IDA: ‘Dushira amafaranga menshi mu kwishura imyenda kurusha ayo dushira mu bisata nkoramutima' - Ruto

Ahavuye isanamu, Screeshot_youtube
Umukuru w’igihugu ca Kenya avuga ko iterambere mu bihugu vya Afrika rizoguma ari umugani mu gihe “dukoresha amafaranga menshi mu kwishura amadeni kurusha ayo dushira mu bisata nkoramutima”.
Mw’ijambo yashikirije ikoraniro ry’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe iterambere, IDA, i Nairobi ku wa 29 Ndamukiza (4), Perezida William Ruto yateye akamo ibihugu vya Afrika gushira imitahe minini mu migambi ngirakamaro “nk’amashure, amagara y’abantu, n’imibereho y’abanyagihugu”.
Perezida Ruto yavuze ko IDA ari ishirahamwe ryizewe rishobora gutanga akoyoko ibihugu vya Afrika bihanzwe n’amadeni y’umurengera, akabona ko ibi ari inzitizi kw’iterambere.
Iri koraniro rya IDA ryabaye akaryo keza ku bakuru b’ibihugu 19 vya Afrika, harimwo na Perezida Evariste Ndayishimiye w’Uburundi, bari muri ryo ko gushikiriza ijwi rimwe risaba ko imfashanyo uno mugabane uhabwa mu twigoro tw’iterambere yokwongerezwa, ugashika ku miriyaridi 120 z’amadorari y’Abanyamerika.
Mu gihe ibihugu bitari bike bigihanganye n’ingaruka zatewe n’ikiza karanda ca Covid-19 giheruka, perezida Ruto avuga ko n’imbere yaco ibihugu bitari bike vyari bihanzwe n’amadeni y’umurengera.
Ati: “Iki kibazo c’amafaranga cari giteye isibe muri 2/3 vy’ibihugu vya Afrika n’imbere y’uko iki kiza gitera. Ehe raba, mu 2020, mu ica kane c’ibihugu vya Afrika yo musi y’ubugaragwa bwa Sahara, 17% vy’amafaranga igihugu gikoresha yari agenewe kwishura inyungu ku madeni”.

Ahavuye isanamu, Kenya State House
Iyi nama yabaye mu gihe Afrika ihanganye n’ibibazo vy’umurengera harimwo amadeni y’umurengera n’ihindagurika ry’ibihe ririko rigira ingaruka zikomeye mu turere tutari duke.
Abategetsi bakabona ko ari ngombwa ko ibihugu vy’uno mugabane bifatwa mu mugongo gusumba kugira ngo bihangane n’ibi bibazo.
IDA ni ishirahamwe ryegukira Ibanki y’isi yose rifise intumbero yo gufasha ibihugu bikenye gusumba ibindi kw’isi.
Ryashinzwe mu 1960 rifise intego yo kugabanya ubukene biciye mu gutanga ingurane idasaba inyungu canke isaba inyungu nto, hamwe n’imfashanyo yo gushigikira imigambi ifise intego yo guteza imbere ubutunzi, kugabanya ubusumbasumbane no guteza imbere imibereho y'abanyagihugu.
IDA ni imwe mu masoko akomeye y’imfashanyo ku bihugu 75 bikenye gusumba ibindi kw’isi.










