Wokora iki mu gihe haje nyamugigima?

Diyarbakir ni kimwe mu bisagara vyononekaye cane kubera iyi nyamugigima, aba bantu bumiwe bariko bihweza abari mu bikorwa vy'ubutabazi

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Diyarbakir ni kimwe mu bisagara vyononekaye cane kubera iyi nyamugigima, aba bantu bumiwe bariko bihweza abari mu bikorwa vy'ubutabazi

Nyamugigima ifise uburemere 7,8 mu bipimo vya Reichter iherutse kwiha inkumbi muri Turukiya na Syria ishobora kuba ari imwe mu zimaze guhitana abantu benshi muri ino myaka cumi, aho abarenga 8700 muri ibi bihugu vyompi ari bo bamaze kumenyekana ko bapfuye.

Turukiya ni igihugu gikunze guterwa na nyamugigima zikiha inkumbi. Hagati ya 1939 na 1999, yatewe na nyamugigima zitanu zikomeye. Kuva mu 1900, abantu barenga 90.000 baramaze gupfira muri nyamugigima zitari musi ya 76. Inusu y’aba bapfuye hagati ya 1939 na 1999.

Izindi nyamugigima zihaye inkumi muri ino myaka 20 iheze ni izabaye muri Haiti mu 2010 aho abarenga 200.000 bapfuye hamwe no mu 2021 aho abarenga 2.200 bapfuye – no muri Indonesia mu 2018 aho 4.300 bapfuye. Muri Irani mu 2017, abantu barenga 400 barapfiriye kandi muri nyamugigima.

Igorofa nini cane ahitwa Kahramanmaras muri Turquie yose iri hasi

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Igorofa nini cane ahitwa Kahramanmaras muri Turquie yose iri hasi

Kubona nyamugigima zitarashika

Nk’uko abahinga babivuga, n’aho bishoboka ko ahashobora guterwa na nyamugigima hashobora kumenyekana, ikibazo ni ukumenya igihe zishobora kubera. None turashobora kuzibona zitaraba?

Dr Stephen Hicks, umuhinga mu bijanye na za nyamugigima kw’ishure kaminuza Imperial College rya Londres, avuga ati: "Ikibabaje ni uko bidashoboka".

"Ariko ico dushobora gukora ni ukuzitegurira. Turashobora kugereranya. Mu turere tumwe tumwe nka California muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, be no mu Buyapani, amakuru avuga umuzo wa nyamugigima agenda aba ay’ukuri."

Ni ibiki ushobora gukora ku bw’umutekano, hanyuma kandi ni ibiki udashobora gukora?

Umukozi wo mu gisata kijejwe ubutabazi muri Syria ateruye umwana amuhungishiriaa kure y'ibihomoka vy'inzu inyuma ya nyamugigima muri Azaz, igisagara ca Syria kiri mu minwe y'inyeshamba

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umukozi wo mu gisata kijejwe ubutabazi muri Syria ateruye umwana amuhungishiriza kure y'ibihomoka vy'inzu inyuma ya nyamugigima muri Azaz, igisagara ca Syria kiri mu minwe y'inyeshamba

Kwama witeguye

N’aho bitoroshe kumenya igihe nyamugigima ishobora gushika, nk’uko abahinga babivuga, ni ngombwa kwama witeguye, ibi bigasigura ko utegerezwa kwama ufise integuro y’ico wokora mu gihe habaye nyamugigima.

Dr Hicks asigura ati: "Nimba uba mu karere gakunze guterwa na za nyamugigima, utegerezwa kuba ufise ibintu nkenerwa vyo kwikorako mu bihe bidasanzwe."

Muri ivyo bintu hategerezwa kubamwo amazi y’integabizoza, itoroshi, ibikoresho vy’ubutabazi mu buryo bwihuta, hamwe n’imfungurwa.

Nk’uko ishirahamwe Croix rouge ribivuga, ivyo bikoresho bitegerezwa kuba birimwo amafaranga hamwe kandi n’amakopi yawe y’impapuro ngirakamaro, nk’akarorero urutonde rw’imiti usanzwe ufata.

Abajejwe ubutabazi bariko barondera aboba bagihema i Malatya muri Turukiya

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abajejwe ubutabazi bariko barondera aboba bagihema i Malatya muri Turukiya

Guma aho uri, mu gihe wizeye ko inzu urimwo itekanye

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Nk’uko ikigo c’abahinga co muri Amerika, United States Geological Survey, kibivuga, ufise amahirwe menshi yo kudakomereka mu gihe ugumye aho uri. Rero nturondere kujarajara wiruka uja hanze canke mu bindi vyumba mu gihe hariko haraba nyamugigima, nk’uko aba bahinga babihanura.

