Ousmane Dembele wa Paris St-Germain ni we atsindiye Ballon d'Or 2025

Ousmane Dembele

Ahavuye isanamu, Umunyamakuru wa BBC Sport

Insiguro y'isanamu, Ousmane Dembele ati: "Ntivyoroshe gutsindiraaga gashimwe, nayo kugashikirizwa na Ronaldinho, umuntu yahoze ari rurangiranwa mu mupira w'amaguru, ni ikintu kidasanzwe".

Umusatirizi wa Paris-Saint-Germain, Ousmane Dembele, ni we atahukanye agashimwe kitiriwe Ballon d'Or uno mwaka wa 2025, akaba atsinze umukeba wiwe Lamine Yamal wa Barcelona.

Ousmane Dembele yankinye inkino 53, iminota 3.483, yinjiza ibitsindo 35 ibi bigasigura ko uko iminota 99.5 iheze yaba yinjije igitsindo, atanga ama-passes 14 yavuyemwo ibitsindo.

Imbere y'aha, Julien Laurens, umuhinga mu bijanye n'umupira w'amaguru ku mugabane wa Bulaya yabwiye Radio 5 Live, iradiyo yegukira BBC, ko Ousmane Dembele yari akwiye aka gashimwe kubera ko ku bwiwe ari we "yabaye umukinyi wa mbere mwiza gusumba abandi bose, mu murwi wa mbere ukomeye gusumba iyindi yose, kw'isi yose".

Ati: "Ivyo PSG yashitseko muri ligue des champions, hamwe kandi no mu gikombe ca Uefa Super Cup igihe yakina na Tottenham, eka mbere no mw'ihiganwa ryo mu gihugu, ukuntu yabandanije yitwara neza kuva muri Kigarama [12] mu kwinjiza ibitsindo no mu gutanga ama-passes yavuyemwo ibitsindo.

"Yabaye umukinyi adasanzwe, ni co gituma akwiriye Ballon d'Or".

Ousmane Dembele

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ousmane Dembele yarakoze birashimwa mu myaka ibiri y'inkino amaze muri Paris St-Germain inyuma y'imyaka itandatu yamaze muri Barcelona

Ousmane Dembele yaragize uruhara runini mu gufasha Paris St-Germain gutsindira ihiganwa ry'umupira w'amaguru ry'Ubufaransa, Ligue 1, mu gutsindira kandi ku ncuro ya mbere ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere (ligue des champions/Champions League) ku mugabane wa Bulaya, yongera anafasha uno murwi wiwe gushika mu rukino rwa nyuma rw'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose rihuza imirwi.

Yinjije ibitsindo 21 mu nkino 29 za Ligue 1, ivyamutumye arangiza ihiganwa nk'umukinyi wa mbere yinjije ibitsindo vyinshi mw'iryo higanwa, ikibanza asangiye na Mason Greenwood wa Marseille. Yashizwe kandi ku rutonde rw'abakinyi beza b'ihiganwa (equipe-type) ry'umwaka w'inkino, yongera atsindira n'agashimwe k'umukinyi mwiza w'umwaka.

Uno mukinyi w'imyaka 28 kandi yabaye umukinyi wa mbere w'ihiganwa ry'igikombe c'imigwi yabaye iya mbere (Champions League ) inyuma y'ibitsindo umunani yinjije yongera atanga ama-passes atandatu yavuyemwo ibitsindo, harimwo abiri yatanze igihe umurwi wiwe wanyagira Inter Milan yo mu Butaliyano 5-0 mu rukino rwa nyuma.

Dembele yarinjije kandi igitsindo mu gice ca kane gishira ica nyuma hamwe no mu gice ca kabiri gishira ica nyuma aho umurwi wiwe wahuye n'imirwi ya Bayern Munich na Real Madrid uko ikurikirana, muri rya higanwa ry'igikombe c'isi yose rihuza imirwi.

Asubiriye umukinyi wo hagati Rodri akinira Manchester City yo mu Bwongereza yatsindiye aka gashimwe ka Ballon d'Or mu mwaka uheze, inyuma y'imyaka 15 kiganziwe n'ibihangange Messi na Ronaldo.

Ku ruhande rw'abagore, Aitana Bonmati akinira Barcelona ni we yatahukanye Ballon d'Or, akaba yatsinze Mariona Caldentey akinira Arsenal.

Aitana Bonmati wa Barcelona

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Aitana Bonmati atsindiye Ballon d'Or incuro igira gatatu yikurikiranya ku ruhande rw'abagore

Igihe Lionel Messi na Cristiano Ronaldo bamaze biganziye aka gashimwe ku ruhande rw'abagabo carangiye. Aba bakinyi rurangiranwa bompi batsindiye aka gashimwe incuro 13 zose hagati ya 2008 na 2023.

Gushika ubu, Messi ni we wenyene amaze gutsindira aka gashimwe incuro yinshi gusumba abandi bose muri kahise ka Ballon d'Or, aho yagatsindiye incuro umunani zose.

Messi w'imyaka 38 ubu akinira Inter Miami yo muri Amerika, mu gihe mugenziwe Ronaldo ubu afise imyaka 40 akinira Al-Nassr yo muri Arabia Sawudite. Nta n'umwe muri bo yari ku rutonde rw'amazina 30 y'abahiganira aka gashimwe uno mwaka.

Lamine Yamal yatsindiye agashimwe Kopa Trophy

Lamine Yamal

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Lamine Yamal
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ku ruhande rwiwe, Lamine Yamal yari ahanganye na Dembele yatsindiye agashimwe kitiriwe Kopa Trophy gahabwa umukinyi wa mbere mwiza w'umwaka mu bakinyi bari musi y'imyaka 21.

Lamine Yamal yankinye inkino 55, iminota 4,548, yinjiza ibitsindo 18 ibi bigasigura ko uko iminota 252.7 iheze yaba yinjije igitsindo, atanga ama-passes 21 yavuyemwo ibitsindo.

Ku myaka 18, uno mukinyi wo ku ruhande akiri muto, yafashije umurwi wiwe wa Barcelona gutsindira ibikombe bitatu, ica La Liga, ica Copa del Rey hamwe n'ica Supercopa de Espana.

Muri Nyakanga (9) yatsindiye ikibanza c'umukinyi mwiza w'uko kwezi, yongera ashirwa ku rutonde rw'abakinyi ba La Liga hamwe n'aba Ligue des Champions muri uwo mwaka w'inkino.

Yinjirije Espagne ibitsindo bibiri igihe itsinda Ubufaransa 5-4 mu rukino rw'igice ca kabiri gishira ica nyuma mw'ihiganwa rihuza ibihugu vya Bulaya (Nations League), nubwo umurwi nserukiragihugu wiwe wagiye gutsindwa na Portugal mu rukino rwa nyuma ku ma penalties.

Ku myaka cumi n'itanu, niwe yabaye umukinyi mutoyi kuruta abandi bose bakiniye umunrwi nserukiragihugu wa Espagne y'abatarenza imyaka 19.

Ku wa 8 Nyakanga (9) 2023, afise imyaka 16 n'imisi 57, yabaye umukinyi wa mbere mutoyi kuruta abandi bose muri kahise yakiniye umurwi nserukiriagihugu wa Espagne mu rukino rwo kurondera itike yo mw'ihiganwa ry'igikombe ca Bulaya (Euro 2024) aho wahuye n'uwa Georgia, akaba yarinjije igitsindo.