Trump yanse kwitaba inama ya G20 kuko izobera muri Afrika y'Epfo

Ahavuye isanamu, EPA
- Umwanditsi, André Rhoden-Paul
Donald Trump avuga ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zitazokwitaba inama y'ibihugu mirongo ibiri bitunze kurusha ibindi kw'isi bihurikiye mu citwa G20 yiteze kubera muri Afrika y'Epfo, kubera ivyo avuga ko abazungu bariko baratotezwa muri iki gihugu, ibirego bifatwa ko bitagira ishingiro.
Trump avuga ko "ari agasuzuguro" kubona Afrika y'Epfo yakira iyi nama, aho abategetsi b'ibihugu vya mbere bitunze kw'isi bazohurira i Johannesburg mu mpera z'uku kwezi.
Umushikiranganji wa Afrika y'Epfo ajejwe imigenderanire avuga ko iyi ngingo ya Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika) "ibajaje", nayo umuvugizi w'ubu bushikiranganji, Chrispin Phiri, akaba yabwiye BBC ko ukugenda neza kw'iyi nama kutazoshingira "ku gihugu kimwe".
Mu migambwe yose iri muri Afrika y'Epfo, nta n'umwe uvuga ko hoba hari ihonyabwoko muri Afrika y'Epfo.
Muri iyi migambwe harimwo imigambwe iserukira abazwi nk'aba-Afrikaners hamwe n'abazungu muri rusangi muri ico gihugu.
Aba- Afrikaners ni abazungu b'abanya Afrika y'Epfo bakomoka ahanini ku bimukira b'Abaholande, Abafaransa bahunze muri ca gihe c'impinduka mu vy'idini, hamwe n'Abadagi, binjiye muri Afrika y'Epfo mu kinjana ca 17 n'ica 18.
Bateje imbere ururimi rwihariye ruzwi nka Afrikaans, hamwe n'indanga muco yari ishingiye ku gushinga intwaro ya gikoloni, ku kwigarurira ubutaka no kwizizira intwaro, vyigaragaje cane cane muri ca gihe ca ya ntwaro y'ivangura izwi nka Apartheid.
Mu kiganiro Newshour ca BBC, Phiri yavuze ko Trump "ariko arementanya ikibazo kitabaho…afatiye kuri kahise kababaje ka Afrika y'Epfo mu gihe c'ubukoloni".
Yavuze kandi ko ata "cemezo na kimwe kihari cerekana ko abazungu bariko baratotezwa muri Afrika y'Epfo", aca yongerako ati: "Afrika y'Epfo ifise ibibazo vyayo bwite kandi ni vyo duhanganye navyo. Nibaza ko ubukozi bw'ikibi bugira ingaruka kuri bose, ata kuraba ubwoko".
Ati: "Tuzokwibandaniriza Reta Zunze Ubumwe zitarimwo".
Trump yanditse ku rubuga rwiwe rwa Truth Social ati: "Ni agasuzuguro kadasanzwe kubona inama ya G20 igiye kubera muri Afrika y'Epfo."
"Aba-Afrikaners bariko baricwa kandi bakererwa, ubutaka bwabo n'amatongo yabo bikigarurirwa mu buryo butemewe n'amategeko.
"Nta mutegetsi wa Amerika azokwitaba mu gihe iri honyangwa ry'uburenganzira bwa muntu ribandanya".
Reta ya Afrika y'Epfo ivuga ko ibirego vy'ihonyabwoko rikorerwa abazungu vyamaze guteshwa agaciro kandi ko ata vyemezo nyavyo bifise.
Mu kwa kabiri uno mwaka, ibi birego vyarateshejwe agaciro ko vyari irementanya ryeruye.
Imbere y'aha, Trump yari yavuze ko Afrika y'Epfo itari ikwiye kuba muri G20, kandi ko yari kurungika icegera ciwe JD Vance, aho kwitaba we nyene.
Ariko rero ubu, Maison Blanche ivuga ko ata mutegetsi n'umwe wa Amerika azojayo.

Ahavuye isanamu, Reuters
Buri mwaka, igihugu kimwe mu biba bigize G20 ni co gitegura iyo nama kandi kigategura n'urutonde rw'ibizokwigwa, bikaba bitegekanijwe ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zizoyitegura inyuma ya Afrika y'Epfo.
Mw'itangazo, ubushikiranganji bwa Afrika y'Epfo bujejwe imigenderanire buvuga buti: "Reta ya Afrika y'Epfo yipfuje gushikiriza ku mugaragaro ko kuvuga ko aba Afrikaners ari abazungu gusa bitajanye na kahise.
"Vyongeye, ivy'uko uno murwi uriko uratotezwa, nta kuri kwavyo".
Kuva agarutse ku butegetsi mu kiringo ciwe kigira kabiri, Trump abandanya kwagiriza Afrika y'Epfo ko ikumira inkehwa z'abazungu, harimwo n'ivyo yavuze muri Rusama (5) igihe yahangana na mugenziwe Cyril Ramaphosa muri Maison Blanche.
Intwaro ya Trump yarahaye ubuhungiro aba-Afrikaners, ishingiye kuri ibi birego vy' "ihonyabwoko" vyamirirwa kure. Mu ndwi iheze, Maison Blanche yatangaje imigambi yo kugabanya cane igitigiri c'abahabwa ubuhungiro muri Amerika, kugira ngo ishire imbere abazungu ba Afrika y'Epfo. Reta ya Afrika y'Epfo yerekana ko ata banya-Afrika y'Epfo benshi bariko bitabira aka kamo ka Trump.
G20 yashinzwe mu 1999 inyuma y'ingorane z'ubutunzi zari zihanze Aziya. Ibihugu biyigize bifise 85% y'umutungo w'isi yose, intego yavyo ikaba yari iyo kugarukana ituze mu vy'ubutunzi.
Ikoraniro rya mbere ry'abategetsi b'igihugu bigize uno murwi ryabaye mu 2008 mu kurondera gutorera umuti ikibazo c'ihungabana ry'ubutunzi uwo mwaka, mu ntumbero yo gukomeza ugufashanya ku rwego mpuzamakungu.
Ubu aba bategetsi bama bahura buri mwaka – bari kumwe n'abaserukira Ubumwe bwa Bulaya n'Ubumwe bwa Afrika - kugira go baganire ku bukungu bw'isi hamwe n'ibibazo bihanze ibihugu.













