'Extra omnes' – aba kardinali bari gutora Papa bamaze kwiyugarana

Ahavuye isanamu, POOL
Inyuma yo kurangiza indahiro kuri uno mugoroba, uwuyoboye uyo mugirwa Diego Ravelli, yatanze itangazo muri aya majambo "extra omnes", bisigura ngo mwese hanze.
Abatari buje muri aya matora baca basohoka.
Aho hari inyuma yo gukora indahiro, aho biyemeza kugumya ibanga ku bijanye na conclave.
Bamaze kwiyugarana muri Sistine Chapel, nta karyo ko kuvugana n'abo hanze basubira kugira, gushika Papa mushasha atowe.
Ubu uwuyoboye iki gikorwa yamaze kwugara imiryango, Conclave yatanguye.
Camera za Vatikano nazo zapfunze.

Bamwe mu baturutse muri Philippines baje gushengerera babwiye BBC ko bazohaguma gushika babonye akotsi kera, bati : "Tutakabonye uno munsi, tuzogaruka n'ejo.
Umwe muri bo, Maria Lourdes Carbonell, yagize ati: "ni intibagirwa".
Avuga ko bari bizeye kubona Papa Francis, none ubu bari aho Vatikano barindiriye kubona papa musha.
Ku kibazo c'uko boba bafise icizere co kubona kardinali wabo Luis Antonio Tagle – abaye Papa, bavuga ko ata nkunzi bagira, bati "Tuzonezerwa n'uwo Mutima Mweranda ayoboye aba kardinali gutora."

Ahavuye isanamu, POOL
Aba kardinali uko ari 133 babanje gufata indahiro zo kugumya ibanga ubutagira iherezo.
N'ubwo baturuka mu mihingo itandukanye, bose barahiye mu ku Latini- ururimi rukoreshwa na Ekleziya Katolika y' i Roma.
Muri iyo ndahiro, biyemeza kugumana ibanga ku bibera vyose muri iryo tora ryo mw'ibanga, Conclave, kandi bakemera ko uwo ari we wese muri bo atorwa nka Papa, azotunganya neza ibanga ry'ubuyobozi bwa Ekleziya nk'umwungere w'ishengero ryo kw'Isi yose.
Uyu munsi batora rimwe gusa, ariko aba kardinali batora incuro zine buri munsi kuva ku munsi ugira kabiri, gushika papa mushasha abonetse, uwo akaba ari uwakwije 2/3 vy'amajwi.
Umwe wese mu ba kardinali ashira agapapuro yatoreyeko inyandiko ivunga ngo " Ndatoye nk'umwungere mukuru … noneho bagashirako izina ry'uwo bahisemwo.
Bagendera ku murongo batonze uko bakurikirana mu bukuru, bagashira amakarata yabo mu kintu giteye bwa sahani y'ifeza yagutse.










