Malawi - aho imirongo yo gutondera igitoro ishobora kuba miremire kurusha iyo gutora

Ifoto yo kuri station aho batondeye igitoro. Imodoka ziraboneka no mw'ibarabara zirindiriye kwinjira muri station.
    • Umwanditsi, Nomsa Maseko
    • Igikorwa, BBC Africa
    • Yakoze inkuru ari, Lilongwe na Mangochi

Umurongo w'abatondeye igitoro ushobora kuzosumba uw'abatondeye gutora ni co kintu kivugwa cane muri Malawi mu gihe buca baja mu matora kuri uyu wa kabiri.

Ubukene bw'igitoro bumaze igihe, hamwe n'ugucika kw'umuyagankuba, ubuzima buguma buzimba, inzara, ubukene, ubusumbane n'ubushomeri bw'abakiri bato, biza kwunyura akababaro k'abanyagihugu ngaha.

Abarondera ikibanza c'umukuru w'igihugu, ubushingamateka n'ubujenama bw'amakomine bariko bahiganwa nu gihe abanyagihugu bo bibaza niba hari ico bizoheza bigahindura.

Mu cerekana ko amafaranga akenye, nta kariro kenshi kari mu kwiyamamaza ugereranije no muri kahise. Kandi aho hose,ayo matora y'umukuru w'igihugu abonwa nk'aho ari ugusubiramwo ihiganwa hagati y'umukuru w'igihugu ahari ubu, Lazarus Chakwera, n'uwo yatsinze mu 2020, uwari umukuru ico gihe, Peter Mutharika.

Hari n'abandi bitoza 15.

Ariko harabuze agakuku ko kwiyamamaza kahora karanga amatora muri ico gihugu. Udupira twahora dutangwa ku buntu two gukwegakwega abantu ubu si twinshi.

N'ivyapa binini binini vyahora bimanikwa ku mabarabara ubu n'imparurwa.

Tugarutse ku mirongo y'abatondeye igitoro, ukwihangana biraruha bigasendwa, rimwe na rimwe n'ukwurwana bikajamwo.

Ifoto za Peter Mutharika i bubamfu - yambaye agakofero k'ubururu n'ishati y'ubururu icafyeko ibigori - na Lazurus Chakwera i buryo - mw'ikoti yirabura iriko ikimangu c'umugambwe wiwe. Bompi bariko baravuga mw'ikoraniro.

Ahavuye isanamu, BBC / AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Peter Mutharika (i bubamfu) na Lazarus Chakwera bamaze imyaka hafi 10 ari abakeba muri poritike
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ikibazo c'ubukene bw'ibitoro ni kimwe mu vyaranze imyiyamamazo. Chakwera yaragerageje kurondera ingene agisigura.

Mw'ijambo ryaciye ku mboneshakure iminsi umunani imbere y'uko amatora aba, yaremeye ko azi akababaro abanyagihugu bafise aranasaba imbabazi. Uwo mukuru w'igihugu yaciye ata ishavu ku bo yita abategetsi bamunzwe n'ibiturire abagiriza gutoba isoko ry'igitoro.

Uretse igitoro, no kuronka akazi bisigaye ari imbonekarimwe.

Mu kurondera ico bashira ku munwa, abakiri bato bagurisha igitoro mu macupa n'utubido ku giciro kingana incuro zitanu igiciro cashinzwe na reta.

Mu gisagara c'ubumanuko ca Mangochi, baranse ko tubavugisha, yamara, bariko barigirwa kure, bavuze ko ata kundi bari bugire atari ukuzimba abafise ingendeshwa kugira nabo baronke icorirenza n'icorikesha.

Mu gihe ivyo kurya vyaduze ibiciro ku rugero rurenga 30%, nayo imishahara itaduga, ubuzima buguma buzimba gusumba.

Iduga ry'ibiciro ryatewe n'ubukene bw'amafaranga mvamakungu, bwatumye bamwe mu barangura ibintu hanze baja kurondera amadorari kw'isoko rya magendo aho azimvye cane. Impera n'imperuka ingaruka zikaja ku muguzi.

Ingaruka z'izo ngorane z'ubutunzi ku bakiri bato zirashobora kuzogira uruhara muri aya matora - mu gihe mu biyandikishije gutora hafi umwe kuri babiri afise munsi y'imyaka 35.

