'Maze imyaka 30 ndara munsi y'ikiraro i Lagos'

Sa'adu aho arara munsi y'ikiraro i Lagos muri Nigeria
    • Umwanditsi, Mansur Abubakar
    • Igikorwa, BBC News, Lagos

Mu gihe amaze neza na neza inusu y'ubuzuzima bwiwe aba munsi y'ikiraro muri Lagos, igisagara ca mbere kinini muri Nigeria, Liya’u Sa’adu abona ko ari we ''ajejwe'' abandi benshi batagira aho barara bamaze kumusanga aho hantu.

Abagabo barenga 60 ubu baba muri uwo muryango wo ku gahinga - munsi y'ikiraro ca Obalenge kirangwa n'uruja n'uruza n'urwamo rwinshi cane hejuru yabo- kuko gupanga n'akaruri gato babonye ko batobishobora.

Sa'adu ni we agira inama abashasha - akenshi baba ari abahungu bakiri bato bavuye mu bisagara n'ibigwati vya kure cane - ingene bitondera kuba muri ico gisagara ibintu vyihuta cane, aho vyoroshe kwisanga mu bukozi bw'ikibi n'ibiyayuramutwe.

''Ubu mfise imyaka 60 kandi hari abahungu bakiri bato bamaze amezi make canke imyaka mike gusa bashitse ngaha. Jewe mbona ko ari inshingano zanje kubereka ingene bigenza,'' ni ko yabwiye BBC.

''Ngaha i Lagos biroroshe cane gutakara, cane cane ku bakiri bato, kuko ata muryango uhari wo kubakurikirana.''

Co kimwe n'abandi benshi baba munsi y'ikiraro, avuga iki-Hausa, ururimi rwa mbere ruvugwa cane mu buraruko bwa Nigeria.

Yashitse ngaha avuye mu gisagara gito ca Zurmi mu ntara ya Zamfara iri mu buraruko bushira uburengero bwa Nigeria mu 1994 - ariko abari babaye abagenzi ico gihe ubu bose barapfuye canke barimutse basubira iwabo iyo bari baje bava.

Tukur Garba, amaze imyaka itanu atanguye kuba munsi y'ico kiraro, avuga ko impanuro za Sa'adu zabaye ngirakamaro cane kandi arubaha cane abashika baje kugerageza kurondera ubuzima ku murwa mukuru w'ubutunzi wa Nigeria.

Uwo mugabo w'imyaka 31 ava mu ntara ya Katsina iri mu buraruko , hafi 1000km uvuye Lagos.

Avuga ati: ''[Sa-adu) dufata ko ari nka mukuru wacu kuko amaze igihe kirekire ngaha. Turakeneye amajambo yiwe y'ubwitonzi kuko biroroshe cane kugirira ingorane muri Lagos.''

Sa'adu n'abo babana munsi y'ikiraro
Insiguro y'isanamu, Abakiri bato bagize ikiraro i muhira bahanze amaso Liya’u Sa’adu
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ubu ico kibanza cataziriwe "Karkashin Gada", mu ki-Hausa bikaba bisigura ''Munsi y'ikiraro''.

''Abantu baza ngaha baba bazi umuntu asanzwe ahaba canke bafise uwababwiye ivyerekeye Karkashin Gada,'' ni ko Sa'adu avuga.

''Igihe naza ngaha hari abantu badashika 10.''

Adamu Sahara, amaze imyaka irenga 30 aba mu nzu iri hafi ya Karkashin Gada, avuga ko abantu batagira aho barara baguma baba benshi muri Lagos.

''Umutekano muke [ harimwo intureka y'abitwaza idini rya Islam] hamwe n'ibibazo vy'ubutunzi vyatumye abantu benshi bahunga Nigeria y'uburaruko,'' nk'uko bivugwa na Sahara.

''Abategetsi ba Nigeria barakeneye kumenya ibiriko biraba kugira babitorere inyishu kuko nta muntu yari akwiye kurara munsi y'ikiraro.''

Uwo amaze imyaka myinshi kurusha abandi bose aba Karkashin Gada nta mugambi afise wo gusubira muri Zamfara kuko amahirwe y'ukuronka ingene abaho n'ubu ari make cane, ukunyuruza n'ubusuma na vyo bikaba ari vyinshi.

Ibi vyatumye abantu bata ibikorwa n'amararo vyabo kuko bashobora kugirwa imbohe n'imigwi y'inkozi z'ikibi irondera amafaranga y'ingwati kugira irekure abo iba yanyuruje.

Kugira ashobore kurara neza aho hantu uko bishoboka kwose, Sa-adu yaraguze imatera, ivyo kwisasira no kwifuka, igisandugu c'imbaho hamwe n'umusegetera w'imibu.

Yashize iyo matera hejuru y'ico gisandugu, aho rero ni ho aryama.

