza gushika. Ejo, abenshi muri bo bavuye hano mu muji n'ubwato. Bavuye aha baja Kelemie, bafashe ubwato bwitwa Amani", niko yabwiye BBC.

BBC ntiyashoboye gusuzuma mu buryo bwigenga aya makuru.

Ku munsi wa gatatu, nta muntu yashobora gucaruka muri uwo muji kubera ubusuma bwakozwe n'abantu bafise ibirwanisho, aho bivye n'ibigega vy'amashirahamwe y'abagiraneza.

Ishirahamwe ry'abaganga batagira imbibe -MSF, ritanga infashanyo zo kwa muganga, ryateye akamo risaba ko abanyagihugu bokingirwa, kandi n'ubufasha bukabashikira.

"Tudashobora kugenda mu muji, imigwi y'abaganga n'abajejwe ubundi bufasha irageramiwe. Ibitaro mu karere, bikomeza kwakira abakomeretse buri munsi, harimwo n'abanyagihugu basanzwe". Niko ivuga mw'itangazo ryashizwe ku rubuga rwabo rwa X.

Uwashinze ikigo Congo Research Group akaba n'umwigisha muri kaminuza ya Simon Fraser University, Joson Stearns, yavuze ko hari ibimenyetso vyose vyerekana intango y'intambara ishobora kuzomara igihe kirekire.

Yagize ati: "M23 yatanguye gushiraho inzego z'intwaro, gutoza amakori no kwinjiza abarwanyi bashasha. Bakomeza kwinjira indani muri Congo. Uvira biboneka ko ari intambwe imwe mu ntambara ndende. Aho ni mu gihe kandi igisirikare ca Congo kiri mu kangaratete kuva igihe abo barwanyi barwanira bagafata umuji wa Goma".

Bwana Stearns aravuga ko ingabo z'Uburundi zavuye muri Congo, iza Afrika y'epfo nazo zugaraniwe mw'ikambi hagati mu muji wa Goma, nayo abari bafitanye amasezerano yo gufasha leta ya Kinshasa kurwana ku giti cabo, barazimanganye, gutyo rero " uburyo bwa gisirikare bwo guhagarika M23 busigaye ari buke cane".

Mu mpera z'indwi ishize, M23 yafashe umuji wa Bukavu ata kigoranye, kuko ingabo za Congo n'abazishigikiye baciye bakinjura.

Ubuzima muri uwo muji busa n'ubwatanguye kugaruka, nk'uko bivugwa n'abahari, aho uwo muji ubu ugenzurwa na M23.

Umwe mu baba Bukavu yabwiye BBC ko urudandazwa, ama banki n'amaduka vyongeye kwugurura.

Yagize ati: "Turashobora kuja hanze y'amazu yacu, abantu baratanguye kwiyakira ku vyo batakaje mu mpera z'indwi ishize. Ubuzima burakomeza neza gusumba ubu…M23 iri ahantu hose," niko uwo munyagihugu wa Bukavu avuga, aho yongeye ko urunani AFC/M23 rwatangaje ko amashure yongera kwugurura kuri uyu wa mbere.

Kubera ibiraro vyacitse, imodokari zija iBujumbura mu Burundi, umugwa mukuru w’ubutunzi uri hakurya ya Uvira, ku mutwe w’ikiyaga Tanganyika, zitegerezwa guhagarara ku ruzi, ariko hari iyindi miduga iba ihagaze ku nkombe hakurya iBurundi.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Gutwara abantu n'ibintu mu modokari ziva Bukavu zija Bujumbura mu Burundi zaheze mu nzira kuva ikiraro co kw'ibarabara RN5 , mu gace ka Sange, muri Kivu y'epfo mu buseruko bwa Republika ya Demokarasi ya Congo, kuwa 29 Ruhuhuma mu 2024.

Iyi ntambara imaze imyaka iharugwa mu mirongo, umwe mu mizi yayo, ushamikiye kuri jenoside yabaye mu gihugu kibanyi c'u Rwanda mu 1994, aho abantu barenga 800,000 bishwe, cane cane bo mu bwoko bw'abatutsi, bicwa n'intagondwa z'abahutu.

Inyuma yaho abahutu benshi baciye bahungira muri R D Congo, harimwo n'abagize uruhara muri jenoside. Urwanda ruvuga ko n'ubu bakiri intabamyi.

Abihweza utuntu n'utundi bo bavuga ko Urwanda rushinze ijisho ubutunzi bw'amabuye y'agaciro bwa Congo bushirwa mu bikoresho vy'ubuhinga bwa none birimwo za terefone na mudasobwa.

Ubutegetsi bwa Kigali bwakomeje guhakana ko bufashe mu mugongo abo barwanyi ba M23.