229 bamaze gutorwa bishwe n'imihindimuko y'imisozi muri Ethiopia

Isinzi ry’abantu bakoraniye ahabaye umuhindimuko w’isi muri Ethiopia

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abantu benshi bahuriye aho vybereye
    • Umwanditsi, Kalkidan Yibeltal i Addis Ababa na Christy Cooney i Londres
    • Igikorwa, BBC News

Abariko baratabara gushika ubu bamaze gutora ibiziga vy'abantu 229 bishwe n'imihindimuko ibiri y'imisozi mu bumanuko bwa Ethiopia, nk'uko umutegetsi w'aho yabwiye BBC.

Iyo mihindimuko yabaye ku wa Mungu ku mugoroba no ku wa mbere mu gitondo, inyuma y'aho hagwiriye imvura y'isegenya mu misozi y'akarere ka Gofa.

Abategetsi b'aho bavuga ko igikorwa co gutabara ''kibandanya n'umwete mwinshi'' ariko ko ''igitigiri c'abapfuye gishobora kuduga''.

Amashusho yerekana abantu isinzi bakoraniye aho vyabareye mu gihe abandi bariko barimba mu micafu barondera abari munsi y'ivyondo.

Muri ayo masanamu biraboneka ko inyuma y'aho abantu bahagaze hari umusozi wasenyutse igice aho haboneka ikirundo c'ivu ry'inginagina.

Umukuru w'akarere ka Gofa, Dagmawi Ayele, yabwiye BBC ko mu bapfuye harimwo abakuze n'abana, mu gihe abantu 10 batabawe ari bazima bariko baravurirwa mu bitaro.

Imvura nyinshi yatumye umusozi uhindimuka ku wa Mungu, hanyuma mu gihe abaporisi, abigisha n'ababa mu micungararo bariko barita ku rutare batabara ku wa mbere, haciye haba umuhindimuko ugira kabiri, nabo urabahamba mu vyondo, nk'uko Dagmawi yavuze.

''N'ubu turacimba,''niko yabwiye BBC.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Gofa ni igice c'intara izwi nka Ethiopia y'ububanuko, iri ku 320km mu bumanuko bushira ubuseruko bw'umurwa mukuru, Addis Abeba.

Iyo ntara iri mu bice vya Ethiopia vyaguyemwo imvura nyinshi bibamwo n'imyuzure idasanzwe muri aya mezi aheze, ku bw'ishami ONU rihuza ibikorwa vy'imfashanyo y'abari mu kaga (Ocha).

Ariko ihindimuka ry'imisozi n'imyuzure si bishasha muri ico gihugu. Muri Rusama (ukwezi kwa gatanu) mu 2016, abantu batari munsi ya 50 baraguye mu myuzure n'imihindimuko y'imisozi kubera imvura nyinshi mu bumanuko bw'ico gihugu.

Hari ibituma vyinshi haba imyuzure, ariko ubushuhe buguma bwiyongera mu kirere biturutse kw'ihindagurika ry'ibihe butuma hashobora kurwa imvura y'umurengera.

Ubushuhe kw'isi bumaze kwongerekana ku rugero rwa 1,2C kuva hatanguye igihe c'umuzo w'amahinguriro, harashize nk'imyaka 250, kandi buzoguma bwongerekana kiretse ibihugu kw'isi bifashe ingingo zikomeye zo kugabanya imyuka yisuka kandi ihumanya mu kirere.