'Abashonje ntibashobora kunuma' - inyuma y'imyiyerekano yaguyemwo abantu muri Angola itunze ibitoro

Umuntu ari mu myiyerekano afise icapa canditseko ''muratwibuka natwe'' mu Congereza mu gihe abitaba imyiyerekano bateraniye i Luanda. Bamwe mu baporisi baboneka mu mugongo baraboneka imbere y'abagira imyiyerekano

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kuri ico capa bati: ''Twibuke natwe''
    • Umwanditsi, Israel Campos
    • Yakoze inkuru ari, Luanda

Abantu bo mu bice bimwe bimwe vy'umurwa mukuru wa Angola, Luanda, baracafise ubwoba bwo kuvuga ku mugaragaro ivyabaye muri Mukakaro(Nyakanga mu Kinyarwanda) aho imyiyerekano yatuma igice c'igisagara gihagarara, mu nyuma intureka igashika no mu zindi ntara.

Ivyari vyatanguye nk'akamo hagati y'abashoferi ba taxi ngo baje ahabona biyamirize igiciro c'ibitoro caheruka kuduga cane, vyarangiye bihindutse intureka yamaze iminsi itatu yaguyemwo n'imiburiburi abantu 30, abandi ibihumbi n'ibihumbi barafatwa.

Amabarabara yarazibiwe n'amapine yadometswe umuriro, amaduka arasahurwa, haba n'imishamirano hagati y'abari mu myiyerekano n'abaporisi.

Ni kimwe mu bihe vy'imyiyerekano bikomeye cane kuva intambara yo mu gihugu hagati irangiye mu 2002.

Mu gihe ico gihugu gitunze ibitoro cimirije guhimbaza imyaka 50 cikukiye kuri Paortugal kw'igenekerezo rya 11 Munyonyo (Ugushyingo), iyo myiyerekano yagaragaje imyitwarariko ikiri mu banyagihugu itewe n'ubukene n'ukudahabwa amahirwe amwe mu gihugu.

Mu turere aho imyiyerekano yari ikomeye cane, ni bake cane bashobora kuvuga ataco batinya ku vyabaye, kuko bafise ubwoba ku nkurikizi vyobagirako baravye uko vyagenze mu gihe n'inyuma y'iyo myiyerekano.

Umusore w'imyaka 24 wo mu gisagara ca Luanda, ashaka ko amazina yiwe atamenyekana, yabwiye BBC ati: "Ibintu bishobora kuba vyaciye bigenda nabi gatoyi, ariko twari dukeneye kuvuza urwamo kugira ngo dukangure abari ku butegetsi.

Uwo yahevye ishure adahejeje amashure yisumbuye, ubu agenda aratembereza agurisha amafanta n'imitobe mw'ibarabara, kugira afashe kubeshaho umuryango wiwe.

Umugore atembereza ibindandazwa mw'ibarabara ahagaze mu mfuruka y'ibarabara i Luanda. Yambaye igitambara mu mutwe n'akadekoroti akenyeye igitenge. Afise ku rutugu umuganda w'imigozi y'ibirato mu mabara atandukanye.

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abanya-Angola benshi bagerageza kwibeshaho mu bikorwa bibayabaye, nko gutembreza utudandazwa mu mabarabara
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ni umwe mu bantu amamiriyoni bariko bagwana no kubaho ku munsi ku munsi hagati y'inyubakwa z'amagorofa asayangana yubatswe mu mafaranga y'ibitoro.

Kuri uwo agenda aratembereza utudandazwa, kwitaba imyiyerakano ku munsi wa mbere bwari uburyo bwo kwerekana ko "dufise ijwi" kandi ko abantu nka we bakwiye kuronka agace ku butunzi bw'igihugu "gikize kuri bamwe , ariko c'ubworo kuri benshi muri twebwe".

Ubushomeri bw'abakiri bato ni bwo bwatumye haba imyiyerekano muri iki gihugu c'abantu bakiri bato aho imyaka y'abantu muri rusangi iri munsi ya 16.

Ubushomeri mu bafise myaka 15 gushika kuri 24 buri ku rugero rwa 54%, nk'uko ibiharuro vy'icese bivyyerekana. Mu bakiri bato miriyoni 18 bafise imyaka yo gukora akazi, imiriyoni zitatu gusa ni bo bafise akazi kazwi icese, - ni ukuvuga baronka umushahara buri igihe kandi bagatanga ikori.

Mu bisagara binini binini vyo muri Angola, abakiri bato badafise akazi, bahevye ishure, bagaragaza ingorane reta ifise mu kubashikana ku vyo bifuza mu buzima.

Uwo agenda aracuruza utudandazwa mw'ibarabara ati: "Ntembereza uducuruzwa gusa iyo nashoboye kuronka amahera yo kurangura ivyo binyobwa."