"Kwunama, kwipfuka no kuguma aho uri" ni co civugo kugira ngo wikingire, nk’uko abahinga babivuga.

Kugenda wavura birashobora kugukingira ibintu bikoroka kandi bikagutuma uzunguka bukebuke, bibaye ngombwa.

Nimba winyegeje musi y’imeza kandi ubona ko ata yandi mahungiro hafi yawe, ni vyiza ko uguma hamwe gushika ivyo kugigimba bihagaze.

Ikintu kiri mu vya mbere mu kwikingira ni uguhagarara mu muryango. Ariko abahinga bavuga ko umutekano wawe ushobora kuba ukingiwe cane musi y’imeza mu gihe usanzwe uba mu nzu ishaje.

Amadirisha n’impome zo hanze biri mu bintu vya mbere vy’inzu bitangura kubomoka. Rero impanuro ni ukuguma kure y’ivyo bibanza bishobora kukubangamira.

Abahinga bavuga ko ari vyiza ko umuntu aguma aho ari ku mvo z'umutekano wiwe

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abahinga bavuga ko ari vyiza ko umuntu aguma aho ari ku mvo z'umutekano wiwe

Sohoka iyo hatekanye

Iyo kugigimba vyahagaze, mu bisanzwe ni vyiza gusohoka hanze mu gihe ubona ko inzu urimwo ishobora gusenyuka.

Ibi vyose ni mu gihe nyamugigima yagusanze mu nzu. None mu gihe ije uri hanze wovyifatamwo gute?

Abahinga bavuga bati: "Guma aho uri". Kwigira kure y’inyubakwa, intsinga z’umuyagankuba, ibinogo, imiringoti y’igitoro na gaze, gushobora kukugabaniriza ivyago vyo gukomereka.

Ni vyiza kandi guhungira ahantu hiyaguye, kure y’ibiti, y’inkingi z’amaterefone n’inyubakwa.

N'agakate mu minwe, uyu mugabo yari mw'ibarabara i Kahramanmaras muri Turukiya inyuma ya nyamugigima

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, N'agakate mu minwe, uyu mugabo yari mw'ibarabara i Kahramanmaras muri Turukiya inyuma ya nyamugigima

Guma kure y’igishobora kukuzanira ingorane

Nk’uko bivugwa n’ikigo Earthquake Country Alliance, abenshi mu bakomeretse n’abapfuye vyavuye ku bintu vyabaguyeko canke vyabagurukiyeko nka tereviziyo, amatara, ibiyo vy’amadirisha n’ububati bw’ibitabo.

Inzira imwe yo kwirinda gukomereka ni ugupfungira ibikoresho biremereye ku rukuta ukoresheje imigozi yoroshe.

Ahandi hashobora kuva ingorane ni mu gihe gaze iciye mu miringoti yatobotse kubera nyamugigima.

Dr Hicks atanga akarorero ka nyamugigima yo muri San Francisco mu 1906 yahitanye abantu barenga 3.000.

"Abenshi mu bapfuye vyavuye kw’iturika ry’imiringoti itwara gaze, ntivyavuye mu kugigimba kw’isi canke amazu yabomotse", niko avuga, agahanura ko umuntu yokwigira kure y’ibintu bishobora gufatwa n’umuriro.

Abajejwe ubutabazi bariko barondera aboba bagihema mu bihomoka vy'amazu yasenyutse mu gisagara ca Sarmada muri Syria kiri mu minwe y'inyeshamba

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abajejwe ubutabazi bariko barondera aboba bagihema mu bihomoka vy'amazu yasenyutse mu gisagara ca Sarmada muri Syria kiri mu minwe y'inyeshamba

Gukora imyimenyerezo ijanye n’igihe ca nyamugigima

Dr Hicks arerekana kandi akamaro ko gukora imyimenyerezo ijanye na nyamugigima.

Ati: "Mu bihugu bimwe bimwe, hariho imyimenyerezo ijanye n’igihe ca nyamugigima, aho abanyagihugu bose bategerezwa kuja kwiga uko bifata mu gihe haje nyamugigima.

"Ariko ibi bishobora kuba bitakozwe muri karya karere ka Turukiya kubera hari haciye igihe kirekire ata nyamugigima ihavuzwe."

Aha ni mu gisagara ca Alep muri Syria aho abanyagihugu bariko barondera aboba bagihema bazibiriwe mu bihomoka

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Aha ni mu gisagara ca Alep muri Syria aho abanyagihugu bariko barondera aboba bagihema bazibiriwe mu bihomoka