Muri Nigeria abatabara bararondeza abatarabonwa irengero inyuma y'impanuka y'ubwato

Ubwato burimwo abahinga mu kwibira mu ntara ya Sokoto, Nigeria

Ahavuye isanamu, Nema

Insiguro y'isanamu, Abahinga mu kwibira bagiye mu ruzi kugerageza kurondera ingenzi zitaratorwa irengero
    • Umwanditsi, Mansur Abubakar
    • Igikorwa, BBC News i Abuja

Abakozi batabara mu buraruko bwa Nigeria bariko bararondeza abantu barenga 40 inyuma y'aho ubwato barimwo bugiriye impanuka mu ntara ya Sokoto, nk'uko abategetsi bavuga.

Urwego rw'igihugu rwo guhangana n'ibibazo vyihuta (National Emergency Management Agency,Nema) rwavuze ko ubwo bwato bwari butwaye abantu barenga 50 bubajanye kw'isoko ry'aho igihe bwazama mu ruzi Goronyo ku wa Mungu.

Umutegetsi wo muri Sokoto yabwiye BBC ko abantu bane bamaze gutorwa ari bazima. Nema yavuze ko iriko ''irakora uko ishoboye kwose hamwe n'abategetsi bo muri iyo ntara kugira bamenye irengero ry'abataraboneka''.

Impanuka z'ubwato zirakunda gushika muri Nigeria kubera gutwara igitigiri c'umurengera, kuba butitabwaho neza no kutubahiriza ingingo kwikingira impanuka.

Mu kwezi kwa Kigarama(12) mu 2024, ibiziga 54 vy'abantu vyararobwe mu ruzi Niger inyuma y'izama ry'ubwato vyibazwa ko bushobora kuba bwari butwaye abantu barenga 200.

Ryari isanganya rigira gatatu ry'ubwato butwara abantu mu kiringo c'iminsi 60.

Ukwezi imbere y'aho muri Munyonyo (11) mu 2024, ubwato bw'ibiti, bwuzuye abantu hafi 300, bwarubamye buca buribira hagati mu ruzi Niger bwica abantu hafi 200.

Mu rindi sanganya ryavuzwe cane, abantu barenga 100 barasomye nturi haraheze imyaka ibiri mu gice c'uburengero bushira ubumanuko bw'igihugu.

Ubwato barimwo bwari butwaye abantu barenga 300 bavuye mu birori vy'ubugeni mu ntara ya Kwara baja mu ya Niger.

Ku bisanzwe ingingo z'umutekano zivuga ko abantu bose bari mu bwato bategerezwa kuba bambaye udukoti dutuma baguma bareremba iyo ubwato bubasheshe, ariko rimwe na rimwe nta tuba tuhari, na cane cane mu bice bitari ibisagara.