"Hari igihe mara amezi ataco ngurisha kuko ubucuruzi bugenda buhoro cane. Jewe n'abandi bakiri bato benshi cane tubayeho gutyo kandi nta n'umwe atwitwararika. Ni co gituma tudashobora kunuma."

Umuhinga mu vy'imibano wo muri Angola yitwa Gilson Lázaro ntiyatangajwe n'ivyabaye muri Mukakaro. Avuga ko abari imbere mu myiyerekano ari abatagira cepfo ca ruguru mu gihugu''.

''Benshi muri abo bakiri bato nta kindi basigaranye atari ubuzima bwabo gusa. Ni co gituma bihereje amabarabara ata bwoba bafise", niko yavuze.

Umugwi w'abantu bo mu muryango basa n'abagandaye aho bahagaze impande y'isandugu y'uwapfuye ifutswe n'igitambara gitukura n'ibicapo vyirabura.

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umuryango wa Silvia Mubiala waragandariye urupfu rwiwe - yishwe mu myiyerekano yo mu kwezi kwa Mukakaro, bivugwa ko yarashwe n'abapolisi

Iyo myiyerekano yadutse bukwi nk'ako kanya mu bice bimwebimwe vyo muri Luanda bibamwo abantu benshi kandi bikenye, bititabwaho mu bijanye n'isuku hamwe n'ibindi bikorwa remezo vy'ibanze.

Bukebuke, abagira imyiyerekano bagiye barinjira mu mabarabara makuru y'umurwa mukuru, bitera akajagari kandi "bishira ahabona ikibazo cari gimaze mu bantu igihe kirekire ariko abakuru muri politike bahisemwo kwirengagiza", nk'uko uwo muhinga mu vy'imibano abivuga.

"Haciye igihe, Angola iguma yinjira mu ngorane zikomeye cane z'imibano, ubutunzi, ariko na cane cane, uburenganzira bwa politike. Imvo nyamukuru ni uburyo butari bwo bwo gutwara igihugu kuva intambara yo mu gihugu hagati irangiye mu 2002", niko Lázaro yongeyeko.

Umugambwe MPLA ni wo umaze iyi myaka hafi 50 urongoye igihugu ca Angola kuva kironse intahe yo kwikukira.

Hari ikizigizigi c'uko João Lourenço - yatwaye igihugu kuva mu 2017 asubiriye prezida José Eduardo dos Santos yari amaze imyaka 36 ku butegetsi - yari guhindura ibintu.

Ubu ari mu kiringo ca kabiri yikurikiranya inyuma y'amatora yo mu 2022.

Lourenço yari yemereye abanya-Angola ko azohindura ivyo yabona vyononywe n'intwaro y'imbere yiwe: guhasha ibiturire, kugwiza imirimo itandukanye y'ubutunzi no gutuma abantu baronka akazi.

Inyuma y'imyaka umunani, abamunegura bavuga ko yananiwe no kubishikako kandi ko ubu ahanzwe n'ubuzima buguma buzimba - kandi n'aho rusa n'urwagabanutse gatoya, urugero rw'iduga ry'ibiciro ku mwaka ruracari ku 18%.

Hashingiwe ku bushakashatsi bwakozwe na Afrobarometer mu mwaka wa 2024, Abanya-Angola 63% bavuga ko ibihe vy'ubutunzi ari bibi kurusha ivyo mu mwaka uheze.

Urwaruka ni rwo rwagizweko ingaruka cane n'izo ngorane kandi ni rwo ruza imbere mu myiyerekano myinshi yo kwiyamiriza reta muri iyi myaka ya vuba, ku bibazo biva ku biturire, kuja ku guhutazwa n'igiporisi gushika ku gusaba amatora y'inzego zo hasi no kurwanya inzara n'ubukene.

Yamara nta myiyerekano n'imwe yari bwangane n'iyabaye mu kwezi kwa Mukakaro.

Lea Komba, umunyeshure w'imyaka 20 yiga mu gisata ca politike, avuga ko iyo myiyerekano ku bitoro yari "iteye ubwoba ariko isa n'iyari yitezwe'' bivanye n'ingene igihugu cifashe muri iki gihe.

Ati: "Tuba mu gihugu aho abakiri bato birengagizwa n'abari ku butegetsi. Imyiyerekano ni yo nzira yonyene yo kwerekana ko tutanezerewe n'akangaratete tubamwo."

Umugabo yambaye agakofero ka baseball afise terevision nini mu maboko mu gihe ariko atambuka mw'ibarabara ryitiriwe Ujugaboidown i Luanda. Hari abantu ku nkombe y'ibarabara bariko baramuraba.

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, I Luanda, amaduka yarasahuwe mu gihe c'imyiyerekano

Leta ya Angola yo yabifashe ukundi.

