Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umwamikazi Elizabeth II: umugabo yitavye ibirori vyo kumusezera muri Hong Kong arapfunzwe
Umugabo wo muri Hong Kong yari yagiye ku biro vy’ishami ry’ubuserukizi bw’Ubwongereza (consulat) ku wa mbere mw’ijoro mu birori vyo gusezera ubwa nyuma Umwamikazi Elizabeth II, ari kumwe n’abandi bari bagandaye, yatawe muri yompi.
Amakuru ava muri ico gihugu avuga ko uyu mugabo w’imyaka 43 yaririmvye indirimbo zitari nke akoresheje harmonica, harimwo n’izifitaniye isano n’imyiyerekano yo muri 2019, hamwe n’ururirimbo rw’igihugu rw’Ubwongereza.
Yapfunzwe hisunzwe itegeko ryo mu gihe c’ubukoloni ryerekeye kugumura igihugu, nk’uko igipolisi cabibwiye BBC.
Gushika mu gihe kitari ica kure, ni gake abashikirizamanza bakoresheje iri tegeko.
Ariko mu mezi make aheze, ibitigiri vy’abantu bakurikiranwa hisunzwe iri tegeko vyagiye vyiyongera, harimwo abahinga batanu mu kuvura ingorane zo kuvuga, aho mu ntango za kuno kwezi bagiriwe n’icaha co gukwiragiza ibitabo vy’abana “vyatera ubugumutsi”.
Amashusho yakwiragijwe cane ku mbuga hwaniro yerekana uyu mugabo ahagaze hanze y’ibi biro vy’ubuserukizi ariko aravuza ururirimbo akoresheje harmonica yiwe ruvuga ngo "Glory to Hong Kong" (mu Kirundi twosigura tuti ‘Hong Kong ininahazwe’), ururirimbo rwakoreshwa mu myiyerekano yo mu 2019 y’abaharanira intwaro rusangi.
Isinzi ry’abantu bari biyegeranije kugira ngo bakurikirane ikibiriraho ukungene ibirori vyo gushingura umwamikazi vyariko biragenda, baboneka bariko bararirimba bakurikira uwo muziki.
Amajambo y’uru ruririmbo avuga ngo “amarira ku butaka bwacu”, bakongera kandi bakavuga ngo “demokarasi n’ubwigenge”.
Igipolisi cabwiye BBC ko uyu mugabo yahagaritswe yikekwa ko “yari afise intumbero yo kugumura abanyagihugu”.
Abanyagihugu ba Hong Kong bari bamaze indwi batonze imirongo mu kiringo c’amasaha atari make mu kwibuka Umwamikazi, igitigiri gishobora kuba gifatwa ko ari co kinini c’abantu berekana urukundo bari bafitiye uyu Mwamikazi hanze y’Ubwongereza.
Iki gisagara, cahoze gitwarwa gikoloni n’Ubwongereza, casubijwe Ubushinwa mu 1997.
Mu masezerano bagiriraniye igihe Ubwongereza bushikiriza iki gisagara, Ubushinwa bwaremeye ko buzorongora Hong Kong mu ntwaro ishingiye ku cemezo c' “igihugu kimwe, intwaro zibiri”, aho iki gisagara gifise “urugero rutari ruto rw’ubwigenge, kiretse mu bijanye n’imigenderanire hamwe no kwivuna abansi” mu kiringo c’imyaka 50 iri imbere.
Ariko ibikorwa vyo guhasha imyiyerekano, itegeko Ubushinwa bwashizeho rijanye n’ibibazo vy’umutekano hamwe no kwemerera gusa “abenegihugu” ko baba aribo batwara igihugu, abatari bake babibona nko kurenga ku vyo biyemeje.