Ariko abitoza mu bukuru bw'igihugu bo ni abatama. Chakwera afise imyaka 70, Mutharika nawe 85.

''Mu gihe bazoba bariko baratora, abakiri bato barakwiye kwiyumvira ubukene buhari. Umukuru w'igihugu azotorwa ategerezwa gutorera inyishu ikibazo c'ubushomeri kuko abakiri bato benshi nta kazi bafise,'' bivugwa na Monica Chinoko w'imyaka 33, akora mu murwa mukuru. Lilongwe.

Benshi mu bakiri bato babwiye BBC ko izi ngorane z'urutavanako zatumye agatima ko gutora gacurama.

''Uravye abitoza - biragoye cane guhitamwo kuko twarataye umwizero. Twaama twatoye ariko nta gihinduka,'' niko Ashley Phiri, w'imyaka 35, yavuze. ''Ariko nizeye ko uwuzotorwa ubu azohindura Malawi.''

Abantu isinzi bari mw'ikoraniro bashize amaboko hejuru. Bamwe inyuma bari hejuru kw'ikamyo.
Insiguro y'isanamu, Abashigikiye uwutavuga runmwe n'ubutegetsi Peter Mutharika bavuga ko ibintui vyari vyiza gusumba igihe yari umukuru w'igihugu

Urukurikirane rw'imodoka za Mutharika rwahagaze kenshi mu bigwati kw'ibarabara ryitiriwe Bakili Muluzi.

Hari aho yashitse umwe mu bamushigikiye aduza icapa canditseko ngo ''garuka ku kirimba c'umukuru w'igihugu'' aca avuga ko ubuzima bwari bwiza gusumba igihe yari umukuru w'igihugu.

Ahandi, mu myiyamamazo ya Mutharika nyene, umugore umwe akuze yadugije indobo nini aca asemerera ati ''ifumbire''.

Yashaka kwerekana ikibazo c'urugero rwa 80% rw'abantu b'abirimizi. Benshi muri abo batunzwe n'ivyo barima, amafaranga bakayaronka ku bicitseko bashora.

Chakwera yari yaremeye kugabanya igiciro c'ifumbire - ariko cabaye igihushane. Ubu igurwa incuro zitandatu ayo yagurwa mu 2019.

Umukuru w'igihugu ''yagirije imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi gukorana na bamwe mu bikorera ivyabo mu guhungabanya ibiciro vy'ifumbire'', niko ibiro vyiwe vyavuze. Yemereye abarimyi bato bato ko igiciro kizosubira hasi mu mugambi ugiye gutangura mu kwezi kuza.

Abashigikiye umugambwe MCP wa Lazarus Chakwera kw'ibarabara. roadside. Uwuri imbere hagati adugije igipfunsi yambaye agapira k'urwatsi rubi n'agakofero. Abandi bariko barazungagiza amabendera y'umugambwe.
Insiguro y'isanamu, Abashigikiye Lazarus Chakwera barizeye ko azosubira gutorwa

Chakwera ntiyorohewe cane muri iyi myaka itanu iheze ariko n'ubu arizeye gutsinda.

Avuga ko azoshira umutahe muri kazoza k'igihugu aho umwe mu migambi kuzoba ugushira amafaranga angana n'amadorari 290 kuri konte y'umwana wese azovuka inyuma y'ayo matora. Bazoshobora kuyakoresha bashikanye imyaka 18.

Uwundi yahoze ari umukuru w'igihugu, Joyce Banda - umukandida umwe rudende w'umugore - nawe yongeye kwitoza. Yiyemeje kurwanya ibiturire, guhindura ubutunzi no guteza imbere ibikorwa remezo mu gihugu hagati.

Abandi, barimwo Atupele Muluzi, Dalitso Kabambe n'uwuri icegera c'umukuru w'igihugu Michael Usi, bose bemeye impinduka zikomeye mu gihugu kiri mu vya mbere bikenye kw'isi.

Abo guhitamwo ni benshi, ariko ico abanya-Malawi bifuza ni uko uwuzotorwa wese kuri uyu wa kabiri -haba ku ngunga ya mbere canke habaye iyigira kabiri - yotuma hongerekana ivyo kurya hanyuma imodoka nazo zikaronka igitoro.