Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umushoferi wo mu Bwongereza n'ubu agihembwa nk'umukozi wa reta muri Nigeria
- Umwanditsi, Mansur Abubakar
- Igikorwa, BBC News, Kano
Uvuye mu kazi wahora ukora, ni ibintu vyumvikana ko umushahara uca uhagarara, ariko siko bigenda ku bakozi bamwe bamwe ba reta muri Nigeria.
Barashoboye kuronka akazi ahandi - rimwe na rimwe mu kindi gihugu - ariko bakabandanya guhembwa aho bari basanzwe bakora.
Iyo nkuru ku ndwi iheze yarashitse i bukuru hanyuma perezida Bola Tinubu aca atanga itegeko ryo kubikurikirana no kubihagarika.
''Abazokwagirwa [n'ubwo busuma] bazotegerezwa kuriha amafaranga bafashe mu busuma'', niko yavuze.
Sabitu Adams, twahinduye izina kugira dukingire umwidondoro wiwe, ntiyigeze atanga imihoho mu kazi kiwe k'umukozi wo mw'ishirahamwe rya reta, n'ubu akaba agihembwa buri kwezi, n'ubwo haheze imyaka ibiri yaravuye muri Nigeria.
Ubu akora nk'umushoferi w'i taxi mu Bwongereza, ariko yabwiye BBC ko ata bwoba afise bwo gutakaza umushahara wiwe kuko abona ivyavuzwe na Tinubu nk'ibikangisho gusa.
Adams yongeyeko ko gutakaza umushahara wiwe w'ama naira (amafaranga yo muri Nigeria) 150.000 ku kwezi ($100, hafi 300.000 mu mafaranga y'Uburundi ku rugero rwo muri banki) ata kinini yoba ahomvye, kuko ubu akorera menshi gusumba.
''Igihe numva ivyo umukuru w'igihugu yategetse, naratwenze kuko ndazi ko ubu merewe neza ngaha gusumba - nta bwoba binteye,'' niko uwo mugabo w'imyaka 36 yavuze.
Ariko kuki atabimenyesha akazi yahora akoramwo?
''Mvugishije ukuri sinatanze imihoho kuko nashaka gusiga imiryango yuguruye hamwe vyoshika ngakenera gusubira mu kazi kanje mu myaka iri imbere.''
Co kimwe na Adamns, abanya-Nigeria barenga miriyoni 3.6 baragiye mu bindi bihugu muri iyi myaka ibiri iheze, nk'uko bibonekera mu biharuro vya reta.
Benshi mu banya-Nigeria bakiri bato nta mahirwe menshi babona yo kuronka ubuzima bwiza - ukubona ibintu gutyo bikaba vyunyuwe n'ihindimuka ry'agaciro ka naira muri uyu mwaka uheze kubera impinduka zazanywe na perezida Tinubu kuva ashitse ku butegetsi.
Bisigaye ari ibisanzwe ku banya-Nigeria benshi kuja kurondera akazi mu mahanga. Ijambo ''japa'' niryo rikoreshwa mu kuvuga iyo ngendo.
Ni ijambo ryo mu rurimi rw'iki-Yorouba rivuga gutoroka canke guhunga.
Tinubu yavuze ko ''yatangajwe n'ivyashizwe ahabona n'umukuru w'ibiro bijejwe akazi ka reta ku bijanye n'abakozi bagiye mu bindi bihugu ariko ntibatange imihoho mu kazi barimwo gutyo bakaguma bahembwa''.
Umukuru w'igihugu yavuze ko uretse ko ayo mafaranga ategerezwa gusubizwa, n'abagize uruhara kugira ivyo bibe nabo bategerezwa gukorwako amatohoza.
''Abakuru b'abo n'abatwara ibisata barimwo nabo nyene bategerezwa guhanwa kuko baretese ubusuma bugakorwa barorera,'' niko yavuze.
Kandi ivyo bishobora kuba ari vyo vyabaye kuri Adams.
Uwo mushoferi wa taxi akorera mu Bwongereza aremera ko yabandanije ahembwa abifashijwemwo n'abo mu gisata yakoramwo. ''Twarumvikana neza n'umukoresha wanje, aca arandeka ndagenda.''
Akenshi uwo mushahara uca ugaburwa hagati y'umukuru wawe mu kazi abinuma hamwe n'uwo abandanya guhembwa, kumbure hamwe n'uwujejwe abakozi.
Ariko kuri Adams ho vyaroroshe gusumba. ''Kuri jewe ntivyagenze uko kuko umukuru wanje mu kazi yari incuti.''
Abakozi batabaho rero ni ikibazo gikomeye muri Nigeria. N'ubwo abategetsi batanguye kubahiga, vyibazwa ko abantu ibihumbi n'ibihumbi b'abakozi batabaho n'ubu bagihembwa. Biboneka ko ubugenduzi budakora neza.
Ariko bubaye ubwa mbere bivuzwe ko abantu bagiye mu bindi bihugu babandanya guhembwa imishashara yabo ku rugero rurini.
Auwal Yakasai, yagiye mu kiruhuko c'izabukuru mu 2021 yahora ari umuyobozi w'igisata c'amafaranga mu bushikiranganji bwo kumenyesha amakuru mu ntara ya Kano avuga ko amaze kwumva ivy'abo bantu bahembwa badakora.
''Mvugishije ukuri nta n'umwe nigeze mfatana itonga,'' Yakasai yakoreye reta imyaka 32 niko yabwiye BBC.
''Ariko ndamaze kwumva inkuru nyinshi z'ivyo bintu, aho umuntu abandanya kuronka umushahara kandi yamaze kwimuka canke guhindura aho yahora akorera.''
Kuva ashitse ku butegetsi mu kwezi kwa gatanu mu mwaka uheze, Tinubu yiyemeje kugabanya amafaranga abategetsi bakoresha no kurandura isesagura.
Mu kwezi kwa mbere yatanze itegeko ko abagenda baherekeje mu nama canke imanza mpuzamakungu, nawe nyene n'abandi bategetsi bo muri reta barimwo, bagabanywako 60%.
Ariko hari benshi babona ko havugwa vyinshi mu butegetsi bwa Tinubu ariko hagakorwa bike.
Akarorero batanga n'umugambi wo kugura indege ziciye miriyoni z'ama dorari za Tinubu nyene n'icegera ciwe Kashim Shettima .
Akandi ni igihe perezida Tinubu aherutse gushikiriza ikirimba gishasha c'icegera ciwe Shettima ku murwa mukuru Abuja, gifise agaciro ka miriyoni 13.6 z'ama dorari (mu mafaranga y'Uburundi ni hafi miriyaridi 40).
No kuri abo bakozi batabaho bagiye mu mahanga, ntiyavuze neza ikigiye gukorwa kugira ntibabandanye guhembwa, ababigizemwo uruhara nabo bafatirwe ingingo.