Imodoka zunguruza abantu muri Nigeria

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Impande y'ico kiraro ca Obalende hari igituro kinini c'imodoka zunguruza abantu

Sa'adu ari mu babayeho neza kuko bamwe bamwe mu baba munsi y'ico kiraro batagira ivyo baryamako n'aho babika utwabo, bagasangira imikeka baryamako bashashe hasi.

Iciza ni uko ivyago vy'uko bibwa ari bike kuko ''ababa'' Karkashin Gada akenshi bama bari hafi, bariko barakora canke bari mu mwanya wabo w'akaruhuko.

Bose bakoresha ubwogero n'akazu ka surwumwe rusangi bariha ama naira (ifaranga rya Nigeria ) 100 ugiyeyo rimwe (ni nk'amarundi hafi 180 ku rugero rwo muri banki) uko ugiyeyo.

Guteka -canke gucana, no mu gihe c'imbeho nyinshi - biba gake cane muri Karkashin Gada kuko benshi mu bahaba bagura ivyo kurya ku babicuruza bagurisha ivyo abaturuka mu buraruko bamenyereye.

Aisha Hadi ni umwe muri abo. Yabwiye BBC ati: '' Aha ni hamwe mu hantu ubona abantu benshi baturuka mu buraruko bwa Nigeria, nca ngurisha rero fura [ifu y'uburo ivanganye n'amata y'ikivuguto] kandi ndashima ko abantu benshi bagura.''

Mu myaka 30 abaye i Lagos, Sa'adu yavuye ku gusiga ibirato aja kugurisha ivyuma bishaje agenda aratoratora mu mabarabara akabigurisha ku bantu baja gusubira kubihinguramwo ibikoresho.

Abikuramwo ama naira hafi 5.000 ($3 canke hafi 10.000 vy'amarundi) ku munsi, amafaranga ari hejuru y'umurongo w'ubukene ucirirwa kuri $1,90 ariko n'ubundi adakwiye kugira abeho neza.

''Aho ntiwibagire ko ntegerezwa no kurungikira amafaranga umuryango i Zamfara buri ndwi, urumva ni urugamba namako,'' ni ko Sa'adu avuga.

Sa'adu ariko aramenagura ivyuma
Insiguro y'isanamu, Yicaye munsi y'ikiraro, Liya’u Sa’adu abanza kumenagura ivyuma yatoraguye imbere y'uko abigurisha

Igitigiri c'abaryama mu mabarabara muri Lagos ntikizwi, ariko amashirahamwe ategamiye reta avuga ko bashobora kuba bangana na 500.000.

Muri aya mezi aheze ababa Karkashin Gada bararemerewe cane n'abajejwe ibidukikije mu gisagara ca Lagos.

Abakozi bacu rimwe na rimwe baraja kuhasuzuma kuko bavuga ko abantu bahabaye mu buryo buteye kubiri n'amategeko.

Abafashwe bashobora gutangishwa ihadabu rishika ku 20.000 vy'ama naira ($12 canke hafi 36.000 vy'amarundi), angana n'ayo benshi muri abo baba munsi y'ikiraro binjiza ku ndwi.

''Baza nk'isaha indwi canke umunani z'ijoro gufata abantu baryama ngaha. None bashaka tuje he?'' ni ko Garba avuga, yamara ngo mu gitondo nka bose baba bagarutse.

Asaba reta kugira impuhwe, no ''kwiga ikibazo c'uburaro kugira abantu bakenye nka twe baronke ahantu heza ho kurara''.

Ariko muri Nigeria reta ntiha uburaro abatagira aho barara. Kandi nta n'umugambi wo kubikora uhari.

Ahubwo, ubu reta ishimikiye ku mugambi wo gufasha abantu bahembwa amafaranga make - nk'abakora akazi k'isuku, abashoferi n'abatwara ubutumwa mu biro - kugura uburaro.

Ku bantu nka Sa'adu, inzu iyo ari yo yose i Lagos ntiyoyubahuka - gupanga agasago ahantu ruhebwa bisaba naira 100.000 (hafi 144.000 vy'amarundi) ku mwaka, naho muri karitiye y'abakozi babayabaye, inzu ntoya ni hafi naira 350.000 (hafi 660.000 vy'amarundi) ku mwaka.

Aho bigoreye gusumba, benshi muri bene amazu basaba kuriha imbere amafaranga y'umwaka wose, kandi aho reta ikaba ata mugambi ifise wo gucungera ico gisata c'uburaro mu gihe ubuzima buguma buzimba butuma n'abahembwa umushahara ufadika bisigaye bibagora gupanga inzu.

Mu gihe bimeze uko, abantu nka Sa'adu nta yandi mahitamwo bafise atari ukubandanya baba munsi y'ikiraro ca Obalende.

''Ndavye ivyo nkora, biragoye kuziganya kugira ndonke ahantu heza ho kuba,'' ni ko avuga aho aryamye ku matera yiwe n'urwamo rw'imiduga hejuru yiwe.

''Naramaze kumenyera urwamo rw'imiduga. Ntirumbuza itiro na gato na cane cane iyo ntashe narushe,'' ni ko abandanya avuga.