Umutegetsi wo muri reta ntaco yashimye kwishura BBC igihe yamubaza ico yovuga ku myiyerekano, ariko mw'ijambo yashikirije igihugu ku wa mbere Myandagaro(8), Perezida Lourenço yaratomoye neza ukuntu avyumva.

Yariyamirije iyo myiyerekano nk'ibikorwa vyakozwe n'abanyagihugu batazi ico babazwa, babaye ibikoresho vy'amashirahamwe y'abanya-Angola n'abanyamahanga arwanya igihugu aciye ku mbuga hwaniro, bizana amarira, gusambura amatungo ya reta n'ayo abikorera ivyabo, bituma ivya nkenerwa bigora kuronka, ubuzi nabwo buragabanuka ku banya-Angola.

Nubwo hagiye haremerwa kenshi ko hazogwizwa ibisata vy'ubutunzi kugira ntibugume buzeye ku bitoro gusa, Angola n'ubu ihagaze ku bitoro na gaze, ivyo bika ari vyo nyamukuru igihugu gishora hanze bikaba n'isoko nyamukuru ry'amafaranga yinjira mu gihugu.

''Ubutunzi kama ni bwiza, ariko ingorane zihagaze ku buryo amafaranga avuyemwo aheza agakoreshwa,'' bivugwa n'umunya-Angola w'umuhinga mu butunnzi Francisco Paulo.

''Iyo Angola ikurikira akarorero ka Norvege canke Arabia Saudite, mu gukoresha itunga rivuye ku bitoro mu gutsimbataza ibisata bidashingiye ku bitoro no guteza imbere ubumenyi bw'abakozi, iba yarahezagiwe. Ariko, amafara avuye mu bitoro ngaha akoreshwa ku bitagira akamaro ntihagira akarusho bizana.''

Inyuma y'aho Dos Santos aviriye ku butegetsi, Angola yamaze imyaka itanu ikurikirana ubutunzi buguma busubira inyuma hagati ya 2017 na 2021.

Joao Lourenco yerekana urutoke ruriko irangi ahejeje gutora. Akikujwe n'abamenyeshamakuru kandi yambaye ishati yirabura yuguruye mw'izosi.

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Igihe João Lourenço yashika ku butegetsi inyuma y'amatora yo mu 2017 hari ikizigizigi ko ibintu vyari bigiye guhinduka mu gihugu

Ukwiyongera kw'ubutunzi kwasubiriye mu 2022, ahanini bivuye ku bisata bidashingiye ku bitoro. Ariko nta kinini birahindura ku buzima bw'aAbanya-Angola benshi.

Mu cegeranyo c'uyu mwaka, ibanki y'isi yagereranije ko abarenga ica gatatu c'abanyagihugu ba Angola babayeho ku madorari adashika 2,15 ku munsi (hafi 6.000 mu mafaranga y'Uburundi ku rugero rwo muri banki).

Yavuze ko mu gihe n'aho ubutunzi bwariko burongerekana butariko burajana n'igwirirana ry'abantu, bisobanura ko, muri rusangi, abantu baguma bararushiriza kuba abakene.

Mu gihe hegereje umunsi wo guhimbaza w'intahe yo kwikukira, imyiteguro irashushe haba ibirori vy'umuziki, ibirori vyo gutanga imidari ya Prezida n'umukino w'umupira w'amaguru uzokwitabwa n'umunya Argentine Lionel Messi.

Ariko umunyeshure w'umugore Komba arabaza ahanyikiye icivugo ca kera c'abasosiyalisiti ngo ''abantu bamwe, igihugu kimwe'', cazanywe mu gihe c'intwaro y'umugambwe umwe w'abamarxiste-leniniste mu mpera z'imyaka ya 1970.

"Si vyo ko twese tubayeho mu buzima bumwe. Hariho ubusumbasumbane bukomeye. Abakiri bato bo mu turere twibagiwe bahebewe kuba mu bukene ntangere, aho bataronka amashure meza n'akazi keza, naho bokwiga cane bakaronka impapuro z'umutsindo."

"Urwo rwaruka rwiyumvira inda[yarwo], kuko inzara ituma kwumva ko ataco bafise. Ni bo buzuye amabarabara."

Komba yongeyeko ati: "Abategetsi bategerezwa kuraba imizi y'ivyo bibazo, ntibarabe ingaruka gusa".

"Ugusahura bwabaye gusa uburyo kuri urwo rwaruka bwo gukebura abari ku butegetsi."

Yibaza ko hashobora kuba urundi ruhagarara.

"Kuva ubu gushika mu matora yo mu 2027, birashoboka ko tuzobona iyindi imyiyerekano myinshi. Tubishaka canke tutabishaka, uko iminsi ihera niko abantu bagenda baritaho gusumba ivya poritike muri Angola, kandi amatora abonwa nk'igihe gihambaye c'uko haba impinduka z'ukuri."