Abafana ba Arsenal bafashwe muri Uganda nyuma yo kwigina intsinzi kuri Manchester United

Abafana ba Arsenal bashika kuri batandatu batawe muri yombi mu muji wa Jinja muri Uganda nyuma yo kwigina mu kavyiniro intsinzi ya Arsenal kuri Manchester United mu rukino rw’ihiganwa ry'umupira w'amaguru, Premier League, ryo mu Bwongereza.

Abo bafana bari bambaye umupira utukura wambarwa n’abakinyi b’iyo kipe banitwaje igikombe c’ikimenyetso.

Igipolisi kuvuga yuko batari bafise uruhusha rwo gukora ivyo birori bifatwa nko guhungabanya umutuzo w’abanyagihugu.

Arsenal yinjije igitsindo c’incamugonga kuri mukeba United ku munota wanyuma w’urukino rw’ejo kuwa Mungu ica itahukana intsi ya 3-2.

Iyo ntsinzi yatumye Arsenal ica igira amanota atanu isumvya iyiyikurikira ku rutonde, bikaha icizere abafana b’iyo kipe hose kw’isi yuko iyi kipe ishobora guheraheza ukurindira kumaze imyaka 19 idatwara igikombe ca Premier League.

Abo bafana ba Arsenal bari bari mu rugendo mu rukurikirane rw'imiduga itanu mu gitondo c’uno wambere igihe bahagarikwa n’abapolisi. Umwe muri bo yari yitwaje igikombe baguze mu kaguriro kari hafi.

Umufana wa Arsenal Baker Kasule yasubiwemwo n’igitangazamakuru co muri Uganda, Daily Monitor, agira ati “Sinzi ico twakoze ariko twariko turigina intsinzi yacu kuri bakeba Manchester United”.

James Mubi, umukuru w’igipolisi muri ako karere akaba kandi ari n’umufana wa Arsenal, yabariye BBC ko atihweje ico abo bafana baregwa ariko akibaza igituma bariko barigina kandi ihiganwa ariho rikigera hagati.

Ati “Vyogenda gute habaye ugukozanyako n’abafana batsinzwe bababaye? Ntibabwiye igipolisi ngo gikingire umutekano wo kwigina kwabo”.

Ariko Bwana Mubi yiyamirije ibivugwa yuko ukwo gufatwa kujanye n’ukwama kuba gutumbereza abanywanyi b’umugambwe utavuga rumwe na leta nawo ukoresha ibara ritukura.

Agather Atuhaire, umunyamategeko akanaharanira agateka ka muntu, yabariye BBC ko igipolisi ca Uganda “kiguma gikoresha igikenya naho sentare y’ibwirizwa shingiro yakuyeko ingingo ruhasha zoze zagiha uburenganzira bwo kwaka abantu uburenganzira bwo kwishira hamwe”.